Amakuru atari yo

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Amakuru atari yo aratandukanye n'ubundi bwoko bw'imvugo buvugwa mu Mategeko Ngenderwako yacu kubera ko ata buryo buhari bwo gushira ahabona urutonde rukwiye rw'ibibujijwe. Nk'akarorero, ku bijanye n'ububisha bugaragara cane canke imvugo y'urwanko, amategeko yacu arerekana amakuru tubuza, kandi n'abantu batemera ayo mategeko barashobora kuyisunga. Ariko rero, ku bijanye n'amakuru atari yo, ntidushobora gutanga uwo muco. Isi iguma ihindagurika buri gihe, kandi ikintu cari ic'ukuri kirashobora guhinduka mu munota umwe kikaba ikitari ic'ukuri. Abantu bafise kandi amakuru atandukanye yerekeye isi ibakikuje, kandi bashobora kwemera ko ikintu ari ic'ukuri mu gihe atari ko biri. Poritike ibuza gusa "amakuru atari yo" ntiyoshobora gufasha abantu bakoresha amaseruvise yacu, kandi ntiyoshobora gushirwa mu ngiro, kuko tudafise uburyo butagira agahaze bwo kuronka amakuru.
Ahubwo, amategeko yacu arashira ahabona ubwoko butandukanye bw'amakuru atari yo kandi aragerageza gutanga imuco ku bijanye n'ukuntu dufata iyo mvugo igihe tuyibonye. Ku muce umwe umwe wose, ivyo twisunga birerekana ko tugerageza kwitaho icarimwe imico yacu ijanye no guserura ivyiyumviro, umutekano, agateka, ukuri hamwe n'ubuzimabanga.
Turakurako amakuru atari yo mu gihe ashobora ubwayo kugira uruhara mu guteza ingorane zo gusinzikariza abantu amagara umwanya uwo ari wo wose. Turakurako kandi amakuru ashobora ubwayo kugira uruhara mu guhungabanya uburyo ibikorwa vya poritike bitunganijwemwo. Kugira tumenye ibiranga amakuru atari yo muri iyi mice, dukorana n'abahinga bigenga bafise ubumenyi n'ubuhinga bwo gusuzuma ukuri kw'ibiri muri ayo makuru hamwe n'uko ayo makuru ubwayo ashobora kugira uruhara mu guteza ingorane zo kugirira nabi abantu umwanya uwo ari wo wose. Aho harimwo, nk'akarorero, gukorana n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akorera mu gihugu kanaka kugira tumenye ukuri kw'amakuru y'ibihuha yerekeye indyane z'abanyagihugu.
Ku bijanye n'ayandi makuru yose atari yo, tugerageza kugabanya urugero rw'ikwiragira ryayo canke gushiraho ikibanza gishobora gutuma haba ibiganiro vyubaka. Turazi ko abantu bakunze gukoresha amakuru atari yo mu buryo ata co butwaye, nko mu kurenza urugero ku kintu (“Uyu mugwi ufise amateka mabi cane muri kahise k'inkino!”) canke mu gutwenza canke mu mvugo y'agahemo (“Umugabo wanje ahejeje kuronka agashimwe k'Umugabo w'Umwaka.”) Barashobora kandi gusangiza abandi ivyo baciyemwo biciye mu nkuru zirimwo ukubesha. Rimwe rimwe, abantu barashikiriza ivyiyumviro vyabo bwite abandi babona ko atari vyo canke bagasangiza amakuru bemera ko ari ay'ukuri ariko abandi bakabona ko adakwiye canke ko azimiza.
Kubera tuzi ko imvugo nk'iyo ikunda gukoreshwa, twihatira ku gutanga amakuru y'ingirakamaro ku banywanyi bacu igihe hari amakuru ashobora kuzimiza canke kuzazanira umuntu. Muri iyo ntumbero, hanze ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika turakorana n'amashirahamwe atatwegukira hirya no hino kw'isi ajejwe gusuzuma ukuri kugira ngo asuzume yongere atange urugero rw'ukuri rw'amakuru akwiragizwa kenshi ku mbuga zacu (raba ngaha no ngaha kugira urabe uko tuvyitwaramwo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika). Duhereye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, umugambi Uko Abanywanyi Babibona utuma abantu bavuga uko babona ivyashizwe kuri Facebook, Instagram na Threads bishobora kuba bizimiza canke bizazanira umuntu (raba ngaha). Turatanga kandi amasoko y'amakuru mu ntumbero yo kwongereza ubumenyi ku bitangwa n'ibimenyeshamakuru hamwe n'ibikoresha ubuhinga bwa none kugira ngo abantu bashobore kwihitiramwo ivyo basoma, ivyo bizera hamwe n'ivyo basangiza abandi. Dutegeka abantu gushira ahabona, bakoresheje igikoresho cacu co gushira ahabona gikoresha ubwengemuntu, igihe cose bashize ku rubuga amakuru batarihira bakoresheje ireresi yigana iy'ukuri canke amajwi yigana ay'ukuri vyakozwe canke vyahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none, kandi turashobora gufata ibihano igihe batubahirije ayo mabwirizwa. Turashobora kandi gushira akamenyetso ku bintu bimwe bimwe vyakozwe canke vyahinduwe hakoreshejwe ubuhinga bwa none bishobora gutuma habaho uburyo bukomeye bwo kuzimiza abantu ku bijanye n'ikintu gihambaye kuri bo.
Mu kurangiza, turabuza amakuru n'inyifato mu bindi bice bisanzwe bifitaniye isano n'ikwiragizwa ry'amakuru atari yo. Nk'akarorero, Amategeko Ngenderwako yacu arabuza amakonte y'ikinyoma, magendo, n'Inyifato ishingiye ku kinyoma gitunganije neza.
Kubera ibibera ku mbuga ngurukanabumenyi no hanze yazo bigenda birahinduka kandi bitera imbere, tuzobandanya duhindura ayo mategeko. Amakonte aguma asangiza abantu amakuru atari yo yavuzwe aha munsi arashobora, hambavu y'ibihano amakuru yayo afatirwa hisunzwe iri tegeko, kugabanirizwa ikwiragizwa, kwakwa ubushobozi bwo kumenyekanisha, canke gukurwa ku mbuga zacu. Ayandi makuru ajanye n'ibishika iyo Meta ikuyeko amakuru urashobora kuyasanga ngaha.
Amabwirizwa
Amakuru atari yo dukurako:
Dukurako ubwoko bw'amakuru atari yo bukurikira:
I. Gukomeretsa canke ububisha
Dukurako amakuru atari yo canke ibihuha ataho bifatiye, ivyo abahinga dukorana berekana neza ko bishobora kuvyura ubugizi bwa nabi canke abantu bagakomereka. Dusobanura amakuru atari yo nk'amakuru abandi bantu babifitiye uburenganzira badomyeko urutoki ko ari ay'ikinyoma. Dusobanura ibihuha bitagira urufatiro nk'amajambo abahinga dukorana bemeza ko bigoye canke bidashoboka kumenya iyo akomoka, ata nkomoko yayo izwi kandi yubashwe ihari, ataho ashingiye kugira ngo umuntu ashobore kuyabeshuza, canke arimwo ubwenge buke cane canke atagira urufatiro rwotuma abantu bayizera.
Turazi yuko kenshi na kenshi amakuru atari yo naho yogaragara umenga ntakabi kayo, iyo ashitse mu gihe kanaka, ashobora kugira ico aterereye mu bugizi bwa nabi bwo hanze y'urubuga, harimwo no gutera ubwoba abantu bishobora gutuma hagira abahasiga ubuzima, bagakomereka cane, canke ubundi bwoko bwo kumererwa nabi ku mubiri. Dukorana n'urunani mpuzamakungu rw'amashirahamwe ategamiye reta (NGOs), amashirahamwe adaharanira inyungu zayo, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, n'amashirahamwe mpuzamakungu yanonosoye cane gukora kuri ivyo bintu mu burere aherereyemwo.
Mu bihugu bishobora umwanya n'umwanya kubangamirwa n'ubwicanyi bubera mu kibano, turakorana n'abafatanyabikorwa baho ibara ritaragwa kugira ngo dutahure amakuru y'ibinyoma ashobora kugira uruhara mu kaga ko kugirirwa nabi ku mubiri mi kanya isase. Duca rero tugerageza gukora kugira ngo tumenye kandi dukure ku rubuga rwacu amakuru avugwamwo ivyo. Nk'akarorero, tubiganiyeko n'abahinga bo mu karere, turashobora gukuraho amakuru ataho ashingiye abesha mu kuvuga ko yerekana ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi, abakorewe amabi canke abayakoze, ibirwanisho canke ibikoresho vya gisirikare.
II. Amakuru atari yo arimwo ububisha yerekeye amagara y'abantu
Turakorana n'amashirahamwe akomeye ajejwe amagara y'abantu kugira ngo dutore amakuru atari yo yerekeye amagra y'abantu ashobora kubangamira amagara y'abantu mu kanya gato hamwe n'umutekano wabo. Amakuru atari yo yerekeye amagara y'abantu dukurako arimwo aya akurikira:
  • Misinformation about vaccines. Imbere y'ibindi vyose dukurako amakuru atari yo yerekeye incanco igihe abarongozi bo mu gisata c'amagara y'abantu bagaragaje ko ayo makuru ari ikinyoma kandi ashobora gutuma abantu banka kwicandagisha. Harimwo:
    • Incanco zituma abana badakunda kuba hamwe n'abandi (akarorero: "Ukugwira kw'incanco nikwo gutuma abana benshi muri ino misi barwara indwara ya autisme ituba badakunda kuba kumwe n'abandi.")
    • Incanco zitera indwara gituma abana bapfa giturumbuka bita SIDS(akarorero: " mbega ntuzi ko incanco zitera indwara ya SIDS?"
    • Incanco zitera indwara zategerezwa gukinga, canke zituma uwuzitewe agira ingorane yo gushobora kwandura iyo ndwara (Akarorero: "Guterwa urucanco bitera ingorane yo gushobora kwandura iyo ndwara kuko umugera w'iyo ndwara usanzwe uri muri urwo rucanco nyene. Mwiyubare!")
    • Incanco canke ibizigize birica, birimwo ubumara, uburozi, bitera ivyago, canke birateye ubwoba (Akarorero: "Vy'ukuri, urashobora gucandagwa, nimba atakibazo ubona mu kwemera gushira uburozi mu mubiri wawe.")
    • Abasoda b'umubiri bakora neza gusumba inkomezi dukura mu ncanco (Akarorero: " Ni vyiza kwandura indwara gusumba kwemera guterwa urucanco rwayo.")
    • Ni bibi kwemera guterwa incanco nyinshi mu kiringo gito, no mu gihe ico kiringo kiba cemewe n'abaganga (Akarorero: "Ntuze wigere wemera gutererwa rimwe incanco zirenga rumwe, ni bibi cane-sindaba ivyo abaganga bakubwira!")
    • Incanco ntaco zifasha mu gukinga indwara zitwa ko zashiriweho gukingira. Naho biri ukwo, ku vyerekeye ikiza c'indwara ya COVID-19, akamangu, n'incanco za marariya, ntidukurako amakuru avuga ko izo ncanco zidafasha uwuziteje kutandura imigera y'izo ndwara. (Akarorero: Kurako-"Urucanco rw'indwara y'ubukangwe ntirutuma utandura iyo ndwara"; Kurako-"Incanco muri make ntaco zimaze ku vyerekeye kutandura indwara"; Kwemerera-"Incanco ntizituma utandura indwara ya COVID-19, niyo mpamvu usabwa kutegerana cane n'abandi bantu ndetse no kwambara agapfukamunwa igihe uri mu bandi bantu.")
    • Indwara y'agasama ntiyica (bisaba kwegeranya ayandi makuru hamwe n'/canke igihe bikorewemwo) (Akarorero: "Ntuhagarike umutima ku vyerekeye kwandura indwara y'agasama, ni indwara itica)
    • Vitamine C ikora igikorwa kimwe n'incanco mu gukinga indwara zisanzwe zifise incanco.
  • Misinformation about health during public health emergencies. Dukurako amakuru atari yo mu gihe hateye indwara zibangamira amagara y'abantu muri rusangi iyo abajejwe amagara y'abantu bemeje ko ayo makuru atari yo kandi ko ashobora gutuma haba ingorane zituma abantu basinzikarizwa amagara umwanya uwo ari wo wose, harimwo no gutuma abantu bandura canke bakwiragiza indwara mbi canke banka kwiteza urucanco rukingira iyo ndwara. Turatora ibiza vy'indwara dukoranye n'abajejwe amagara y'abantu kw'isi no mu burere duherereyemwo.
  • Kwamamaza canke kuvugira ibitangaza vy'ugukira indwara habanje gukorwa ibikorwa bibangamira umuntu. Muri ivyo harimwo ubuvuzi iyo bukoreshejwe nk'ukwo biba vyasabwe, mu bijanye n'amagara, bushobora gutuma umuntu akomereka cane canke agapfa, kandi ubwo buvuzi nta ruhusha bufise rwo gukoreshwa (akarorero: isabuni yo kumesura yitwa Javel, umuti bakaraba wica mikorobe, pomade yirabura, na soude caustique).
III. Kwivanga mu Matora canke muri Rusansuma
Mu kugerageza guteza imbere amatora canke rusansuma bizira inenge, turakurako amakuru atari yo ashobora gutuma haba ingorane mu buryo butuma abantu boroherwa mu kwitabira ivyo bikorwa. Muri ivyo harimwo ibi bikurikira:
  • Amakuru atari yo yerekeye amatariki, ibibanza kanaka, ibihe, n'uburyo bwo gutora, ingene abatora biyandikisha, canke kwitabira rusansuma.
  • Amakuru atari yo yerekeye abashobora gutora, ibisabwa kugira ngo umuntu atore, ko ijwi rizoharurwa canke ritazoharurwa, n'inkuru n'/canke ibikoresho bitegerezwa gutangwa kugira ngo abantu batore.
  • Amakuru atari yo yerekeye ko umukandida azokwitoza canke atazokwitoza.
  • Amakuru atari yo yerekeye uwushobora kwitabira rusansuma canke amakuru canke ibikoresho bisabwa gutangwa kugira ngo umuntu yitabire ico gikorwa.
  • Amakuru atari yo yerekeye uruhara rwa reta muri rusansuma, harimwo, aho bishoboka, ko amakuru ya rusansuma y'umuntu kanaka azosangizwa ayandi mashirahamwe ya reta (inyuma y'iyo rusansuma).
  • Amakuru y'ikinyoma avuga ko igisata ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiraba ibijanye n'Abimukira hamwe n'Uruja n'Uruza ku Mipaka (ICE) kiri ahariko habera amatora.
  • Amakuru y'ikinyoma agaragara avuga ko abantu bazokwandura ikiza ca COVID-19 (canke iyindi ndwara yandukira) ni bitabira amatora.
  • Amakuru y'ikinyoma avuga ku bibanza vy'amatora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bidakunda ko utoreramwo, nk'ukwo vyarabwe neza n'uwujejwe amatora.
Turafise ayandi mategeko agamije kugenga ibijanye no guhamagarira abantu gukora ububisha, gushigikira ukwitabira ibintu kutemewe n'amategeko, no guhamagarira abantu kwivanga mu matora, ari mu bindi bice vy'Amategeko Ngenderwako yacu.
Ku makuru akurikira, turashiramwo akamenyetso gatanga amakuru:
Isanamu canke ireresi yahinduwe
Isanamu canke ireresi rirashbora guhindurwa mu buryo bwinshi. Kenshi, izo mpinduka ntiziba zikomeye, nko gukata igice c'amakuru canke kuyagira magufi ku mvo zo kuyaryohora canke kwongeramwo umuziki. Ahandi naho, icahinduwe ntikiboneka ivyo navyo bigashobora gutuma abantu bihenda.
  • Amakuru Yakozwe canke Yahinduwe mu Buhinga bwa None Ashobora Kuzimiza Ku bijanye n'amakuru adahonyanga Amategeko Ngenderwako, turashobora kurenzako akamenyetso gatanga amakuru – canke tukamirira kure amakuru yatanzwe nk'ibimenyekanisha – igihe ayo makuru ari isanamu canke ireresi vyahinduwe bigasa nk' ivy'ukuri, canke amajwi wogira n'ay'ukuri, vyakozwe canke vyahinduwe mu buryo bwa none, kandi bigatuma habaho uburyo bukomeye bwo guhenda abantu ku bijanye n'ikintu gihambaye kuri bo.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye amakuru atari yo
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha