Inyifato ishingiye ku Kinyoma

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Inyifato ishingiye ku Kinyoma yerekeza ku buryo butandukanye kandi buhanitse bwo kubesha abantu, bikozwe n'urunani rw'ibikoresho kanaka bishingiye ku kinyoma bigenzurwa n'umuntu umwe canke benshi, mu ntumbero yo kubesha Meta canke umuryango w'abanywanyi bacu canke mu ntumbero yo gukwepa ishirwa mu ngiro ry'Amategeko Ngenderwako yacu.
Aho inkozi z'ikibi zitera ubwoba zikoresha ibiziranga bitari ivy’ukuri kugira ngo zikore ibikorwa vy'ubwoko buhanitse bw'Inyifato ishingiye ku Kinyoma, ziba zinjiye mu vyo twise Inyifato Ishingiye ku Kinyoma Itunganijwe Neza (CIB).
Izi ngingo hamwe n'aya mategeko bishirwa mu ngiro ata gufatira ku makuru canke ku vyiyumviro vy’abantu, kandi bitunganijwe mu ntumbero yo gushiraho ikibanza aho abantu bashobora kwizigirana kandi bakizigira n’abanywanyi bagiranira imigenderanire.
Igihe tumenye iyo mihora, dukurako amakonte atari ay'ukuri, Imbuga, Imigwi, canke ibindi bikoresho vya Meta bifitaniye isano n'ico gikorwa. Mu bihe aho abo bantu kandi bashiraho, batunganya, bakorana, bakoresha, canke bagenzura Imbuga, Imigwi, canke imiryango biserukira amashirahamwe y'ukuri atagira inyifato ihonyanga amategeko, dushobora gufata ingingo zo gukurako abo bantu bahonyanga amategeko ariko tukemerera abantu n'imiryango bitaja mu bikorwa bihonyanga amategeko kubandanya bikoresha amaseruvise yacu.
Igihe cose bishoboka, turasangiza ivyavuye mu bushakashatsi bwacu bwerekeye imihora y'Inyifato Ishingiye ku Kinyoma Itunganijwe Neza (CIB) mu Vyegeranyo ku Ngorane Zishobora Kwaduka, biboneka ngaha. Ibi vyegeranyo ntibifise intumbero yo gushira ahabona ibikorwa vyose vyerekeye ishirwa mu ngiro ry'amategeko riri mw'Itegeko ryerekeye Inyifato Ishingiye ku Kinyoma, ariko bigamije gufasha abanywanyi bacu gutahura uko iterabwoba tugenda turahura naryo kuri uru rubuga rigenda rirahinduka.
Ntitwemerera:
Gutanguza, gukoresha, canke kwemeza ko wakoresheje Ibikoresho Bitari ivy'Ukuri vya Meta (Amakonte, Imbuga, Imigwi, n'ibindi.) mu ntumbero yo:
  • Guhuvya Meta canke abakoresha ubuhinga bwacu ku vyerekeye umwidondoro, canke amamuko y'abakurikirana ibica ku rubuga canke y'ishirahamwe baserukira
  • Gukwepa ishirwa mu ngiro ry'amategeko biciye mu Mategeko Ngenderwako yacu.
  • Gukoresha nabi ubuhinga bwa Meta bwo kudoma urutoke ku bitagenda neza mu ntumbero yo gukubagura, gutera ubwoba canke gucecekesha abandi.
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Ntitwemerera:
  • Amashirahamwe kugaragaza, canke kwiyitirira ko afise Inyifato Ishingiye ku Kinyoma Itunganijwe Neza, isigurwa nk'inyifato cane cane ihanitse ishingiye ku kinyoma aho imyidondoro atari iy'ukuri ari yo shingiro y'igikorwa kandi ababikora bakoresha uburyo bubi kugira ntihagire n'uwubica n'ikanda canke kugira bagaragare nk'abakorera mu kuri; hamwe n'
  • Amashirahamwe gufata ingingo yo, canke kuvuga ko yafashe ingingo yo Kwivanga nk'Amashirahamwe Mvamahanga, bisobanurwa nk'Inyifato Ishingiye ku Kinyoma Itunganijwe Neza aho ayo mashirahamwe agize urunani aba atari mu gihugu kimwe n'igihugu abantu ivyo bikorwa bigamije gukorerwa babamwo.
  • Amareta yashizeho amategeko yo kwugara imbuga hwaniro mu kiringo kinini mu ntumbero yo gukoresha ibisata, amashami, hamwe n'ibiro vy'ubuserukizi vyayo ngo yanke ikoreshwa ry'igikenye canke imigumuko mu gihe akarere k'igihugu kanaka kavogerewe n'ikindi gihugu hahonyanzwe Ingingo ya 2(4) y'amategeko agenga Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Rondera ubufasha bwerekeye inyifato ishingiye ku kinyoma
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha