Guhonyanga Uburenganzira ku Buhinga Ntavogerwa bw'Uwundi Muntu canke Irindi Shirahamwe

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Meta ntifata minenerwe uburenganzira ku buhinga ntavogerwa kandi iritaho cane gukingira ubu burenganzira idahagaritse no gushigikira gushikiriza akari ku mutima, gukora ibintu bishasha, kuvumbura ubuhinga bushasha uciye ku rubuga rw'abanywanyi bacu rwizigiwe.
Kubw'iyo mpamvu dushira mu ngiro itegeko ribuza gushira ku rubuga amakuru ahonyanga uburenganzira ku buhinga ntavogerwa bw'uwundi muntu, harimwo n' uburenganzira ku bikorwa mvabwenge, ikirango, canke ubundi burenganzira. Turashira ku mugaragaro amakuru ajanye n'ivyadomweko urutoke vyerekeye ubuhinga ntavogerwa mu Cegeranyo c'umuco Cerekeye Ubuhinga Ntavogerwa.
Mu kudoma urutoke ku makuru wibaza ko ashobora kuba ahonyanga amategeko akingira ubuhinga bwawe ntavogerwa, turagusavye usome ivyanditswe mu IGisata c'Ubufasha mu vy'Ubuhinga Ntavogerwa, usome Urubuga rw'Ugukingira Urudandazwa, canke urabe ko wosaba kuronka Ikingirwa ry'Uburenganzira Umuntu Aba Afise ku Kirango.
Iyo turonse amakuru atumenyesha ikitagenda neza avuye ku muntu abifitiye ububasha canke umuserukizi yemewe n'amategeko, duca dukurako canke tukagabanya amakuru yerekeye:
  • Guhonyanga amategeko yerekeye ukwegukirwa n'igikorwa cawe bwite.
  • Guhonyanga amategeko akingira ukwegukirwa n'izina ry'ikidandazwa kanaka.
  • Kudandaza canke gukora imenyekanisha ry'ibidandazwa vya magendo
  • Kubesha ko ukukira ishirahamwe kanaka rizwi
  • Ukundi guhonyanga canke kutubahiriza uburenganzira ku buhinga ntavogerwa canke ubundi burenganzira bwerekeye ubutunzi
Dushobora kandi gukurako amakuru:
  • Arimwo ibimenyetso vyerekana ko amakuru ariko aragurisha canke arahayagiza ibidandazwa vya magendo bibesha ko vyegukira ishirahamwe rizwi
  • Arimwo inzira ngurukanabumenyi zitwara ku mbuga atari izacu zikora urudandazwa canke zihayagiza ibidandazwa vyikekwa ko ari ivya magendo
  • adandaza canke amenyekanisha ibidandazwa vya magendo bisa ijana kw'ijana canke bihakwa gusa n'amakuru amaze kudomwako urutoke na nyene uburenganzira ko ari ivya magendo
  • Asangiza abandi, amenyekanisha canke yorohereza abantu guhonyanga uburenganzira ku bikorwa mvabwenge
Turakurako amakonte:
  • Abandanya ahonyanga incuro nyinshi aya mategeko.
Turemera amakuru yahawe uruhusha n'umuntu abifitiye uburenganzira kandi akurikiza amategeko agenga gukoresha neza amakuru
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka Ubufasha ku bijanye n'Ihonyangwa ry'Uburenganzira ku Buhinga Ntavogerwa ry'Ayandi Mashirahamwe
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha