Amakuru agizwe n'Amashusho Arimwo Ububisha

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Turazi ko abantu batakira kumwe amasanamu yerekana ububisha mu buryo bweruye. Kugira ngo dukingire abanywanyi bacu amakuru nkayo, turakurako amakuru yose arimwo ububisha bweruye tukongera tugashirako akajambo ko kugabisha ku yandi makuru arimwo ububisha bugaragara cane kugira ngo abantu bamenye ko bishobora kubabangamira imbere yo kuvyugurura. Turaka ububasha abakoresha urubuga bato bwo kubona amakuru ashobora kuba atabereya canke adahuye n'imyaka kuri bo. Mu kubikora, dufise intumbero yo gutanga ubumenyi bubereye uwukoresha urubuga, mu gihe tubandanya dutanga ikibanza ku bakoresha urubuga bacu gushikiriza ivyiyumviro.
Turazi neza ko abanywanyi bashobora gusangiza abandi amakuru mu ntumbero yo kwerekana neza canke gutera ivyatsi ibikorwa bitandukanye nko guhonyanga agateka ka zina muntu canke indwano. Iyo amakuru asangijwe muri ubwo buryo amategeko yacu aravyemera kandi aratanga akaryo ko kubiganirako no gukangurira abantu kubimenya.
Ku kumenyekanisha kwatangiwe amahera, turatanga ugukinga kw'inyongera. Nk'akarorero, amakuru yagaragaye ko ashobora kubangamira umuntu ntitwemera ko akoreshwa mu bimenyekanisha. Turanka kandi ko ibimenyekanisha bibamwo amasanamu n'amareresi ateye ubwoba, ashisha, canke abangamira abayabonye. Kugira uronke ayandi makuru, raba Amategeko yo Kwisunga mu Kumenyekanishayacu.
Ntushire ku rubuga:
Amasanamu y'abantu
Amareresi y'abantu, bariho canke ybapfuyr, mu kibanza atari kwa muganga igihe yerekana
  • Guhimbagura umuntu mu bihimba.
  • Ibihimba vy'umubiri bigaragara, nk'ibice vy'umubiri biri ahabona, amagufa, canke inyama z'abantu bazima canke bapfuye;
  • Abantu baturiwe canke bacitse umunyota; canke
  • Guca izosi.
Kwerekana ikibiriraho igihano co gupfa.
Sadistic Remarks
Amajambo yo gukindaga ni ivyo umuntu yashikirije - nk'insiguro canke iciyumviro - cerekana umunezero canke guhimbarwa kubera umuntu canke igikoko vyaciye mu mubabaro canke yamaramajwe.
Turakurako
  • Amajambo y'agacokoro yavuzwe kw'isanamu (yaba amareresi canke amasanamu asanzwe) isanzwe ifise ubutumwa bugabisha hisunzwe iri tegeko, bumenyesha abantu ko ibiri muri iyo sanamu bishobora kugira uwo bihungabanya; kiretse iyo iyo sanamu yerekana ibikorwa vyo kwikingira (akarorero: ireresi y'umuntu ariko aragerageza kwigwanira yatewe n'ibisuma bifise ibigwanisho) canke vyo mu bijanye n'ubuvuzi (akarorero: isanamu y'abahinga mu vy’ubuvuzi bariko barabaga umuntu).
  • Amajambo bigaragara ko ari ay'agacokoro yavuzwe ku bikoko bibabaye vyerekanywe mu masanamu, n'amasanamu yerekana ibikoko bikiri bizima gushika bipfuye.
  • Gutanga canke gusaba amasanamu yafuswe canke yashizweko ikimenyetso c'ubutumwa bugabisha nk'uko aya mategeko abisaba, igihe akurikijwe n'amajambo y'agacokoro.
Kuri aya makuru akurikira, turashirako ikimenyetso c'ubutumwa bugabisha kugira ngo abantu bamenye ko harimwo ubutumwa bushobora guhungabanya umuntu. Turongera kandi tukagabanya abashobora kubona ayo makuru, tukemerera gusa abakuze, bafise imyaka 18 canke irenga:
Amasanamu y'abantu
Amareresi y'abantu, bariho canke bapfuye mu kibanza atari kwa muganga igihe yerekana
  • Guhimbagura umuntu mu bihimba.
  • Ibihimba vy'umubiri bigaragara, nk'ibice vy'umubiri biri ahabona, amagufa, canke inyama z'abantu bazima canke bapfuye
  • Abantu baturiwe canke bagizwe umunyota, harimwo n'ibibanza vyo gutuririramwo abapfuye; canke
  • Guca izosi.
Amasanamu asanzwe y'abantu, bariho canke bapfuye mu kibanza atari kwa muganga igihe yerekana
  • Guhimbagura umuntu mu bihimba.
  • Ibihimba vy'umubiri bigaragara, nk'ibice vy'umubiri biri ahabona, amagufa, canke inyama z'abantu bazima canke bapfuye;
  • Abantu baturiwe canke bacitse umunyota; canke
  • Guca izosi.
Amasanamu (amareresi n'amasanamu asanzwe) agaragaza urupfu ruteye ubwoba rw'umuntu (harimwo n'igihe yapfiriye canke inyuma yo gupfa) canke umuntu ari mu kaga (nk'umuntu agonzwe n'imodoka, akorotse ava ahantu hejuru cane, canke ariko arahura n'izindi ngorane zikomeye).
Amasanamu yerekana umuntu ahanishwa urubanza rwo gupfa (hataromwo ireresi y'ikibiriraho).
Amasanamu yerekana ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi (akarorero: ibikorwa vyo gukora ibibi canke kubangamira ubuzima bw'abantu batswe umwidegemvyo ku nguvu) vyakorewe umuntu canke umugwi w'abantu.
Amasanamu yerekana ibikoresho atari ivyo kwa muganga (akarorero, imbugita, imisumari, canke ibindi bikoresho vy'icuma) bitobora uruhu.
Amasanamu yerekana amenyo y'umuntu yavunitse, ariko arava amaraso, amenyo yakuweyo ariko haboneka amaraso; canke ishirwamwo ry'ibikoresho bitamenyerewe mu menyo canke mu binyigishi.
Amasanamu yerekana abana bakiri mu nda n'inzoya ziri hanze y'inda z'abagore bapfuye, kiretse igihe hariho uwundi muntu muri iyo sanamu.
Amasanamu y'ibikoko
Amasanamu ayo ari yo yose y'ibikoko, bizima canke vyapfuye, – yerekana guhimbagurwa mu bice, ivyo mu nda biboneka, vyaturiwe canke vyabaye umunyota, canke bitetswe mu mazi bitarapfa.
Amasanamu yerekana ibikoko bikiri bizima gushika bipfuye.
Amasanamu yerekana abantu bariko barakora ibikorwa vy'ubunyamaswa ku bikoko bikiri bizima (akarorero: gukubita umugere ibikoko, kubidwibika mu mazi canke kubikurako amubi).
Kuri aya makuru akurikira, turagabanya abashobora kuyabona, tukemerera gusa abakoresha urubuga, bafise imyaka 18 canke irenga:
Amasanamu y'abantu
Amasanamu yerekana abantu bapfuye bagaragara igice canke bari gusa, naho hataba hariho ibimenyetso vyerekana ko bapfuye urupfu rubi.
Amasanamu yerekana abana bakiri mu nda n'inzoya ziri hanze y'inda z'abagore bapfuye, igihe hariho uwundi muntu muri iyo sanamu.
Amasanamu yerekana inshinge zitobora urukoba rw'umuntu kiretse mu bijanye no gucandaga, kuvura mu gucumita umuntu udushinge canke gutora indwara mu gucumita umuntu udushinge ata miti ikoreshejwe, kwishushanyako tatiwaje, canke mu bijanye n'ibikorwa bitobora uruhu.
Amashusho yerekana abantu bakomeretse mu bikorwa vy'ubuvuzi igihe basa n’abababaye canke bari mu gahinda, bakomeretse, canke bariko uturingoti two kwa muganga mu maso no/canke ku maboko.
Amasanamu yerekana imyanda iva mu mubiri w'umuntu n'ibiseseka biwuvamwo (akarorero: amazirantoke, umukoyo, ibidahwe, ubukurugutwi, ibiseru, ibiva mu rukoba, canke amaraso).
Amasanamu yerekana imiduga iriko irasha canke iraturika, canke yerekana impanuka iteye ubwoba iturutse ku muvuduko udasanzwe w'imodoka ikiba canke inyuma yaho kandi biri kumwe n'ibindi bintu, aho imodoka ita inzira hanyuma/canke ikibanza cicaramwo uwuyitwara canke uwutwawe kikononekara rwose.
Amasanamu y'ibikoko
Amasanamu yerekana ibikoko, bizima canke vyapfuye, hari amaraso aboneka.
Amasanamu yerekana ibikoko biriko biravyara (akarorero: amaraso agaragara canke ivyo mu nda biri ahabona).
Amasanamu yerekana ibikoko, bizima canke vyapfuye, igihe hari udukoko turiko turasohoka muri vyo (akarorero: inyo canke imisiba).
Amasanamu yerekana ibikoko vyakomeretse bimerewe nabi.
Amasanamu y'Ibintu Bitabaho
Amasanamu yerekana abantu batabaho mu bihe bikurikira:
  • Guhimbagura umuntu mu bihimba;
  • Ibihimba vyo mu nda bigaragara, nk'ibihimba vy'umubiri biri hanze, amagufa, canke inyama;
  • Abantu baturiwe canke bacitse umunyota;
  • Guca izosi; canke
  • Impfu ziteye ubwoba canke ibihe biteye ubwoba.
Amasanamu yerekana abantu batabaho mu buzima bwa misi yose asa n'ifoto y'ukuri (aho ayo masanamu asa n'ifoto canke ireresi y'umuntu azwi), muri ibi bihe bikurikira:
  • Ibikoresho bidakoreshwa kwa mugangai (akarorero: imbugita, imisumari, canke ibindi bikoresho bikozwe mu cuma) bitobora uruhu;
  • Imyanda iva mu mubiri w'umuntu canke ibimeze nk'amazi biwuvamwo (akarorero: amazirantoke, umukoyo, ibidahwe, ubukurugutwi, ibiseru, canke ibiva mu rukoba), kiretse amaraso;
  • Inzoya zapfuye canke umwana yarari mu nda atarakura hanyuma akavayo;
Amasanamu yerekana ibikoko bitabaho ariko umenga bisa n'ivy'ukuri, mu bihe bikurikira:
  • Guhimbagura umuntu mu bihimba;
  • Ibihimba vyo mu nda bigaragara, nk'ibihimba vy'umubiri biri hanze, amagufa, canke inyama;
  • Ibikoko vyahiye canke vyacitse umunyota;
  • Ibikoko vyatetswe ari bizima;
  • Hariko amaraso;
  • Ibikoko bikiri bizima gushika bipfuye;
  • Abantu bariko barakora ibikorwa vy'ubunyamaswa (akarorero: gukubita umugere ibikoko, kubidwibika mu mazi canke kubikurako amababa ) ku bikoko bikiri bizima;
  • Ibikoko vyakomeretse bimerewe nabi
  • Ibikoko biriko udukoko turiko turasohoka muri vyo (akarorero: inyo canke imisiba).
Ku bijanye n'Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Ntitwemerera:
Amasanamu canke amajwi birimwo urupfu ruteye ubwoba rw'umuntu igihe urupfu rw'uwo muntu rwemejwe mu rutonde rw'abashira mu ngiro amategeko, n'ikarata y'uwapfuye, na raporo y'Umufatanyabikorwa Yemewe canke n'icegeranyo c'ibinyamakuru kandi incuti y'uwo yitavye Imana iriko irasaba ko bikurwako.
Ireresi yerekana abantu bahiye canke bacitse umunyota bariko baritanga nk'incungu kugira biyamirize ikintu kanaka.
Turashobora kwemerera:
Amasanamu y'urupfu rubi rw'umuntu canke ayerekana ubuzima bwiwe bubangamiwe mu gihe bishitse mw'isanganya
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku bijanye n'amakuru agizwe n'amashusho arimwo ububisha
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha