Kugira Konte iy'icibutso

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Iyo umuntu yitavye Imana, abagenzi biwe n'umuryango barashobora gusaba ko konte yiwe tuyigira iy'icibutso. Imaze kugirwa iy'icibutso, ijambo "Kwibuka" rica riseruka hejuru y'izina ku mwidondoro w'uwo muntu, gutyo iyo konte igaca iba icibutso. Kugira konte iz'icibutso bifasha gushiraho ikibanza co kwibukiramwo abo twabuze tutanka kandi birakinga abagerageza kwinjira muri iyo konte hamwe n'ibikorwa vy'ubusuma. Mu ntumbero yo kwubahiriza ivyo umuntu yahisemwo akiriho, duhitamwo gukingira konte yiwe ntihinduke inyuma y'urupfu rwiwe.
Kuri Facebook, twarashizeho uburyo bwo gufasha abantu gutora samuragwa wa konte kugira ngo akurikirane ikonte y'umuntu inyuma y'uko yitavye Imana. Mu ntumbero yo gushigikira ababuze uwabo, rimwe na rimwe, turashobora gukurako canke tugahindura amakuru amwe amwe iyo samuragwa w'iyo konte canke incuti z'uwapfuye babisavye.
Gusaba ko amakonte ya Facebook canke ya Instagram y'abanywanyi bapfuye agirwa ay'icibutso bishobora gukorwa hakoreshejwe amakuru azwi n':
  • Abagenzi bo kuri Facebook
  • Abakurikirana uwo muntu kuri Instagram
  • Incuti zifise ivyangombwa bikwiye
Kubakorewe amabi y'ubwicanyi hamwe n'abiyahuye tuzokurako aya makuru akurikira kuri Facebook na Instagram igihe agaragara kw'ifoto y'umwidondoro w'umuntu yapfuye, kw'ifoto yiwe nkuru, canke mu makuru aheruka gushirwa ku rubuga rw'umwidondoro rwiwe igihe bizoba vyasabwe n'incuti y'uwo yapfuye. Turashobora kandi gukurako ayo makuru kuri Facebook iyo bisabwe na samuragwa wa konte ya Facebook:
  • Amakuru yerekeye urupfu rw'uyo muntu
  • Guhayagiza canke gushigikira urwo rupfu, indwara, canke ububisha bwakorewe uwo muntu yapfuye
  • Isanamu y'ikintu cakoreshejwe mu rupfu rw'umuntu yapfuye.
  • Isanamu y'umuntu yagiriwe n'icaha co kumwica canke bivugwa ko ari we yamwishe.
  • Isano canke ubugenzi uwagiriwe n'icaha co kumwica canke bivugwa ko ari we yamwishe bari bafitaniye
Ku vyerekeye Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru hamwe n'/canke uko ibintu vyifashe kugira duhindure ibi bikurikira mu gihe bisabwe n'uwuserukira uwapfuye yemewe n'amategeko, no kuri Facebook gusa, mu gihe bisabwe na samuragwa wa konte:
  • Gukurako amajambo ahonyanga amategeko abantu bashize ku mwidondoro uwo muntu yapfuye yahora akoresha, asanzwe yotumye uwo muntu atumenyesha ko atipfuzwa.
  • Guhindura igenamero ry'ubuzigamabanga bw'uwo muntu yapfuye turikura ku kubonwa n'abantu bose tukarishira ku bagenzi biwe bonyene mu gihe hariko amakuru mabi ku mwidondoro.
  • Guhindura izina riri ku mwidondoro igihe uhonyanga Amategeko Ngenderwako yacu, nk'ukwo bisabwa n'Amategeko yacu agenga Izina ry'Ukuri
  • Kwongereko abagenzi canke abakurikirana uwo mwidondoro igihe bari bakuweko inyuma y'urupfu rw'uwo muntu
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha bwerekeye kugira konte iy'icibutso
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha