Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe Akarimbi
Insiguro ya poritike
HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Uyu musi
22 Mukakaro 2025
14 Rusama 2025
27 Ruhuhuma 2025
26 Ruhuhuma 2025
26 Ruheshi 2024
30 Munyonyo 2023
27 Mukakaro 2023
27 Ndamukiza 2023
22 Kigarama 2022
27 Gitugutu 2022
23 Kigarama 2021
24 Munyonyo 2021
30 Nyakanga 2021
26 Myandagaro 2021
29 Mukakaro 2021
28 Nzero 2021
24 Nyakanga 2020
30 Mukakaro 2020
22 Ruheshi 2020
30 Ndamukiza 2020
30 Munyonyo 2019
10 Gitugutu 2019
24 Nyakanga 2019
3 Nyakanga 2019
30 Mukakaro 2019
24 Mukakaro 2019
1 Mukakaro 2019
26 Ndamukiza 2019
20 Ntwarante 2019
30 Munyonyo 2018
31 Myandagaro 2018
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Mu ntumbero yo kurwiza umutekano no kurwanya ibikorwa bishobora kuba bibi, turabuza abantu, abahinguzi n'abadandaza bagerageza kugura, kugurisha, kugira amatombora, gutanga, kurungika canke guhanahana ibidandazwa bimwebimwe n'ivyo dukorera abanywanyi ku rubuga rwacu. Ntitwihanganira guhanahana canke kudandaza ibiyayuramutwe bishobora kuvyara ukuba umuja wavyo nk'ukwo amategeko yacu abitegekanya aha hepfo. Abadandaza bo mu ma mangazini n'abo ku mbuga ngurukanabumenyi barashobora kumenyekanisha inkoho, inzoga ziboreza n'itabi bidandarizwa hanze y'urubuga rwacu; ariko tugerageza kurinda ko abakiri bato batarakwiza imyaka 18 babona ivyo bintu. Turemera ibiyago vyerekeye urudandazwa rw'ibintu mwene ibi muma mangazini canke bidandazwa n'abadandariza ku mbuga ngurukanabumenyi, bisaba ko hoba impinduka mu mabwirizwa araba ibidandazwa n'amaseruvisi bigengwa n'iri tegeko, kandi bivugira canke vyerekeye ikoreshwa ry'imiti yo mu tuzu bayiguriramwo twitwa farumasi mu gihe intumbero ari iyo kuvura, harimwo n'ibiyago vyerekeye ingaruka mbi zishobora gushika ku mubiri canke mu mutwe.
Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe akarimbi biri mu mice ikurikira:
- Ibiyayuramutwe n'Imiti
- Ibigwanisho, Amasasu canke Ibiturika
- Itabi n'Ibidandazwa Bifitaniye Isano
- Ibiboreza
- Amagara no Kumererwa neza
- Akamari n'Inkino bica ku Mbuga Ngurukanabumenyi
- Ubwoko bw'ibikoko n'ibiterwa biriko biraherengetera kandi bikingiwe
- Ibikoresho vya kera vyakozwe n'abantu
- Ibidandazwa n'Ibikoresho Bishobora Gutera Ingorane
- Ibihimba vy'Umubiri n'Ibiseseka Biwuvamwo
Umuce wose urasigurwa neza aha hepfo.
Ibiyayuramutwe n'Imiti
Ntitwemerera:
Ibiyayuramutwe bifise ingaruka mbi nyinshi (ibiyayuramutwe bishobora gukoreshwa nabi, kugira abantu abaja, canke bishobora gutera ingorane zikomeye ku magara, harimwo nko kurenza urugero rw'ivyo umuntu afata; akarorero: kokayine, fentanire, heroyine).
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, kworosha ibikorwa, gutanga impano, canke gusaba imiti ya magendo iteye ubwoba.
- Kwemeza kugura, kudandaza canke kworosha ibikorwa vy'ubudandaji bw'imiti ya magendo iteye ubwoba bikozwe n'uwashize ayo makuru ku rubuga canke bitumwe abandi bantu.
- Kwemera ko wayikoresheje ubwawe mugabo utemeye canke ngo uvuge ivyo gukira, kuvurwa canke ubundi bufasha bwo kurwanya kuyinywa. Aya makuru ashobora kutavuga neza ivyerekeye iyo miti, adatera intege abantu ngo bayikoreshe canke adahuza ibikorwa canke ngo atange inyigisho z'ingene iyo miti ya magendo iteye ubwoba ikorwa canke ikoreshwa.
- Kworosha ibikorwa canke guteza imbere (dushaka gusigura ibijanye no kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe, canke gutanga inyigisho kugira ngo abantu bakoreshe canke bakore) ibiyayuramutwe bifise ingaruka mbi nyinshi.
- Menya neza: Guharira canke guhayagiza ivyerekeye ubuziranenge canke kuganira ku vyiza mu bushakashatsi canke ku magara y'abantu biva mu biyayuramutwe bifise ingaruka mbi nyinshi biremewe. Ivyo birimwo amakuru n'amatangazo agenewe abantu Bose.
Imiti idakoreshwa mu buvuzi (imiti canke ibintu bitariko bikoreshwa mu ntumbero yo kuvura canke bikoreshwa kugira umuntu ashike ku rugero rw'uburyohe ruri hejuru - aha harimwo imiti irimwo ubumara bw'ibanze canke ibintu bikoreshwa mu guhingura iyo miti.)
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, kworosha ibikorwa, gutanga impano, canke gusaba imiti ya magendo.
- Kwemeza kugura, kudandaza canke kworosha ibikorwa vy'ubudandaji bw'imiti ya magendo bikozwe n'uwashize ayo makuru ku rubuga canke bitumwe abandi bantu.
- Kwemera ko wayikoresheje ubwawe mugabo utemeye canke ngo uvuge ivyo gukira, kuvurwa canke ubundi bufasha bwo kurwanya kuyinywa. Aya makuru ashobora kutavuga neza ivyerekeye iyo miti, adatera intege abantu ngo bayikoreshe canke adahuza ibikorwa canke ngo atange inyigisho z'ingene iyo miti ya magendo ikorwa canke ikoreshwa.
- Kworosha ibikorwa canke guteza imbere (dushaka gusigura ibijanye no kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe, canke gutanga inyigisho kugira ngo abantu bakoreshe canke bakore) imiti idakoreshwa mu buvuzi.
- Agerageza kugurisha canke guteza imbere ibikoresho bifitaniye isano n'imiti idakoreshwa mu buvuzi.
- Arimwo ibidandazwa vyerekena imiti idakoreshwa mu buvuzi.
Imiti yandikwa na muganga (imiti bisabwa ko umuganga canke uwundi mukozi abifitiye uruhusha abanza kwandika imbere yo kuyifata)
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza imiti kiretse igihe:
- Gushira ku rutonde igiciro c'incanco mu buryo bigaragara neza ko hariko haratangwa ivyigwa canke abantu bariko baraganira kandi bikagenerwa gusa abantu bakuze bafise imyaka 18 canke irenga.
- Atanga uburyo bwo gushikanira abantu i muhira ivyo baguze igihe bishizwe ku rubuga n'abadandaza b'imiti bemewe n'amategeko kandi bikagenerwa gusa abantu bakuze bafise imyaka 18 canke irenga. Aya makuru ategerezwa kandi kubamwo ingingo igabisha ko umuntu ategerezwa kuganira n'umuganga yemewe canke akandikirwa urupapuro rw'imiti rw'ukuri.
- Kugerageza gutanga canke kugaba imiti yanditswe na muganga, kiretse mu gihe c'ivyago mu vy'ubutunzi, mu vy'amagara y'abantu, mu kibano canke igihe habaye ivyago vy'ivyaduka.
- Gusaba imiti yandikwa na muganga kiretse igihe amakuru avuga ibijanye n'ibiciro vyayo, kuyironka canke ingene ikora neza mu buvuzi.
- Menya neza: Guharira canke guhayagiza ivyerekeye ubuziranenge canke kuganira ku vyiza mu bushakashatsi canke ku magara y'abantu biva mu miti yandikwa na muganga biremewe. Ivyo birimwo amakuru n'amatangazo agenewe abantu Bose.
Ibihindura uko umuntu yiyumvira bita antewojene
- Amakuru ajanye no kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, guterera canke gutanga ingabire canke gusaba ibihindura uko umuntu yiyumvira bita entheogens.
- Menya neza: Guharira ku vyerekeye canke kuvugira ubuziranenge canke kuganira ku vyiza mu bushakashatsi canke ku magara y'abantu biva mu bintu bihindura uko umuntu yiyumvira bita entheogens biremewe.
Ibiyayuramutwe bita kanabisi n'ibiva muri vyo
- Amakuru agerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga canke kugaba canke asaba ibiyayuramutwe bita marijwana birimwo ivyo bita THC canke ubundi bumara buyayura umutwe busa na vyo
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
Entheogens
- Amakuru yerekana ko kanaka yemeye kuba akoresha canke akora igikorwa c'umworoshabikorwa canke ateza imbere (bisigura kuvuga neza), canke atera intege abandi ngo bakoreshe ibihindura uko umuntu yiyumvira bita entheogens.
- Kiretse igihe ivyo duheje kudondagura bikozwe mu bikino canke mu biganiro bitanga ido n'ido ku kintu kanaka.
Cannabis and Cannabis Derived Products
- Amakuru atunganya canke ateza imbere (dushaka gusigura ibijanye no kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe, canke gutanga inyigisho kugira ngo abantu bakoreshe canke bakore) ibiyayuramutwe bita marijuwana n'ibindi bakoresha birimwo ivyo bita THC canke ubundi bumara buyayura umutwe busa na vyo.
- Amakuru ajanye n'urudandazwa yashizwe ku rubuga n'amahinguriro y'ibiyayuramutwe bita marijuwana igihe kudandaza ibiyayuramutwe bita marijuwana n'ibindi bidandazwa birimwo ivyo bita THC canke ubundi bumara buyayura umutwe busa na vyo.
- Amakuru yerekeye kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba canke gusaba ibiyayuramutwe birimwo kanabisi bamira (CBD) canke ibindi biyayuramutwe bisa na vyo birimwo kanabisi.
- Amakuru yerekeye kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba canke gusaba ibiyayuramutwe birimwo kanabisi badacisha mu kanywa (CBD) canke ibindi biyayuramutwe bisa na vyo birimwo kanabisi.
- Amakuru avuga ko akiza indwara afitaniye isano n'ibiyayuramutwe birimwo kanabisi badacisha mu kanywa (CBD) canke ibindi biyayuramutwe bisa na vyo birimwo kanabisi.
- Amakuru yerekana ibikoresho bifitaniye isano n'ibiyayuramutwe vyitwa marijuwana.
Imiti yanditswe na muganga
- Amakuru yerekeye kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza imiti yanditswe na muganga mu buryo ubwo ari bwo bwose, harimwo n'igihe ashizwe ku rubuga n'abadandaza b'imiti bemewe n'amategeko.
- Amakuru ajanye no kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba canke gusaba imiti idasaba kuba yanditswe na muganga.
- Amakuru arimwo guterwa canke kunywa imiti yanditswe n'umuganga.
Ibirwanisho, Amasasu canke Ibisasu Biturika
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza ibigwanisho bicira umuriro, ibice vyavyo, amasasu, ibiturika canke ibigwanisho ruhonyanganda kiretse:
- ashizwe ku rubuga n'Urubuga, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi zibifitiye uburenganzira, ibirango canke ibisata vya reta (akarorero: ibisata vy'igipolisi, ibisata bigwanya umuriro) canke umuntu ku giti ciwe bisangiza abandi amakuru mw'izina ry'amashirahamwe abifitiye uburenganzira; kandi akabonwa gusa n'abantu bakuze bafise imyaka 21 y'amavuko n'iyirenga.
- Kugerageza gutanga canke kugaba ingabire y'ibirwanisho, ibice bigize ibirwanisho, amasasu, ibisasu biturika, canke ibirwanisho ruhonyanganda kiretse bishizwe ku rubuga muri ubu buryo bukurikira:
- Gutanga intererano, kudandaza canke kugurira umuntu yari yaraguze ibirwanisho bikozwe n'Urubuga kanaka, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe abifitiye uburenganzira, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi, ibirango canke ibisata vya reta canke umuntu ku giti ciwe bisangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira; kandi akabonwa gusa n'abantu bakuze bafise imyaka 21 y'amavuko n'iyirenga.
- Kugurisha icamunara canke gutunganya tombora yo kugurisha ibirwanisho bitunganijwe n'amashirahamwe y'ubudandaji abifitiye uburenganzira, harimwo n'abadandaza bataranguza, amashirahamwe yegukira reta canke adaharanira inyungu, canke abantu ku giti cabo igihe ari abanywanyi canke bashigikiwe n'amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira; kandi akabonwa gusa n'abantu bakuze bafise imyaka 21 y'amavuko n'iyirenga.
- Gusaba ibirwanisho, ibice vy'ibirwanisho, amasasu, ibisasu biturika, canke ibirwanisho ruhonyanganda.
- Kugerageza kugura, kugurisha, kugaba, gukaba, kurungika, kworosha ibikorwa, kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe canke gufasha abantu gushikira ubuhinga bwitwa 3D bwo gusohora ibintu canke impanuro z'ukungene ubuhinga bw'imashini nyabwonko buhingura ibirwanisho canke ibice vy'ibirwanisho bukora, hatitaweho aho bikorewe canke uwushize ayo makuru ku rubuga.
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba, gusaba canke kwemera ko utunze ibikoresho bifasha mu guhindura inkoho.
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera kuyaraba abantu bafise imyaka 21 y'amavuko no kuduga bonyene:
Ibirwanisho, Amasasu canke Ibisasu Biturika
- Amakuru yashizwe ku rubuga canke ahayagiza imangazini zemewe n'amategeko, amashirahamwe kanaka, harimwo amashirahamwe y'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi, ibirango canke amashami y'ibigo vya reta bigerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba canke asaba (harimwo no mu gihe bikozwe mu kugurisha icamunara canke tombora) ibirwanisho, ibihimba bigize ibirwanisho, amasasu, ibisasu biturika hamwe n'ibirwanisho ruhonyanganda.
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
Ibikoresho bikarishe n'ibindi bigwanisho:
- Amakuru agerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutunganya, gutanga, kugaba canke asaba: ibikoresho bikarishe canke ibindi bigwanisho (akarorero: ibikwiragiza ipiripiri canke impeta z'iminyororo).
- Amakuru avuga neza, atanga inyigisho kugira abantu bakoreshe canke atera intege abantu kugira ngo bakoreshe ibigwanisho bicira umuriro, ibice vyavyo, amasasu, ibisasu biturika, ibigwanisho ruhonyanganda, canke ibikoresho bikarishe mu myihwezo y'ibidandazwa
- Ibikorwa vyo kugurisha no guteza imbere ibikoresho bitica
Itabi n'Ibidandazwa Bifitaniye Isano
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza itabi/ibindi bidandazwa birimwo ubumara buva muri ryo, canke ibidandazwa basogota, harimwo ubwoko bwose bwa "ENDS" Ibidandazwa birimwo ubumara bw'itabi bitangwa mu buryo bwa sisitemu zigezweho (akarorero: itabi ryo mu buryo bugezweho, umwotsi hamwe n'umwotsi utarimwo ubumara bwa nikotine)
- Uretse bishizwe ku rubuga n'Urubuga, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi canke amamarike, canke umuntu ku giti ciwe asangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira.
- Kugerageza gutanga canke kugaba Ibidandazwa birimwo itabi/ubumara bwa nikotine, canke Ibidandazwa vya "ENDS".
- Uretse bishizwe ku rubuga n'Urubuga, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi canke amamarike, canke umuntu ku giti ciwe asangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira.
- Asaba ibidandazwa birimwo itabi/ubumara bwa nikotine canke Ibidandazwa bisaba gusogota, harimwo n'ubwoko bwose bw'ibidandazwa vya "ENDS" (umwotsi utarimwo ubumara bwa nikotine).
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
- Amakuru yashizwe ku rubuga canke ahayagiza amashirahamwe yemewe n'amategeko, harimwo amashirahamwe y'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi, ibirango, bigerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga canke kugaba inzoga canke itabi.
- Amakuru yerekana abanywa itabi, Ibidandazwa birimwo ubumara bwa nikotine canke Ibidandazwa vya "ENDS".
- Amakuru atunganya canke avugira ikoreshwa ry'itabi, Ibidandazwa birimwo ubumara bwa nikotine, Ibidandazwa vya "ENDS" canke ibirango vy'itabi.
- Amakuru yerekana Ibidandazwa Bifasha Guhagarika Kunywa Itabi
- Amakuru avuga canke avugira ikoreshwa ry'itabi, ibikoresho bifitaniye isano na ryo, canke ibirango vy'itabi.
- Amasanamu canke amareresi yerekana kunywa itabi canke gukoresha ibidandazwa vy'itabi vyakozwe mu buryo butari ubwo gukina
- Kiretse mu rwego rwo kwamamaza amasekeza yo guhagarika kunywa itabi, amaseruvisi yo gutanga impanuro ku vyerekeye abantu bagizwe abaja n'itabi, hamwe no kunagura ababoshwe n'itabi, canke mu Butumwa Buteguye bw’Inyungu Rusangi (PSA).
Ibiboreza
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza ibiboreza kiretse igihe:
- Vyashizwe ku rubuga n'Urubuga, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi canke ibirango, canke umuntu ku giti ciwe asangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira, harimwo no gutanga amaseruvisi yo kurungika ibidandazwa no gutanga ku buntu ikirango.
- Amakuru avuga ivyerekeye ibiboreza canke gutanga ubutumire mu kibanza co kunyweramwo ibiboreza aho ibiboreza bizotangwa canke bikanyobwa mu kibanza kanaka mu kirori, mu nzu y'uburiro, mu kabare canke mu musi mukuru.
- Kugerageza guterera canke kugaba inzoga canke itabi kiretse igihe vyashizwe ku rubuga n'Urubuga kanaka, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi, ibirango canke umuntu ku giti ciwe asangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko.
- Gusaba ibidandazwa n'ivyo kunywa biboreza.
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
- Amakuru yashizwe ku rubuga canke ahayagiza imangazini zemewe n'amategeko, harimwo amashirahamwe y'ubudandaji ataranguza, imbuga ngurukanabumenyi canke ibirango, bigerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga canke kugaba ingabire z'ibidandazwa birimwo ibiboreza canke inzoga.
- Amakuru yerekana abanywa ibidandazwa canke ivyo kunywa biboreza canke gusangiza abandi ivyo abantu bakoresha mu gukora ibiboreza.
- Amakuru avuga ivy'ibidandaza biboreza canke atanga ubutumire mu kibanza co kunyweramwo ibiboreza aho ibiboreza bitangwa canke bikanyobwa.
Amagara no Kumererwa neza
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
Ibidandazwa canke amaseruvisi vyo kugabanya ibiro canke kwongereza ibiro
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga, kugaba, kuvuga canke gusaba ibikoresho canke amaseruvisi ajanye no kugabanya ibiro canke kwongereza ibiro.
- Kwemera canke kwerekana ikoreshwa ry'ikidandazwa co kugabanya ibiro canke kwongereza ibiro, igihe vyose bigenda neza canke kuvuga ibijanye n'ingaruka mbi zavyo.
- Kwerekana ugutunganya canke guteza imbere (ni ukuvuga kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe canke gutanga inyigisho z'ukungene bakoresha canke bakora) ibifasha kugabanya ibiro.
- Amajambo yo gusuzugura ku bijanye n'uko umuntu asa (ni ukuvuga, amajambo, insiguro, canke ibibazo bikomeye kandi bitera mu gahanga ukuntu umuntu kanaka asa, ibice kanaka vy'umubiri, canke isuku), canke amasanamu manini y'igice kanaka c'umubiri yerekana ubunini.
- Kuvuga ko inyishu zishobora kuboneka mu gukoresha ibikoresho bishobora kwambarwa ku mubiri, nk'udusharizo canke ibice vy'impuzu.
- Gukoresha amayeri yo gukwegera abantu mu bintu bimwebimwe bifitaniye isano n'ukugabanya ibiro canke kwongereza ibiro, nk'imvugo ikora ku bigumbagumba yerekana amakuru atari yo canke amakuru yerekeye amagara y'abantu mu buryo burengeje urugero, canke gutanga ivyizere mu kiringo kanaka ata mburi canke ikindi kimenyamenya.
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga canke kugaba, kuvuga canle gusaba ibikorwa canke amaseruvisi ajanye n'ibidandazwa vyerekeye ubwiza canke kwibagisha. Muri ayo harimwo:
- Ibidandazwa vyo kwimonora nk'ivyo kwisiga vyeresha umubiri.
- Ibikorwa bikorwa ku mubiri w'umuntu mu ntumbero yo kuvura canke kugira amasura canke imibiri y'abantu uko vyari bimeze kera.
- Kwemeza canke kwerekana ikoreshwa ry'ibikoresho n'ukwibagisha bijanye n'ubwiza, bigashimikira ku ngaruka nziza na mbi canke ibishika nk'ingaruka.
- Kwerekana ugutunganya canke guteza imbere (ni ukuvuga kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bakoreshe canke gutanga inyigisho z'ukungene bakoresha canke bakora) ibijanye n'ikoreshwa ry'ibikoresho n'ukwibagisha bijanye n'ubwiza
- Amajambo yo gusuzugura abantu bishingiye ku miterere y'umubiri, (ni ukuvuga, amajambo, insiguro, canke ibibazo biyamiriza kandi bitera ivyo umuntu yega, ibice kanaka vy'umubiri, canke isuku)
Menya neza: Kumenyekanisha uburyo bwo kwinonora imitsi (nka Pilates) canke ivyo kwisiga vy'akanya gato (nko kwikora) ntibigengwa n'iri tegeko.
Ibikorwa Bihuvya Vyerekeye Amagara y'Abantu
Ibikoresho vyo gukabura ubushake bw'imibonano mpuzabitsina ku bakuze- Kuvuga (harimwo no kuvuga ivyavuye ku bahinga canke amashirahamwe y'ubuvuzi) ko ushobora gukiza, gukora, canke gukuraho burundu indwara iyo ari yo yose muri izi zikurikira zidakira hamwe n'/canke izi ndwara zidashobora gukizwa (urutonde rukwiye): Menya neza: Ivyo ntibiraba ibivugwa ku kuvura canke gucungera ibimenyetso vy’izo ndwara.
- Indwara y'igisukari
- Indwara ifatira mu bihimba vy'irondoka igizwe n'ibisebe ku munwa
- Tiroyide
- Psoriasis
- Ebola
- Kanseri
- Otizime
- Indwara ya Alzheimer
- Parikinsoni
- Indwara ya Amyotrophic Lateral Sclerosis (ALS)
- Umugera wa SIDA
- Gukoresha amayeri yo gukwegera abantu mu bijanye n'amagara, nk'imvugo ikora ku bigumbagumba igaragaza amakuru yerekeye amagara mu buryo burengeje urugero canke bw'ibigumbagumba, canke gusezerana ibintu kanaka vyerekeye amagara mu kiringo kanaka ata mburi canke ikindi kimenyamenya.
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, guteza imbere, kudandaza, gutanga, kagaba canke gusaba ibikoresho vyo gukabura ugushaka gukora imibonano mpuzabitsina, aho intumbero nyamukuru ari gutuma umuntu yinezereza mu buryo bw'imibonano mpuzabitsina canke kugwiza urugero rw'umuntu rwo gushaka gukora imibonano mpuzabitsina, bikozwe mu buryo bwo gukina canke atari ubwo gukina. Muri ayo harimwo:
- Ibikinisho bijanye n'ibitsina
- Ibikoresho vyo kuvyura ubushake bw'imibonano mpuzabitsina
- Ibikoresho vyo kuvyibusha ibihimba vy'irondoka bidaciye mu kubagwa, nk'ibikoresho bivyura ubushake bw'imibonano mpuzabitsina canke igikorwa co guhuza ibitsina kigenda neza kurusha.
- Ibikoresho bishimikira ubwa mbere ku gukabura ugushaka imibonano mpuzabitsina canke kubivyura
- Kwerekana amashusho y'ibikinisho vy'igitsina ata nsiguro yumvikana yatanzwe
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, guteza imbere, kudandaza, gutanga, kugaba canke gusaba ibidandazwa bijanye n’amagara canke n’ukumererwa neza mu bijanye n’irondoka. Muri ayo harimwo:
- Ibidandazwa bijanye n’Amagara canke n’Ukumererwa Neza mu bijanye n’Irondoka igihe bishimikira ku kwinezereza mu buryo bw'imibonano mpuzabitsina kandi atari inyungu z'ubuvuzi, harimwo n'ibirimwo ibikoresho vy'igitsina gabo gihagaze canke igitsina gore
- Ibidandazwa bivura indwara zijanye n'ivy'irondoka
- Ukubaga ibihimba vy'irondoka kugira bihinduke
- Ukubaga ibihimba vy'irondoka ku bakuze
- Kwigisha ivy'amabanga y'abubatse bishimikira ku kwinezereza mu buryo bw'imibonano mpuzabitsina
- Ibidandazwa bikoreshwa nk'inkabuzo y'umubiri (akarorero: ivyongereza ubushobozi bw'umugabo)
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, guteza imbere, canke gusaba amashirahamwe y'ubudandaji mu bijanye no guhuza ibitsina, bishobora gutuma umuntu yinezereza mu buryo bw'imibonano mpuzabitsina canke kugwiza urugero rw'umuntu rwo gushaka gukora imibonano mpuzabitsina. Muri ayo harimwo:
- Amashirahamwe yo kwinezereza ku bakuze
- Ibibanza abakuze bahuriramwo
- Amaseruvisi y'inyigisho zifatiye ku bitsina
Akamari n'Inkino bica ku Mbuga Ngurukanabumenyi
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, twemerera ko arabwa n'abantu bafise imyaka 18 y'amavuko canke bayirenza gusa:
Akamari n'Inkino bica ku Mbuga Ngurukanabumenyi
- Amakuru yerekeye kugerageza kudandaza, kugurisha, kwerekana canke kumenyekanisha amaseruvise y'inkino n'akamari bica ku mbuga ngurukanabumenyi aho ikintu ico ari co cose gifise agaciro k'amafaranga (harimwo amafaranga nyezina canke amafaranga yo ku buhinga bwa none/ ayatagaragara, nk'akarorero bitcoin) gisabwa kugira umuntu akine hamwe n'ikintu ico ari co cose gifise agaciro k'amafaranga kiba kiri mu bigize akaganuke gatangwa. Aho harimwo:
- Inkino zo kwimenyereza, amatombora/udukino two gutomboza, gutigira, gutigira ku nkino zo kwinonora imitsi, inkino za kazino, inkino z'igihamana canke amahiganwa y'amahirwe/ubupfindo.
- Inkino z'Akamari zitanga igihe gito co kugerageza kandi zisaba kuriha ubwo nyene.
- Amakuru agerageza kugurisha, kudandaza, kwerekana canke gushira imbere inkino za kazino mu kibano zisubiramwo ukwo inkino z'akamari zigenda nk'imashini y'akamari, aho ata karyo gutsindira amahera canke ibintu bifise agaciro k'amahera. Aha harimwo amakuru avuga akaryo ko gutsindira "ibiceri" bidafise agaciro k'amahera.
- Amakuru agerageza kugurisha, kudandaza, kwerekana canke gushira imbere inkino zo gukina ku buntu zituma abantu bipfuza inkino z'akamari, aho ata kintu na kimwe c’agaciro k’amahera gikenewe kugira ngo umuntu akine urwo rukino, ariko hashobora kubaho akaryo ko gutsindira amahera canke ibintu bifise agaciro k'amahera.
Ibinyabuzima biriko biraherengetera kandi bikingiwe (ibikoko n'ibiterwa)
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, gutanga canke kugaba ingabire canke gusaba ibikoko biri ku mushiro canke ibihimba vyavyo canke ubwoko bw'ibiterwa bikingiwe.
- Kwemera canke gushigikira guhiga ibikoko mu buryo burenga amategeko, kugura hamwe no kudandaza ibikoko biri ku mushiro canke ibihimba vyavyo bikozwe n'uwashize amakuru ku rubuga we nyene ubwiwe canke abo bafatanije ibikorwa babicishije ku bandi. Aha ntiharimwo amasanamu y'abanyamahanga bahiga ibikoko mu buryo buhonyanga amategeko.
- Gucapa ivyerekeye guhiga ibikoko biri ku mushiro canke ibihimba vyavyo mu buryo bunyuranye n'amategeko bikozwe n'uwashize amakuru ku rubuga we nyene ubwiwe canke abo bafatanije ibikorwa.
- Kwerekana uburyo bwo kworosha ibikorwa canke guteza imbere (dushaka gusigura ibijanye no kuvuga neza, gutera intege abantu ngo bahonyange amategeko, canke gutanga inyigisho ku bijanye no) gukoresha canke gukora ibintu bivuye mu bikoko bigeramiwe canke ibihimba vyavyo, canke ubundi bwoko bw'ibikoko n'ibiterwa bigeramiwe.
- Amakuru ajanye no kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza ibikoko bizima ariko bitageramiwe kiretse igihe:
- Yashizwe ku rubuga n'Urubuga, Umugwi canke umwidondoro kuri Instagram bihagarariye amashirahamwe adandaza abifitiye uburenganzira, harimwo n'abadandaza bataranguza, imbuga ngurukanabumenyi zibifitiye uburenganzira, ibirango, canke abatanga ubururo bushasha, canke umuntu ku giti ciwe asangije abandi amakuru kw'izina ry'amashirahamwe adandaza yemewe n'amategeko.
- Ashizwe ku rubuga mu ntumbero yo gutunga, kugaba, gusaba, gutanga canke guha uburaro ibikoko bizima ariko bitageramiwe, harimwo n'amahera ajanye no gutanga uburaro ku bikoko vyahanahanywe hagati y'abantu babiri
- Ajanye no kugurisha igikoko kugira gitangwe nk'ikimazi mw'ishengero, canke gutanga amahera mu ntumbero yo gutanga agashimwe ku bw'ibikoko vy'ibitungano vyazimiye.
- Yashizwe ku rubuga mu bijanye no kugurisha ibitungwa.
- Yashizwe ku rubuga mu ntumbero yo kugura, kugurisha canke kugaba, gusaba, gutanga amahembe, ibihimba, amaguru n'amaboko, imivyimba, ibihimba bibitswe inyuma y'urupfu, amazirantoke (atari amase canke intabire) vy'ibikoko.
- Yashizwe ku rubuga mu ntumbero y'ugutanga ibidandazwa vy'ibikomoka ku bikoko bigenewe gufungurwa n'abantu, nk'amagi, ifi, n'ibindi.
Ibikoresho vya kera vyakozwe n'abantu
Ntitwemerera:
Amakuru ajanye no kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, guterera canke gutanga ingabire canke gusaba ibishushanyo vyerekana kahise.
Ibidandazwa n'Ibikoresho Bishobora Gutera Ingorane
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, kugaba canke gutanga canke gusaba ibidandazwa n'ibikoresho bishobora kubangamira amagara canke ivyo umuntu atunze canke umutekano.
Ibihimba vy'Umubiri w'Umuntu canke Ibiseseka Biva mu Muntu
Ntitwemerera:
Amakuru yerekeye:
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza ibice vy'umubiri w'umuntu, mbere n'ibirenze ibijanye no kugurisha abantu bibujijwe mw' Itegeko rijanye no Gucura Bufuni na Buhoro.
- Gusaba guhanahana ibiseseka biva mu mubiri w'umuntu.
- Kugerageza kugura, kugurisha canke kudandaza ibiseseka biva mu muntu.
- Kiretse igihe ashizwe ku rubuga mu ntumbero yo gutanga ku buntu ibiseseka biva mu muntu nk'intanga canke igice c'amaraso citwa plasma.
Ibidadanzwa Vyasubijwe
Ntitwemerera:
Amakuru ajanye no kugerageza kugura, kugurisha, kudandaza, kworosha ibikorwa, kugaba, gutanga, canke gusaba ibidandazwa vyakuwe kw'isoko.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeya ibikorwa n'ibidandazwa bidatangwa ukwo arikwo kwose
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha