Ubutumwa Butipfuzwa

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko kanaka ameze uko ameze
Ntitwemera amakuru agamije kubesha abantu, guhuvya, canke kubaryosharyosha mu ntumbero yo kugwiza abaraba ayo makuru mu buryo budaciye mu kuri. Aya makuru abuza abantu gukoresha imbuga zacu mu kuri kandi ashobora guhungabanya umutekano, ukurama, canke ikoreshwa ry'amaseruvisi yacu. Dukora ibishoboka vyose ngo dukinge amayeri agamije kugirira nabi abantu, nko kurungikira abanywanyi basamara inzira ngurukanabumenyi biciye mu dukoresho canke kode bihuvya, canke mu kwiyitirira ahantu imbuga zishingurwa hasanzwe hizewe.
Ubutumwa butipfuzwa bucishwa ku ngurukanabumenyi ni urudandazwa rwunguka. Amategeko ngenderwako yacu n'uburyo bwo kuraba ibitegenda neza buitegerezwa kubandanya butera imbere mu ntumbero yo guhangana neza n'ubwoko buguma buhindagurika bw'amakuru atipfuzwa n'ubuhinga bijanye. Mu gufata ingingo zo kurwanya ubutumwa butipfuzwa, turagerageza kuraba ingene twofatanya kuduza ikiguzi ku bategura ubwo butumwa hamwe n'ababukwiragiza ku mbuga zacu, n'ugukingira ibikorwa vyinshi kandi vy'ukuri vy'umuryango wacu wo ku rubuga.
Ntitwemerera:
  • Gushira ku rubuga, gusangiza abandi, kugira ico ukoresheje amakuru canke kwugurura Amakonte, gutanguza Imigwi, Imbuga, Ibirori n'ibindi ukoresheje amaboko canke vyikoresheje, incuro nyinshi cane.
    • Turashobora gushingira akarimbi amakonte adakunda gukoreshwa igihe hari ibindi bimenyetso bitwereka yuko hari ubutumwa butipfuzwa (akarorero, igihe hacishwako ubutumwa bwisubiriza kenshi) canke ibimenyetso vyerekana ko harimwo Ikinyoma.
  • Kugerageza canke gushobora kugurisha, kugura, canke guhanahana ubutunzi bwo ku rubuga, nk'amakonte, imigwi, imbuga, n'ibindi.
  • Kugerageza canke gushobora kugurisha, kugura, canke guhanahana amahirwe y'urubuga ngurukanabumenyi, nko kuba umukuru w'imigwi canke umworoshakiyago, canke gutanga uruhusha rwo gushira amakuru mu bibanza kanaka.
  • Kugerageza canke gushobora kugurisha, kugura, canke guhanahana amakuru ku kintu gifise agaciro k'amafaranga, uretse Ubutumwa Bwatanzwe n'Uwamamaza bugaragara neza, nk'uko bisigurwa na Amategeko Agenga Amakuru Arikwo Ikirango.
  • Kugerageza canke gushobora kugurisha, kugura, canke guhana amasezerano, nko gushima, gusangiza abandi, incuro vyarabwe, abagukurikirana, gufyonda, canke gukoresha utwitwa hashitage, n'ibindi. Aha harimwo:
    • Kwemerera abantu impano (ni ukuvuga guha abandi bantu amahirwe yo gutsinda) y'amafaranga canke ibindi bintu bifise agaciro nk'ak'amafaranga. (akarorero, "Umuntu wese ashima urubuga rwanje azoca ahabwa amahirwe yo gutsindira amadorari 500")
    • Gutanga ikintu gifise agaciro nk'ak'amafaranga kugira abantu biyemeze (akarorero, "niwashima urubuga rwanje, nzoca ndaguha terefone yo mu bwoko bwa iPhone!")
  • Gusaba canke kuvuga ko abakoresha urubuga bategerezwa kubanza kugira ico bakoze ku makuru ( akarorero: gushima, gusangiza abandi) imbere yo kuraba canke kugira ico bakoze ku makuru bemerewe.
  • Gusangiza abandi inzira ngurukanabumenyi zizimiza, aho imbuga zicumbitswe, canke apurikasiyo nk'izi zikurikira:
    • Guhuvya:Guhuvya ni ukugerageza kuzunguruka amategeko yacu agenga amakuru mu kwerekana n'ibigirankana amakuru atandukanye yo hanze y'urubuga, nk'ama URL canke ama apurikasiyo, ku buhinga bwacu bw'ubuziranenge ugereranije n'ivyerekwa abanywanyi bacu.
    • Inzira Ngurukanabumenyi Zihuvya: Amakuru arimwo inzira ngurukanabumenyi yemerera abantu amakuru kanaka ariko akabaha ibindi bintu binyuranye cane n'ivyo yabemereye. Muri ibi hashobora kubamwo amakuru ari muri apurikasiyo canke porogaramu.
    • Inyifato yo guhenda abantu ibatwara ahantu hatandukanye n'aho yabemereye: Imbuga zisaba ko ugira ico ukoze imbere yo kuzinjirako (akarorero captcha, raba ibimenyekanisha, fyonda ngaha) kugira ngo ushobore gusoma amakuru ari kuri izo mbuga z'ishikiro hanyuma izina rya URL rigaca rihinduka umaze gukora ico usabwa gukora, canke zikarungika abanywanyi ku zindi mbuga zitandukanye nazo ataco biriwe barakora bo ubwabo.
    • Gusaba abantu kubanza gushima/gusangiza ibintu: Gusaba abanywanyi kugira ico bakoze (mu buryo bwo gushima, gusangiza abandi, gukurikirana, canke ubundi buryo bwose butuma urwo rubuga rumenyekana mu bantu) kugira bashobore gushikira amakuru kanaka kandi y'umwihariko.
    • Igikoresho c'urubuga gihuvya - Kwigana ibikoresho canke ubuhinga bw'amaserevisi yacu, nko kwigana gusaba abantu ngo batange intererano, ama rusansuma yerekeye amatora, amabuto yugurura ibintu, canke buto umuntu afyonda mu gushima ariko aho hantu bafyonda ugasanga ntihakora ivya hategerezwa gukora canke hadakora nk'ukwo vyari vyitezwe, mu ntumbero yo gutuma uwo munywanyi akurikira inzira ngurukanabumenyi kanaka.
    • Igikoresho c'urubuga rw'ishikiro gihuvya: Imbuga ngurukanabumenyi zifise urubuga umunywanyi abona ruhuvya, bigatuma haba akazi kenshi gatuma urwo rubuga rwikwega kuko ruhuriweko n'abantu isinzi akarorero ivyitwa pop-ups/unders, clickjacking, n'ibindi). Muri ibi harimwo ubuhinga bwo gutega abantu umutego, aho pop-ups zitajanye zica ziza mu gihe umuntu agerageje kuva ku rubuga rw'ishikiro.
    • Kwiyitirira urubuga rw'ishikiro canke aho urubuga rubikwa - kukurungika ku rundi rubuga rw'ishikiro, URL, canke urubuga ngurukanabumenyi bitari ivyo ku rubuga rukuru canke urubuga rwo hanze canke ikibanza imbuga ngurukanabumenyi zibikwako kibesha yuko ari ic'ishirahamwe rizwi neza canke seruvisi, hakoresheje izina, ikibanza imbuga ngurukanabumenyi zibikwako canke amakuru vyanditse nabi canke ubundi buryo bwo guhuvya abantu bwiyitirira imbuga zizwi cane, ibibanza imbuga ngurukanabumenyi zibikwako canke amashirahamwe azwi, hakoreshejwe urubuga rw'ishikiro rusa n'urundi, rusa n'urubuga ngurukanabumenyi rwizewe.
    • Ubundi buryo bwo guhuvya abantu biciye kuri URLs canke ku nzira ngurukanabumenyi zisa cane n'izo duhejeje kudondagura.
  • Uretse ivyo duhejeje kudondagura, ntitubuza:
    • Igabanywa ry'ibiciro ridatumwe n'irihwa ry'uwundi muntu
    • Guha uwundi muntu ububasha bwo kuba umukuru canke umworoshabikorwa w'urubuga canke umugwi bishingiye ku nyungu bafise muri uwo mugwi canke kuri urwo rubuga, ariko atari mu buryo bwo guhana ivy'agaciro.
    • Gushira ku rubuga canke gusangiza abandi Amakuru yagaragaye neza ko Yegukira Ishirahamwe Kanaka
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye ubutumwa butipfuzwa
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha