Imigenzo y'Ubudandaji Ibujijwe
Insiguro ya poritike
HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Uyu musi
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Intumbero yacu ni ugukingira abanywanyi n'amashirahamwe y'ubudandaji ubusuma bushingiye ku kinyoma bugamije kubatwara amafaranga yabo, ubutunzi bwabo hamwe n'amakuru abadondora. Mu kubikora, turabuza amakuru n'inyifato bikoresha imigenzo y'ubudandaji ibujijwe. Muri vyo harimwo amatangazo y'ubuzi canke imigambi ya reta bitari vyo, uburyo bwo guhendahendera abantu hakoreshejwe amazina y’abantu bazwi canke ay’ibirango, imigambi y'ubusuma yerekeye gushira imitahe mu bintu (harimwo no kwizeza inyungu zidahinduka), imigambi yo gutezurira amadeni n’iy’uburyo bwo gutunganya neza ivyerekeye ingurane, imigambi yo gutunga ningoga, imigambi yo guhendera abantu mu rukundo, n'imigambi y’ubusuma yitwaza gufasha abakene.
Turemerera abantu gukangurira abantu, kwigisha abandi bantu, no gutera ivyatsi ukwibisha uruyeri n'iyindi migenzo y'ubudandaji bibujijwe, mu gihe bidatangaje amakuru ashobora guhunganya canke bitamamaza ivyo bikorwa.
Ku vyerekeye amategeko ajanye n'Inyandiko n'Amaseruvisi Yerekeye Amafaranga Bibujijwe, raba Amategeko Ngenderwako yerekeye Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe Akarimbi.
Ishirwa mu ngiro ry'amategeko ryacu ntiritunganye, kandi dushobora tumenya aho hose amategeko yahonyanzwe. Kugira umenye n'ibindi bijanye n'ingene wobona amakuru y'ubunyonyezi n'ico woshobora gukora kugira wikingire, ja ku rubuga rwacu rw'Igisata co Kwikingira Ukwibisha uruyeri.
Gushira mu ngiro
Turashobora gufata ingingo zitandukanye zo gushira mu ngiro amategeko, harimwo, ariko atari gusa gukurako amakuru n'ibimenyekanisha, kugabanya ikwiragizwa ryavyo, guhagarika amakonte yo kumenyekanisha, kugabanya ibikoresho, gusaba ko ibintu bisuzumwa, canke kwugara amakonte. Izo ngingo zishobora guturuka k'uburyo bwacu dukoresha bwo kumenya ibitaraba, canke zikamenyeshwa n'ivyegeranyo vy'amashirahamwe yizewe hamwe n'uko abanywanyi babibona (bisigurwa aho hepfo).
Ivyo Abanywanyi Babivugako
Ivyiyumviro biva mu banywanyi bidufasha kumenya ibikorwa vy'ubudandaji bituma abanywanyi batamererwa neza. Turitaho ibimenyetso nk'ibintu bisubirwamwo ubudasiba canke igitigiri kirenze urugero c’ivyiyumviro bibi, maze tugasangiza abamenyekanisha ibidandazwa n'abakora urudandaza ivyiyumviro bifise akamaro kugira ngo bashobore kunagura amakuru yabo n'ugushimisha abakiriya. Iyo ukwo kugaragaza ko ibintu bitameze neza kubandanije naho imburi ziba zatanzwe, turashobora gufata ingingo ziri aho hejuru, gushika no kubuza gukora canke guhagarika amakonte canke amashirahamwe bibifisemwo ruhara. Muri ivyo harimwo gufatira ingingo ibikorwa nka:
- Ibiciro bihuvya canke bidafise ishingiro.
- Kudashikana: kunanirwa gushikana ibidandazwa canke amaseruvise vyaguzwe inyuma yo kubiriha.
- Kugaragaza ikidandazwa mu buryo butari bwo: kumenyekanisha ibidandazwa canke amaseruvise bitandukanye cane n'ivyari vyamenyekanishijwe, harimwo itandukaniro rikomeye mu bwiza canke ibidandazwa atari vyo.
- Kurihisha amafaranga atatangiwe uruhusha: kwishuza uburyo bwo kuriha bw'umukiriya atabanje gutanga uruhusha canke atahawe amakuru atomoye.
- Guhonyanga amategeko agenga gusubiza ibidandazwa canke amafaranga: kutubahiriza amategeko avuga ibijanye no gusubiza amafaranga canke ibidandazwa.
- Ibikorwa vy'ububeshi mu bijanye n'ukwiyandikisha: kwandika abakiriya mu migambi yo kuriha yisubiriza canke mu maseruvise yo kwiyandikisha batamenyeshejwe neza amasezerano.
- Inzira ngurukanabumenyi zisa n'izijana ku mbuga z'ubudandaji bwemewe n'amategeko ariko ahubwo zijana ku mbuga z'ubunyonyezi.
Ntitwemerera:
Amakuru akoresha ubuhinga bw'ubunyonyezi mu guhuvya abantu canke amashirahamwe y'ubudandaji mu ntumbero yo kurondera inyungu mu rudandazwa canke mu butunzi, harimwo ariko atari gusa:
Amakuru yerekeye Ingurane Abujijwe
Muri ayo harimwo:
- Ingurane zisaba umunywanyi kuriha amafaranga imbere yo kuronka iyo ngurane.
- Ingurane zizeza ko zizokwemerwa naho ata na hamwe havugwa ibisabwa bisanzwe kugira ngo ingurane yemerwe, nk'amakuru ajanye n'ubutunzi bw'uwusaba ingurane.
Amakuru yerekeye Akamari Abujijwe
Muri ayo harimwo:
- Gutanga amaseruvisi akoresha amafaranga nyakuri mu kamari ("Amafaranga nyakuri" ni amafaranga akoreshwa mu buzima busanzwe ashobora gukoreshwa mu kugura ivya nkenerwa canke amaseruvisi mu buzima bwa misi yose, harimwo amafaranga akoreshwa mu bihugu nk'Idolari rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'amafaranga yo ku ngurukanabumenyi nka Bitcoin):
- gutanga icemeza ko intsinzi ihari.
- gushaka kwerekana canke kwemeza ko habaye ubusuma mu vyavuye mu gakino canke mu rukino.
- gusaba abantu guhirika urukino kugira rugende uko wipfuza canke kurondera ubufasha canke impanuro ku bijanye no guhirika urukino canke agakino
- kumenyekanisha amaseruvisi y'akamari mu buryo buhuvya canke budatomoye (nk'ivyo wanditse bifitaniye isano n'isanamu/ireresi y'ukumenyekanisha akamari)
- Gutanga amakuru amenyekanisha amaseruvise atangwa n'abadandaza b'akamari bamenyekanye ko ari ababeshi.
Inkino za kazino zo mu kibano zikaburira abantu gukina akamari ariko ata karyo ko gutsindira amafaranga nyakuri zigengwa n'Amategeko Ngenderwako yacu yerekeye Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe Akarimbi
Amakuru ajanye n'Ugushira Imitahe mu bintu Yabujijwe
Muri ayo harimwo:
- gutanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa ruzana inyungu ata nkeka canke ata bwoba bwo guhomba.
- Gutanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa ruzana inyungu canke kurihwa bihagaze ku ruhande rumwe canke mu buryo bwose ku kurondera abandi banywanyi baza muri urwo rudandazwa.
- Gutanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa avuga canke yerekeza ku nyungu canke ku musaruro mwiza vyigeze kuboneka kugira atere icizere c’uko muri kazoza hazoboneka umusaruro usa n’uwo.
- Gutanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa asezerana ko inyungu zozoboneka mu mwanya muto (nk’imbere y’amasaha 24).
- Gutanga amasezerano yo guhindura igitigiri c'amafaranga kanaka akaba menshi kuruta biciye mu kuyagurisha ningonga, canke mu mayeri canke mu buryo kanaka, harimwo n'amajambo nka "kugwiza amafaranga", canke amajambo asa n'ayo.
Amakuru y'Ubugiraneza Yabujijwe
Muri ayo harimwo:
- Gusaba amafaranga canke intererano mu buryo burimwo ububeshi ku bw'igikorwa c'ubugiraneza.
Amakuru y'Urukundo Abujijwe
Muri ayo harimwo:
- Kugerageza gushinga imigenderanire y’urukundo ku ngurukanabumenyi mu buryo bw’ububeshi mu kurondera ubugenzi canke ubucuti budafatiye ku guhuza ibitsina, hanyuma ugutanga canke ugusaba amafaranga canke ikindi binganya agaciro mu kibanza c’ubwo bucuti.
Amakuru Abujijwe Akoresha Ibirango canke Abantu Bazwi mu Gukwega Abantu
Muri ayo harimwo:
- Ukwibisha uruyeri gukoresha ikirango nk’uburyo bwo gukwega abantu, aho umuntu yiyita ko aserukira canke avugira ishirahamwe ry'ubudandaji canke ishirahamwe kanaka bizwi, kandi bigakoresha n'uburyo buyovya bwo gukwega abantu kugira ngo bagire ico bakoze ku makuru mu ntumbero yo kubibisha uruyeri canke kubanyaga.
- Ukwibisha uruyeri gukoresha mu buryo bw’ikinyoma izina, ishusho canke ibimenyetso vy’umuntu azwi cane mu gukwega abantu, kandi bigakoresha n'uburyo buyovya bwo gukwega abantu kugira ngo bagire ico bakoze ku makuru mu ntumbero yo kubibisha uruyeri canke kubanyaga.
Amakuru Abujijwe Avuga Gutunga Ningoga
Muri ayo harimwo:
- Gutanga uturyo two kuronka inyungu y'amafaranga idasanzwe kandi itumvikana, mu gihe bisaba akigoro gato canke kadatomoye.
Amakuru Abujijwe y'Ibintu Biboneka, ivy’Impwemu canke ibijanye n’Abilluminati
Muri ayo harimwo:
- Gutanga ubushimwe buboneka, nk'amafaranga, ibintu canke amaseruvisi bifise agaciro k'amafaranga harimwo amafaranga aboneka, ayo ku buhinga bwa none canke yo ku ngurukanabumenyi, canke ibintu n'amaseruvise biboneka canke ivyo ku buhinga bwa none kugira ngo umuntu abe umunywanyi canke yinjire mw'ishirahamwe, umugwi wugaye, umugwi w'idini (nk'akarorero, umuryango w’Abilluminati).
- Gutanga ubushimwe buboneka mu gukoresha amareba canke ibitega canke ibintu vy'ubupfumu (akarorero, ibitega, amareba, ibiheko, ibiceri, imiti yo kunywa, ingodo y'amareba, n'ibindi).
Amakuru y'ivya Asiransi Abujijwe
Muri ayo harimwo:
- Gutanga asiransi atari yo ku giciro kigabanijwe cane, kandi ugasaba ko umuntu abanza kuriha amafaranga kanaka, nk’amafaranga y’ubuyobozi canke ingwati.
- Gutanga asiransi atari yo ku giciro kigabanijwe cane, kandi ugasezerana ko umuntu aziganya amafaranga menshi ugereranije na asiransi imenyerewe.
Amakuru y'Akazi Abujijwe
Muri ayo harimwo:
- Gutanga akazi ata makuru yerekeye umukoresha canke ido n'ido ry'ibijanye n'ako kazi, ahubwo akavuga gusa ko hari ibibanza vy'akazi vyabonetse.
- Gutanga akazi ko gukorera i muhira ariko ako kazi ubwako kerekana ko umuntu adashobora gukorera i muhira.
- Gutanga ubuzi aho basezerana gutanga umushahara imbere y'igihe.
- Gutanga ubuzi ata gukekerenya kurimwo.
- Gutanga ubuzi aho basaba kuriha amafaranga kanaka imbere yo kuguha ako kazi.
Amakuru Abujijwe yerekeye Kugabanya Ideni no Gutunganya neza Ingurane
Muri ayo harimwo:
- Amasezerano yo gukuraho canke kugabanya ideni ku rugero runaka mu kiringo cashinzwe.
- Amasezerano yo guhagarika ibikorwa vyose vyo kwishuza amadeni canke imanza zo mu butungane.
- Amasezerano gukuraho amakuru ajanye n'ingurane mu vyegeranyo vyerekeye ingurane canke gutanguza "umwidondoro w'ingurane" mushasha.
Amakuru Abujijwe Atangwa ku Buntu
Muri ayo harimwo:
- Gutanga mu buryo butari bwo agashimwe k'amafaranga nyakuri canke ibintu umuntu ashobora kugura (nk'ibikoresho vya none, imodoka, canke ibisharizo vyo kwambara) kandi ata gikorwa na kimwe gisabwa uwubikorerwa kiretse gusangiza amakuru yerekeye ubuzima bwite canke amakuru ajanye n'ubutunzi.
- Gutanga mu buryo butari bwo amafaranga avuye mu mfashanyo canke imigambi vya reta.
Amakuru Abujijwe asaba Kuriha Imbere
Muri ayo harimwo:
- Gusezeranira abantu kubaha amafaranga kandi atari vyo igihe babanje kuriha imbere canke kurungika amafaranga canke kuyariha.
Naho biri uko vyavuzwe aho haruguru, ntitubuza amakuru atera ivyatsi, akangurira abantu canke atanga ubumenyi ku bijanye no kwibisha uruyeri canke iyindi migenzo y'ubudandaji ibujijwe, igihe atagaragaza amakuru ahungabanya kandi atabishigikira.
Uretse gukurako amakonte ahonyanga amategeko yacu yerekeye Imigenzo y'Ubudandaji Ibujijwe, ubuhinga bwacu bwikoresha burihweza ibimenyetso bitandukanye vy'inyifato kugira bifashe mu kumenya no mu kugabanya imigenderanire itipfuzwa hamwe n'uguhura n'ibikorwa bishobora kuba ari ukwibisha uruyeri.
- Turashobora guhagarika amakonte canke gushiraho akarimbi ko kudashikira imbuga n'ibikoresho (nk'akarorero: ubushobozi bwo kurungikira ubutumwa amakonte amwe amwe) bivanye n'inyifato zitandukanye zifatiwe hamwe, nk'ukurungikira ubutumwa abantu udakurikirana kandi batabigusavye, kwerekana nkana ko uri ahandi atari aho uri, canke kuba umukuru w'imigwi (nk'akarorero: Imbuga) twakuyeko kubera yahonyanga amategeko yacu yerekeye kwibisha uruyeri.
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Dushobora gukurako amakuru:
- Arimwo ibijanye n'ubusuma canke ukwibisha uruyeri vyamaze kuregwa n'ishirahamwe ryizewe.
- Akwegera abantu kugira uruhara mu manza rusangi hakoreshejwe amayeri yo kubahenda, nko kwiyitirira igisata kanaka ca reta canke ikinyamakuru kanaka, canke gukoresha amajambo ashobora guhungabanya canke kurenza urugero.
- Arimwo amashirahamwe yitabiriye canke yemeza ko yitabiriye ibikorwa vy'ubusuma canke ukwibisha uruyeri, harimwo gukoresha amakonte menshi y'amaseruvisi yacu mu ntumbero yo gukomeza ingendo yo kwiba.
Turemera amakuru asanzwe avugwa muri aya mategeko igihe ashizwe ku rubuga mu ntumbero yo gutera ivyatsi, kwigisha abantu, gukangurira abantu kuyamenya canke mu ntumbero yo kumenyesha amakuru.
29 Gitugutu 2026
Policy Rationale
We aim to protect users and businesses from being deceived out of their money, property, or personal information. To do so, we prohibit content and behavior that employ prohibited commercial practices. This includes false job or government program offers, celebrity and brand bait, investment schemes (including guaranteed returns), debt relief and credit repair schemes, get-rich-quick and giveaway schemes, romance schemes, and charity schemes.
We allow people to raise awareness of, educate others about, and condemn scams and other prohibited commercial practices, provided they do not reveal sensitive information or promote them.
For policies related to Prohibited Documents and Financial Services, see the Restricted Goods and Services Community Standards.
Our enforcement isn’t perfect, and we may not detect all policy violations. To learn more about how to spot deceptive content and what you can do to help protect yourself, visit our Scam Protection Center.
Enforcement
We may take a range of enforcement actions, including but not limited to removing content and ads, reducing distribution, restricting advertising accounts, limiting features, requiring verification, or disabling accounts. These actions may result from our own proactive detection, or be informed by reports from trusted entities and user feedback (described below).
User Feedback
User feedback helps us identify commercial practices that create poor user experiences. We consider signals such as consistent patterns or disproportionate volumes of negative feedback, and we share relevant feedback with advertisers and sellers so they can improve their content and customer satisfaction. Where negative feedback persists despite warnings, we may take the actions above, up to restricting or disabling the responsible accounts or entities. This includes taking enforcement on practices such as:
- Misleading or unreasonable pricing.
- Non-delivery: failure to deliver purchased products or services after payment has been made.
- Product misrepresentation: promoting products or services that materially differ from what was advertised, including significant discrepancies in quality or incorrect items.
- Unauthorized charges: charging a customer’s payment method without prior authorization or clear disclosure.
- Violation of return or refund policies: failure to honor stated refund or return policies.
- Deceptive subscription practices: enrolling customers in recurring payment plans or subscription services without clear disclosure of terms.
- Links that appear to lead to legitimate commercial sites but instead lead to scam sites.
We do not allow:
Content that uses deceptive tactics to mislead people or businesses for commercial or financial gain, including but not limited to:
Prohibited Loan Content
This includes:
- Loan offers requiring the user to pay an upfront fee to obtain a loan.
- Loan offers that guarantee approval without any mention of standard approval criteria, such as financial information from the borrower.
Prohibited Gambling Content
This includes:
- Offers of real money gambling services (“Real money” is real-world currency that can be used to buy goods or services in the real world, including national currencies such as U.S. Dollars and virtual currencies such as Bitcoin):
- with a guarantee of winning.
- implying or admitting to have rigged the outcome of a game or match
- soliciting people to enable match fixing or looking for help or tips on how to fix a match or game
- promoting gambling services in deceptive or obfuscated ways (such as unrelated text paired with a gambling promo image/video)
- Offers that promote services from known deceptive gambling vendors.
Social casino games that simulate gambling with no opportunity to win real money are covered by our Community Standard for Restricted Goods and Services.
Prohibited Investment Content
This includes:
- Offers of investment opportunities where returns on investment are guaranteed or risk-free.
- Offers of investment opportunities where returns on investment or compensation is partly or fully based on recruitment of others to participate in the scheme.
- Offers of investment opportunities claiming or referencing successful past performance or returns to create an expectation of similar future results.
- Offers of investment opportunities that claim quick returns (such as under 24 hours).
- Offers to turn a certain sum of money into a larger one through flipping or trick or strategy involving explicit mentions of “cash flip,” "money flip,” or similar terminology.
Prohibited Charity Content
This includes:
- Fraudulent requests for money or donations for charitable causes.
Prohibited Romance Content
This includes:
- Fraudulent attempts to establish online romantic relationships by seeking non-sexual companionship or relationship and offering or asking for money or its equivalent in exchange.
Prohibited Brand or Celebrity-Bait Content
This includes:
- Brand-bait scams, which involve falsely claiming to represent, or speak in the voice of, an established business or entity, together with misleading tactics to bait people into engaging with the content in an attempt to scam or defraud.
- Celebrity-bait scams, which involve falsely using the name, likeness, or imagery of a public figure, together with misleading tactics to bait people into engaging with the content in an attempt to scam or defraud.
Prohibited Get Rich Quick Content
This includes:
- Offers of opportunities of unrealistic financial reward for unclear or minimal effort.
Prohibited Tangible, Spiritual or Illuminati Content
This includes:
- Offers tangible rewards, such as money, goods, or services that have a monetary value including physical, digital and virtual currencies, and physical or digital goods and services for membership in or joining an association, cult, religious sect (for example, the Illuminati brotherhood).
- Offers tangible rewards for using black magic or spells or magical items (for example, spells, lucky charms, amulets, tokens, potions, magic wallet, etc.).
Prohibited Insurance Content
This includes:
- Offers of false, heavily discounted insurance with requests for an up-front fee, such as an administration fee or deposit.
- Offers of false, heavily discounted insurance with promises of significant savings on insurance compared to conventional insurance providers.
Prohibited Job Content
This includes:
- Offers of jobs containing no information about the employer and job specifications, simply referencing job vacancies.
- Offers of work from home but the job title implies the employee cannot WFH.
- Offers of jobs with advance promises of salary.
- Offers of guaranteed jobs.
- Offers of jobs with a demand for an advance fee before the job is granted.
Prohibited Debt Relief and Credit Repair Content
This includes:
- Promises to eliminate or reduce debt by a particular amount in a set period of time.
- Promises to stop all debt collections or lawsuits.
- Promises to remove credit information from credit reports or create new "credit identity."
Prohibited Giveaway Content
This includes:
- False offers of a guaranteed reward of real money or consumer goods (such as electronics, vehicles, or jewelry) without any action required by the user beyond sharing personal or financial information.
- False offers of money from government grants or programs.
Prohibited Advance Fee Content
This includes:
- Falsely promises money in exchange for an up-front fee/wire transfer/payment.
Notwithstanding the above, we do not prohibit content that condemns, raises awareness of, or educates others about scams or other prohibited commercial practices, without either revealing sensitive information or promoting them.
In addition to removing accounts that violate our Prohibited Commercial Practices policy, our automated systems consider a range of behavioral signals to help identify and limit unwanted contact and exposure to potential scam activity.
- We may disable accounts or restrict access to products and features (e.g. the ability to message certain accounts) based on a combination of behaviors such as sending unsolicited messages to people who you do not follow, deliberately misrepresenting your location, or being an admin of communities (e.g. Pages) we have removed for violating our scam policies.
For the following Community Standards, we require additional information and/or context to enforce:
We may remove content that:
- Involves frauds or scams that have been reported by a trusted entity.
- Recruits people to participate in class action lawsuits using deceptive tactics, such as impersonating a government entity or news outlet, or using sensationalist or exaggerated claims.
- Involves entities participating in or claiming to engage in organized fraud or scam behavior, including the use of multiple accounts on our services in concert to perpetrate fraudulent behaviors.
We allow content that is otherwise covered by this policy when posted in condemnation, educational, awareness raising, or news reporting contexts.