Gucura Abantu Bufuni na Buhoro

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Mu ntumbero yo gutesha no kugwanya ubugizi bwa nabi, turakurako amakuru afasha canke atunganya gucura bufuni na buhoro, harimwo n'urudandazwa rw'abantu. Urudandazwa rw'abantu turusigura nk'urudandazwa rwaka umuntu umwidegemvyo wiwe ku mvo z'inyungu. Ni uguhindura abantu abacakara mu ntumbero yo kubasunikira gukora ubumaraya, ibikorwa bugumye, canke ibindi bikorwa batavyipfuza. Guhagaze mu kubesha, guhata hamwe no gukoresha abantu ku nguvu, kandi bibambura agateka mu kubaka umwidegemvyo mu gihe hari abandi bantu bariko barabaronkerako inyungu.
Urudandazwa rw'abantu ruboneka mu buryo bwinshi kandi ruri kw'isi yose. Rushobora kugira ingaruka ku muntu uwo ari we wese hatisunzwe imyaka yiwe, uko yifashe mu mibereho yiwe no mu butunzi, ubwoko bwiwe, igitsina ciwe canke aho aherereye. Ruboneka mu buryo butandukanye, kandi urudandazwa rwose rw'abantu ruba rufise intambwe rucako mu gutera imbere. Kubera ugukoresha inguvu kw'iryo kubagura, ababigirirwa nta karyo ko guhitamwo bahabwa.
Naho tudakwiye kwitiranya urudandazwa rw'abantu no kwinjiza mu gihugu abantu mu buryo butemewe, birafitaniye ubucuti kandi birafise aho bihurira. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risigura kwinjiza mu gihugu abantu mu buryo butemewe nko gufasha abantu kwinjira mu gihugu mu buryo butewe n'amategeko bajabutse imbibe zizwi. Naho bidasaba gukoresha agahato canke inguvu, birashobora gutuma abantu basanzwe bakarirwa bacurwa bufuni na buhoro, mu gihe bariko baragerageza kuva mu gihugu cabo barondera ubuzima bwiza, bacurwa bufuni na buhoro. Kwinjiza mu gihugu abantu mu buryo butemewe ni icaha gikorerwa igihugu, gishingiye ku ruja n'uruza, hanyuma kwinjiza mu gihugu abantu mu buryo butemewe ni icaha gikorerwa umuntu, gishingiye ku gucurwa bufuni na buhoro.
Hambavu y'amakuru atera ivyatsi, akangurira abantu, canke amakuru adoma urutoki ku rudandazwa rw'abantu canke kubinjiza mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko, turemera ubutumwa busaba canke busangiza abandi amakuru ajanye n'umutekano no kujabuka imbibe, canke kurondera ubuhungiro canke uburyo bwo kuva mu gihugu.
Ntushire ku rubuga:
Amakuru, ibikorwa canke ibiganiro birondera abantu mu bijanye no, vyorosha canke bikoresha abantu biciye mu buryo bumwe muri ubu bukurikira bw'urudandazwa rw'abantu:
  • Kudandaza abantu mu ntumbero y'ubusambanyi (igikorwa cose c'urudandazwa rushingiye ku busambanyi bw'abana canke igikorwa cose c'urudandazwa rushingiye ku busambanyi n'abantu bakuze hakoreshejwe inguvu ububeshi, canke agahato)
  • Kugurisha abana canke kubarondere ababarera mu buryo bunyuranye n'amategeko
  • Gutwara abana mu marerero y'impfuvyi hamwe n'ingenzi zigendera ayo marerero mu ntumbero yo kubironkamwo inyungu.
  • Gushingira ku gahato (harimwo no gushingira abana)
  • Gukoresha abantu mu buryo bw'ubucakara (harimwo no gukoresha abantu ngo barihe ideni)
  • Gukoreshwa bucakara mu rugo rw'umuntu
  • Kudandaza ibihimba vy'umubiri bitisubiriza, hatarimwo gukura igihimba mu muntu, gutanga, canke gushira igihimba gishasha mu muntu, iyo itangwa ry'ico gihimba ryabaye atawugiriwe nabi
  • Gukoresha ivyaha abantu ku nguvu (uturorero: gusegereza ku nguvu, kudandaza ibiyayuramutwe ku nguvu)
  • Kwinjiza abana mu gisoda
Amakuru arimwo ingene umuntu canke ishirahamwe kanaka batanga akazi, borohereza canke baronka inyungu zivuye (ari izerekeye amafaranga canke ibindi) mu bikorwa vy'urudandazwa rw'ubusambanyi
Amakuru ajanye n'ukwemera gukora canke gufasha mu gikorwa co kwinjiza abantu mu kindi gihugu.
Amakuru asaba abantu ubufasha bwo kwinjiza abandi mu gihugu mu buryo butemewe n'amategeko.
Turemera amakuru asanzwe avugwa muri aya mategeko igihe ashizwe ku rubuga mu ntumbero yo gutera ivyatsi, kwigisha abantu, gukangurira abantu kuyamenya canke mu ntumbero yo kumenyesha amakuru.
Nk'uko biri mu mategeko yacu yerekeye Gucura Bufuni na Buhoro, abajejwe gukora isuzuma mw'ishirahamwe ryacu hamwe n'ubuhinga bwacu bwikoresha birashobora kandi kwihweza ibimenyetso bitandukanye vy'inyifato kugira bifashe mu kumenya hamwe no mu gufatira ingingo amakonte arenga ku mategeko.
  • Turashobora gukurako amakonte twisunze ivyo akorana n'ayandi makonte ahonyanga amategeko, ivyo arondera ku rubuga canke ukungene agira ico akoze ku makuru ahonyanga amategeko, canke kuba yegukira imiryango yo ku rubuga (akarorero: Imigwi) twakuyeko kubera yahonyanga amategeko yacu.
Ku bijanye n'Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Dushobora gukurako amakuru ajanye no gutanga akazi mu bibanza bishobora kubamwo icaha co gucura bufuni na buhoro abakozi iyo vyemejwe n'abajejwe umutekano, amashirahamwe yigenga yo mu karere, canke abandi bafatanyabikorwa b'abizigirwa
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku bijanye n'ugucura abantu bufuni na buhoro
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha