Amakuru, Ibidandazwa, canke Amaseruvisi Bitemewe n'Amategeko y'Akarere Kanaka

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Igihe abajejwe kugenzura ibikorwa canke inzego za reta bibaza ko amakuru ari ku maseruvisi yacu adakurikiza amategeko agenga akarere kanaka, boshobora kudusaba kubuza ayo makuru. Amashirahamwe ategamiye reta hamwe n'abantu bo mu kiibano na bo nyene barashobora kurungika ivyegeranyo bivuga ko amakuru atemewe n'amategeko. Turashobora kandi kuronka amategeko ya sentare.
Iyo turonse icegeranyo canke itegeko, tubanza kubisuzuma twisunze Amategeko Ngenderwako. Mu gihe tubonye ko ayo amakuru ahonyanga amategeko yacu, duca tuyakurako. Mu gihe amakuru adahonyanga amategeko yacu, twisunze ivyo twemeye nk'umunywanyi w'Umugambi w'Urunani Mpuzamakungu hamwe na Poritike y'Ishirahamwe Yerekeye Agateka ka Zina Muntu, turagira isuzuma ry'amategeko ryitondewe hamwe n'isuzuma ryitondewe ry'agateka ka zina muntu kugira ngo tumenye ko ukwo kudoma urutoke ku makuru bifise ishingiro.
Mu gihe twibaza ko ivyo birego vy'abadomye urutoke ku makuru bitemewe imbere y'amategeko, ko birengeje urugero, canke ko bidahuye n'amategeko mpuzamakungu yerekeye agateka ka zina muntu, dushobora gusaba gusigurirwa canke ntihagire ico dukora.
Igihe dufatiye ingingo amakuru y'umunywanyi hisunzwe amategeko y'akarere kanaka aho kwisunga Amategeko Ngenderwako yacu, turakora ibishoboka kugira tubuze abantu gushikira ayo makuru gusa mu karere bivugwa ko atemewe n'amategeko kandi nta bindi bihano dushiraho canke ngo dushingire akarimbi ibikoresho. Turabimenyesha kandi umunywanyi vyagizeko ingaruka.
Turashira ahabona kandi ivyegeranyo bidondora ingene dusuzuma amakuru yadomweko urutoki ko ahonyanga amategeko y'akarere kanaka kandi aho twabujije abanywanyi gushikira mwene ayo amakuru, ushobora kuhabona ngaha.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku makuru, ibidandazwa, canke amaseruvisi bitemewe n'amategeko y'akarere kanaka
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha