Ubugizi bwa nabi no Kugumura abandi

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Twipfuza gukinga ukugirira nabi abandi gushobora gushika kutabereye ku rubuga ariko gufitaniye isano n'amakuru ari ku mbuga zacu. Naho dutahura yuko abantu muri rusangi bashobora kugaragaza gushishwa canke kutemera ivyo abandi bavuze mu kubatera ubwoba canke guhamagarira abandi gukora ubugizi bwa nabi mu buryo bwo gutebura, turahanagura ku rubuga rwacu imvugo yose ihamagarira abantu canke ifasha abantu gukora ububisha n'iterabwoba riboneka ko ari iry'ukuri ku mutekano w'abantu muri rusangi canke w'umuntu umwe ku giti ciwe. Muri ivyo harimwo imvugo iturira yibasiye umuntu umwe canke umugwi w'abantu hisunzwe ibibaranga bikingiwe canke bifatiye k'ukubera uwo muntu ari impunzi. Turakura ku rubuga amakuru, tukugara konte tukongera tugakorana n'inyamiramabi iyo tubonye ko hashobora kubaho ubugizi bwa nabi canke guhungabanya umutekano rusangi. Turagerageza kandi gusuzuma imvugo yakoreshejwe n'intumbero yakoreshejwemwo kugira ngo dutandukanye imvugo yo gutebura canke amakuru ashobora kuba ari ayo gukangurira abantu kumenya ikintu n'amakuru bigaragara ko ashobora kugirira nabi abantu muri rusangi canke umuntu umwe ku giti ciwe. Mu kugaragaza ko koko ayo makuru ashobora gutera ingorane, turashobora kandi kuraba ayandi makuru nk'ayerekeye ko uwo muntu ari umuntu w'icamamare hamwe n'ingorane ashobora kugira zerekeye umutekano wiwe.
Rimwe na rimwe, turabona ko hari ubugizi bwa nabi bushobora kuba bivanye n'abipfuza ko buba canke abavuga ko butegerezwa kuba hadakozwe ikintu kanaka, harimwo n'amajambo agaragaza ko hashobora kuba ubugizi bwa nabi, ku bantu bari mu migwi y'iterabwoba canke abandi bantu bakora ububisha (akarorero "abari mu migwi y'iterabwoba bakwiye kwicwa," "Nizere ko abari mu migwi y'iterabwoba bwicwa"). Tubifata nk'ibitari vyo, kiretse hari ibimenyetso bitwereka ibinyuranye n'ivyo.
Dukurako:
Dukurako iterabwoba ry'ubugizi bwa nabi rigamije gukorerwa abantu kanaka. Iterabwoba ry'ubugizi bwa nabi ni amajambo canke ibimenyetso biboneka vyerekana imigabo, icipfuzo, canke guhamagarira abandi gukorera ikibi umuntu kanaka, kandi iryo terabwoba rishobora kugaragara mu bwoko butandukanye bw'amajambo nk'amajambo y'ivyipfuzo, guhamagarira abandi gukora, kuvugira, amajambo y'icizere hamwe n'ay'ivyipfuzo.
ntitubuza iterabwoba iyo risangijwe abandi mu ntumbero yo kubakangurira kurimenya canke mu ntumbero yo kuritera ivyatsi, iyo ari iterabwoba ridakaze cane ryahabaye mu nkino zisaba gukoranako, canke ari iterabwoba rigiriwe zimwe mu nkozi z'ikibi, nk'imigwi y'iterabwoba.
Ugukingira abantu bikorerwa abantu bose
Buri muntu wese arakingirwa iri terabwoba rikurikira:
  • Iterabwoba ry'ubugizi bwa nabi rishobora gutuma hapfa abantu (canke ubundi bubisha bukomeye)
  • Iterabwoba ry'ubugizi bwa nabi rishobora gutuma hapfa abantu (canke ububisha budakomeye cane). Dukurako iryo terabwoba rigamije kugirira nabi abantu b'ivyamamare n'iyindi migwi tudafatiye ku biranga umuntu bikingiwe igihe tubonye ko ari ivy'ukuri kandi turanabikurako no mu gihe bigamije gukorerwa abandi bantu (harimwo n'imigwi y'abantu ifise ibiyiranga bikingiwe) naho tutaba dufise ivyemezo vyose vyerekana ko ari ivy'ukuri
  • Amajambo umuntu avuga yemera ko yakoze ububisha bukomeye cane canke budakomeye cane (mu nyandiko canke mu mvugo, canke yerekanwa n'uwakoze ayo mabi canke uwo bafatanije), kiretse igihe asangijwe abandi mu ntumbero yo kwikiza, kwigwanira, mu nkino zituma abakinyi bakoranako (budakaze cane canke busanzwe) canke igihe bukozwe n'abajejwe kuraba ko amategeko yubahirizwa, abasirikare canke inzego za reta zijejwe umutekano
  • Amakuru y'iterabwoba canke amasanamu vy'inyuruzwa ry'abantu, kireste iyo bigaragara ko ayo makuru ariko atangwa n'uwanyurujwe canke umuryango w'uwanyurujwe mu ntumebero yo gutabaza, canke asangijwe abandi mu buryo bwo kubimenyesha abantu, kuvyiyamiriza canke gukangurira abantu kwiyubara
Ubundi buryo bw'ugukingira abantu bugenewe Abakuze Kanaka, Abana Bose, abantu bashobora gushikirwa n'ivyago umwanya uwo ari wo wose n'abantu canke imigwi bitowe hisunzwe ibiranga umuntu bikingiwe:
Hambavu y'ugukingira abantu bikorerwa abantu bose muri rusangi, abantu bose bakuze atari abasanzwe (igihe aribo ubwabo babidomyeko urutoke), abana hamwe n'abandi bantu canke imigwi babangamiwe kubera ibiranga umuntu bikingiwe, barakingirwa ubugizi bwa nabi budakabije.
Ubundi bugizi bwa nabi
Hambavu y'urwo rutonde rwose rw'ivyo dukingira abantu duhejeje kudondagura, turakurako ibi bikurikira:
  • Amajambo asaba yuko, atanga, canke agaragaza kwemera ko umuntu yemeye gutanga ubufasha mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi bukomeye (akarorero abicanyi babigize umwuga, abacangero, abicanyi, guca agace ko mu gitsina c'abigeme) canke ahimiriza abantu ngo bakoreshe ubwo buryo
  • Inyigisho z'ingene umuntu ashobora gukora canke gukoresha ibirwanisho igihe hariko hakoreshwa imvugo itomora neza ko biriko bikorwa mu ntumbero yo gukomeretsa abantu bikomeye canke kubica, canke amasanamu yerekana canke amera nk'ayerekana ibizoshikwako, kiretse bikozwe mu ntumbero itari iyo kugira nabi nk'ibikino vy'ukwivuna umwansi (akarorero, imyimenyerezo ya gisirikare, inkino za karate) n'imyimenyerezo ya gisirikare
  • Inyigisho z'ingene bakora bakongera bagakoresha ibisasu bituritswa, kiretse bigaragaye neza ko ayo makuru atagamije ububisha, akoreshwa nko mu kwinezereza (akarorero, uguturitsa mu kirere ibintu biturika, udukino tw'ireresi dufise intumbero yo kumenyekanisha ibintu , canke mu burovyi)
  • Gutera ubwoba bwo gufata ibirwanisho canke gutwara ibirwanisho mu kibanza kanaka canke kwinjira ahantu kanaka ku nguvu (harimwo no mu bibanza abantu basengeramwo, amashure, utuzu tw'amatora canke ibibanza baharuriramwo amajwi canke batunganirizamwo amatora), canke ibibanza bigaragaramwo ibimenyetso vy'igihe gito vyerekana ko hashobora kuba umwanya uwo ariwo wose ubugizi bwa nabi.
  • Iterabwoba ryo gukora ububisha ryerekeye amatora, kwiyandikisha mu matora, canke abajejwe intwaro canke ivyavuye mu matora, no mu gihe ridatomora neza ababigenewe.
  • Guhayagiza ubugizi bwa nabi bushingiye ku gitsina bushobora gukorwa n'abubakanye canke bukozwe mu ntumbero yo kwikura akagaye
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Dukurako:
  • Iterabwoba rigamije kugirira nabi abajejwe gukurikirana iyubahirizwa ry'amategeko canke abahagarariye amatora, hatarabwe igihagararo cabo muri ayo mabanga bajejwe canke ko iryo terabwoba ari ukuri canke ikinyoma.
  • Amajambo afise kode aho uburyo bw'amabi butavugwa mu buryo bugaragara neza, ariko ubugizi bwa nabi bukaba bwihishije canke budashoka buboneka, nk'uko bigaragazwa n'ugushira hamwe kw'ikimenyetso c'ubugizi bwa nabi n' ikimenyetso c'uko ibintu bimeze kiri mu rutonde ruri aha hepfo.
    • Iterabwoba: ijambo ririmwo kode riri muri aya majambo akurikira:
      • Bisangijwe abandi mu ntumbero yo kwihora (akarorero: amajambo agaragaza icipfuzo co kugirira abandi nabi mu kubihora inyuma yo kurenganywa canke yo guterwa ubwoba n'ikintu gishobora kuba ic'ukuri, ic'umuntu yikeka canke ico umuntu yitanze)
      • Vyerekana ububisha bwabaye muri kahise canke ububisha bwo mu bikino gusa (akarorero: amakuru atera ubwoba abandi hishimikijwe ububisha buzwi bwabaye muri kahise canke bwo mu bikino)
      • Bimeze nk'uguhamagarira abantu gukora ikintu ubatera ubwoba (akarorero: amakuru atumirira canke ahimiriza abantu gukora ububisha canke kwifatanya n'abandi bantu mu gukora ububisha)
      • Bigaragaza ukumenya canke bisangiza abandi amakuru ahungabanya ashobora gukwegera abantu gukorerwa amabi (akarorero: amakuru yerekana canke avuga mu buryo bufobetse ukumenya amakuru bwite y'umuntu gushobora gutuma inkuru y'uko hashobora kuba ubugizi bwa nabi yizerwa kurusha. Muri ayo makuru harimwo kuvuga utadudurirako aho umuntu aba, aho akorera akazi canke aho yiga, ibarabara akunda gucamwo buri musi canke aho aherereye muri uno mwanya)
    • Uko ahantu bibera haba hameze
      • Uko aho aherereye hifashe canke ubumenyi bwaho vyemeza ko iryo jambo rishobora gutuma haba ubugizi bwa nabi umwanya uwo ariwo wose.
      • Uwugenewe ayo makuru canke uwumuserukira abifitiye uruhusha adomye urutoke kuri ayo makuru.
      • Uwo agenewe n'umwana
  • Iterabwoba ridashoka rigaragara ryo gutwara ibirwanisho mu bibanza bitandukanye, harimwo ariko bitagarukira gusa ku bibanza abantu basengeramwo, amashure, utuzu tw'amatora canke ibibanza baharuriramwo amajwi canke batunganirizamwo amatora (canke guhimiriza abantu ngo bakore gutyo) canke ibibanza bigaragaramwo ibimenyetso vy'igihe gito vyerekana ko hashobora kuba ubugizi bwa nabi.
  • Kuvuga canke gukwiragiza ibihuha ko amatora yibwe hakoresheje igiturire, yabayemwo amanyanga, canke uguhengama igihe bivanze n'ikimenyetso c'uko ayo makuru ashobora gutuma habaho ububisha (akarorero: gutera ubwoba abantu ko ugiye gufata ibirwanisho, kwerekana amasanamu y'ibirwanisho, kuvuga ibijanye n'umuriro ugamije ububisha, ubusuma, n'ukumenagura ibintu), harimwo:
    • Kwizizira abantu kanaka
    • Kwizizira ikibanza kanaka (reta canke agace gato)
    • Aho uwugamije kugirirwa nabi atagaragara neza
  • Ibimenyetso vyerekeye amakoraniro canke ibirori vy'amatora igihe bivanze n'ikimenyetso c'uko ayo makuru ashobora gutuma habaho ububisha (akarorero: gutera ubwoba abantu ko ugiye gufata ibirwanisho, kwerekana amasanamu y'ibirwanisho, kuvuga ibijanye n'umuriro ugamije ububisha, ubusuma, n'ukumenagura ibintu).
  • Ububisha bukomeye cane canke buri hagati na hagati mu kwivuna umwansi canke gutabara uwundi muntu bikozwe ibisabwa biri aha musi vyujujwe.
    • Ku muntu (kiretse abantu bishoboka ko umuntu amenya amakuru yabo canke isura yabo, abantu babigenewe hishimikijwe ibiranga umuntu bikingiwe, n'abana)
    • Mu gihe hari ububisha bukozwe n'abantu babanje kwinjira mu nzu canke ubukorewe n'uwundi muntu, bunganya ubukari n'urugero wategekanijeko kubwivuna kandi akaba ari ububisha bushobora gushika umwanya uwo ari wo wose.
    • Ingaruka ishobora gushika kw'ijwi irasumvya ubukari ububisha bushobora kuba umwanya uwo ari wo wose
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye ububisha hamwe no kugumura abandi
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha