Forode, Ukwibisha Uruyeri, n'Ibikorwa Bishingiye ku Kinyoma

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Intumbero yacu ni ugukingira abanywanyi n'amashirahamwe y'ubudandaji ubusuma bushingiye ku kinyoma bugamije kubatwara amafaranga yabo, ubutunzi bwabo hamwe n'amakuru abadondora. Ibi tubishikako mu gukurako amakuru no kurwanya inyifato ikoresha n'ibigirankana ikinyoma – nko kubesha utiyumviriye ku bandi, amakuru yibwe no gusaba ibintu kanaka mu buryo burengeje urugero – mu ntumbero yo kwibisha uruyeri canke ikinyoma abanywanyi, amashirahamwe y'ubudandaji, canke kugira utume abantu baguhurumbira. Muri ivyo harimwo amakuru arondera gutunganya canke guteza imbere ivyo bikorwa hakoreshejwe amaseruvise yacu. Turemerera abantu gukangurira abandi no kubigisha ndetse no gutera ivyatsi ivyo bikorwa.
Ntitwemerera:
Amakuru agerageza kwibisha uruyeri canke kwiba abanywanyi na/canke amashirahamwe y'ubudandaji biciye muri:
Loan Fraud and Scams
Amakuru yerekeye:
  • Atanga ingurane isaba umunywanyi kuriha amafaranga imbere yo kuronka iyo ngurane.
  • Atanga ingurane isaba ingwati canke igisa n'ingwati co kwemeza, bishobora gutahurwa mu buryo butomoye canke budatomoye hisunzwe uko ibintu bimeze (nk'ibivugwa bijanye no kwemeza ingurane hatabanje gusabwa amakuru ajanye n'ubutunzi umuntu afise).
  • Menya neza: Turarondera n'ibindi vyemezo kugira ngo twemeze nimba ishirahamwe rishira ku rubuga amakuru yemewe atarimwo ibinyoma, nk'iyo ari ishirahamwe canke ibanki canke ishirahamwe ricuruza amafaranga vyasuzumwe.
Gambling Fraud and Scams
Amakuru yerekeye:
  • Gutanga amaseruvisi akoresha amafaranga nyakuri mu kamari ("Amafaranga nyakuri" ni amafaranga akoreshwa mu buzima busanzwe ashobora gukoreshwa mu kugura ivya nkenerwa canke amaseruvisi mu buzima bwa misi yose, harimwo amafaranga akoreshwa mu bihugu nk'Idolari rya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'amafaranga yo ku ngurukanabumenyi nka Bitcoin):
    • gutanga icemeza ko intsinzi ihari.
    • gushaka kwerekana canke kwemeza ko habaye ubusuma mu vyavuye mu rukino.
    • gusaba abantu guhirika urukino kugira rugende uko wipfuza canke kurondera ubufasha canke impanuro ku bijanye no guhirika urukino canke agakino
Inkino za kazino zo mu kibano zikaburira abantu gukina akamari ariko ata karyo ko gutsindira amahera nyakuri bigengwa n'Amategeko Ngenderwako yacu yerekeye Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe Akarimbi.
Forode canke Ukwibisha Uruyeri mu bijanye no Gushira Imitahe mu Bintu canke Bishingiye ku Mafaranga
  • Investment Opportunities. Amakuru yerekeye:
    • Atanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa ruzana inyungu ata nkeka canke ata bwoba bwo guhomba.
    • Atanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa ruzana inyungu canke kurihwa bihagaze ku ruhande rumwe canke mu buryo bwose ku kurondera abandi banywanyi baza muri urwo rudandazwa.
    • Rutanga akaryo ko gushira imitahe mu rudandazwa ruzana "inyungu mu buryo bwihuse" kandi yemeza ko umutahe muto ushobora kuvamwo amahera menshi.
  • Money/Cash Flip. Amakuru yerekeye:
    • Avuga ivyo guhindura igitigiri c'amahera kanaka akaba menshi cane biciye kugwiza amahera canke amayeri canke uburyo buvugana neza ko harimwo "kugwiza amahera", canke amajambo asa n'ayo.
Money Muling and Laundering Fraud and Scams
  • Money Muling. Amakuru yerekeye:
    • Atanga canke asaba amahera yabonetse bidaciye mu mategeko (bituma ababigiyemwo bisanga mu vyo gutanga amahera no gusangira inyungu bidaciye mu mategeko batabizi mu gukoresha amakonte yabo ya banki canke mu kurungika amafaranga babikorera abandi).
    • Atanga canke asaba amahera yabonetse bidaciye mu mategeko biciye mu gutanga akazi ko kwakira no kurungikira amahera abandi bantu hakoreshejwe ikonte ya banki y'uwakoreshejwe atabizi.
  • Money Laundering. Amakuru yerekeye:
    • Asaba, ahimiriza canke arondera gashigikira igikorwa co kwegeranya amahera adaciye mu mategeko, ari bwo buryo bwo kurondera amahera mu buryo butemewe n'amategeko ariko bakagomba kwerekana ko vyemewe n'amategeko mukunyegeza inkomoko y'ayo mahera biciye mu ntambwe nyinshi zo guhanahana amahera, biciye muri imwe muri izi nzira zikurikira:
      • Arondera kurungika amafaranga biciye kuri SWIFT ((Society for Worldwide Interbank Financial Telecommunications) canke uburyo busa n'ubwo.
      • Arondera canke atanga ido n'ido ku bijanye n'ubwoko bw'amakonte ya banki ariho kugira ngo afashe kwakira no kurungika amahera.
Inauthentic Identity Fraud and Scams
Amakuru yerekeye:
  • Agerageza kwibisha uruyeri canke guca mu ryahumye abanywanyi biciye mu kwerekana umwidondoro utari wo w'uwabishize ku rubuga canke mu kutavuga neza ico asaba:
    • Ubusuma mu vyo gufasha abakene no mu kwibisha uruyeri, na vyo akaba ari ugusaba amahera canke ibindi bintu kurimwo ubusuma mu ntumbero yo gufasha abantu, uwusaba akaza avuga ko ivyo ariko arasaba vyihuta kandi birimwo n'amakuru nk'ayajanye n'amakonte ya banki, aho amahera ashobora kurungikwa.
    • Ubusuma mu vyo gukundana no kwibisha uruyeri, na vyo akaba ari ukugerageza kwiba biciye gushira ku mbuga ngurukanabumenyi amahuriro y'imigenderanire ifatiye ku rukundo mu kurondera ubugenzi canke ubucuti budafatiye ku guhuza ibitsina np gutanga canke gusaba amahera canke ikindi binganya agaciro mu kibanza cavyo.
    • Ubusuma mw'ishirahamwe ry'ubudandaji/mu gisata kanaka no kwibisha uruyeri, birimwo kwigira umuserukizi canke uwugira ishirahamwe ry'ubudandaji canke igisata kanaka, mu ntumbero yo kugerageza kwibisha uruyeri canke guca mu ryahumye abantu.
Magendo canke Ukwibisha uruyeri Bifitaniye Isano n'Ibidandazwa canke Udushimwe
  • Magendo n'Ukwibisha Uruyeri mu bijanye n'Imfashanyo za Reta. Amakuru yerekeye:
    • Avuga ko atanga amafaranga mu yatanzwe na reta canke iyindi nkomoko yose yo muri reta kandi atari vyo Turaba ibimenyetso bitandukanye kugira ngo twerekane nimba igisata kanaka gishira ku rubuga amakuru yemewe canke atarimwo ubusuma, nk'ivyo bivuye mu gisata casuzumwe.
  • Tangible, Spiritual or Illuminati Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Atanga ubushimwe nyakuri, nk'amahera, ibintu canke amaseruvisi bifise agaciro k'amakera harimwo amahera aboneka canke ayo ku mbuga ngurukanabumenyi, canle ibintu n'amaseruvisi biboneka canke ivyo ku ngurukanabumenyi kugira ngo umuntu abe umunywanyi canke yinjire mw'ishirahamwe, umugwi wugaye, umugwi w'idini (akarorero aba iriminati).
    • Atanga ubushimwe buboneka mu gukoresha amareba canke ibiheko canke ibikoresho vyo kurogesha (akarorero, ibiheko, amareba, uduheko two kwambara, ubumenyetso, uduhimba tw'ibintu, ingodo y'amaraba, n'ibindi).
  • Insurance Fraud and Scams. Amakuru yerekeye:
    • Atanga ubwishingizi buzimbutse cane kandi butari bwo hanyuma agasaba kuriha imbere amahera kanaka (amahera yo kwinjira canke kubanza gushira kuri konte amahera kanaka, canke ibisa n'ivyo).
    • Atanga ubwishingizi buzimbutse cane kandi butari bwo hanyuma agasezerana kuzinganya amahera menshi ku bwishingizi ugereranije n'ubwishingizi bumenyerewe (n'imiburiburi biri musi ya 30%).
    • Menya neza: Turarondera n'ibindi vyemezo kugira ngo twemeze nimba ishirahamwe rishira ku rubuga amakuru yemewe atarimwo ibinyoma, nk'iyo ari ishirahamwe canke ibanki canke ishirahamwe ricuruza amafaranga vyasuzumwe.
  • Job Fraud and Scams. Amakuru yerekeye:
    • Atanga ubuzi ariko ivyo umuntu azoba ajejwe bitaboneka neza hamwe n'akaryo ko gutunga binyarutse aho basezerana amahera mu gihe gito ushizemwo imitahe canke inguvu.
    • Atanga akazi ariko ata makuru yerekeye ako kazi ahari, akavuga gusa ko hari akazi kabonetse.
    • Atanga akazi ko gukorera i muhira ariko ako kazi ubwako kerekana ko umuntu adashobora gukorera i muhira.
    • Atanga ubuzi aho basezerana kugura igice c'umushahara imbere y'igihe.
    • Atanga ubuzi ata gukekerenya kurimwo.
    • Atanga ubuzi ariko bagasaba kuriha amafaranga kanaka imbere imbere yo kuguha ako kazi.
    • Menya neza: Turarondera n'ibindi vyemezo kugira ngo twemeze nimba ishirahamwe rishira ku rubuga amakuru yemewe atarimwo ibinyoma, nk'iyo ari ishirahamwe ryasuzumwe.
  • Debt Relief and Credit Repair Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Asezerana gufuta canke gukuraho canke kugabanya amahera kanaka mu gihe cashinzwe.
    • Asezerana guhagarika canke gufuta ibijanye n'ingurane vyose canke n'imanza mu butungane.
    • Asezerana guharira canke gufuta ingurane biciye mu "mugambi mushasha wa reta" canke guhindura amategeko canke ingingo isa n'iyo.
    • Asezerana gufuta canke gukurako amakuru ajanye n'ingurane mu maraporo yerekeye ingurane canke gutanguza "umwidondoro w'ingurane" mushasha.
    • Menya neza: Turarondera n'ibindi vyemezo kugira ngo twemeze nimba ishirahamwe rishira ku rubuga amakuru yemewe atarimwo ibinyoma, nk'iyo ari ishirahamwe canke ibanki canke ishirahamwe ricuruza amafaranga vyasuzumwe.
  • Giveaway Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Aha agashimwe k'amahera nyakuri ata gukekeranya abanywanyi bakeneye:
      • Kwiyandikisha ku nzirana nkurukanabumenyi yo hanze y'urubuga ngurukanabumenyi.
      • Guhanahana Amakuru Abaranga Aberekeye (PII) canke ayandi makuru aberekeye.
      • Kugira ivyo babaza hanze y'urubuga-hwaniro canke ku rubuga-hwaniro biciye mu butumwa bahanaha hagati yabo.
      • Kudafata ingingo.
  • Magendo canke Ukwibisha uruyeri mu Kuriha Amafaranga Imbere. Amakuru yerekeye:
    • Gusezeranira abantu kubaha amafaranga kandi atari vyo igihe batanze vansi canke ubemereye kubarungikira amafaranga.
Fake Documents Fraud and Scams
  • Fake or Forged Documents. Amakuru yerekeye:
    • Atanga akazi, gutanguza ibintu, gukurisha, kugura canke kudandaza impuro zitari zo canke zakoze n'abandu.
    • Avuga ivyo kugurisha viza canke ikarata y'icatsi kibisi (green card).
    • Ashingira intahe ivyo kwemeza viza canke ikarata c'icatsi kibisi (green card).
    • Yemerera abanywanyi ko bazokwemererwa viza batarinze guca mu bisabwa vyose.
  • Fake or Counterfeit Currency. Amakuru yerekeye:
    • Yemera ivyo kugurisha, kugura canke kudandaza amafaranga y'ibinyoma canke yiganywe, kiretse amafaranga akoreshwa mu nkino (akarorero Amahera afatwa nk'ayatariho canke atagira agaciro) nimba hari ivyerekana neza ko ari ku mvo z'inkino.
  • Fake or Counterfeit Vouchers. Amakuru yerekeye:
    • Gutanga, kugurisha, kugura canke kudandaza udupapuro dusigarira amahera tw'ibinyoma canke twiganywe.
    • Kwemera, gushira imbere canke gusaba ikoreshwa ry'udupapuro tuja mu kibanza c'amahera tuboneka canke two ku ngurukanabumenyi kugira ngo haboneke ibiciro vyisa mu:
      • gukoresha udupapuro tuja mu kibanza c'amahera mu kugura ibikoresho bidasanzwe bigurwa n'utwo dupapuro; canke
      • mu gukoresha udupapuro tuja mu kibanza c'amahera twataye igihe.
  • Fake or forged educational and professional certificates. Amakuru yerekeye:
    • Agurisha, agura canke adandaza impupuro zemeza ubumenyi mu vyigwa n'akazi zitari zo canke zakozwe.
Stolen Information, Goods or Services Fraud and Scam
  • Carding Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Arimwo kugura, kugurisha canke kudandaza amakarata y'amafaranga yibwe canke ibindi bikoresho bijanye n'amahera bishobora gukoreshwa mu kugura kutemewe (bizwi kandi nko gukoresha amakarata mu buryo butemewe).
  • PII Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Avuga ivyo kugura, kugurisha canke kudandaza Amakuru Adondora Umuntu (PII) canke ayandi Makuru Yerekeye Umuntu uretse gusa iyo ari ibiraba umuntu atazwi.
  • Fake Review Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Ahamagarira abantu kugura, kugurisha canke kudandaza umwihwezo canke isuzuma ry'ikidandazwa.
    • Aha abanywanyi, mu buryo bugaragara canke butagaragara udushimwe kugira ngo bagire umwihwezo hanyuma bakabemerera kugabanya ibiciro, kubasubiza amahera canke ibidandazwa vya gusa.
  • Subscription Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Avuga ivyo kugura, kugurisha canke kudandaza amaseruvisi y'ibisabwa mu kwemererwa (ibisabwa mu kwinjira mu ma seruvisi yo ku mbuga ngurukanabumenyi bisaba kuriha rimwe na rimwe mu biringo bizwi) mu kwerekana seruvisi kanaka yo kurihira ku mbugangurukanabumeyi, biciye mu kuyivuga canke mu gusangiza abandi logo yayo.
    • Menya neza: Turarondera n'ibindi vyemezo kugira ngo twemeze nimba ishirahamwe rishira ku rubuga amakuru yemewe atarimwo ibinyoma, nk'iyo ari ishirahamwe canke ibanki canke ishirahamwe ricuruza amafaranga vyasuzumwe.
  • Cheating Fraud and Scam. Amakuru yerekeye:
    • Avuga ivyo gusangiza abandi, kugurisha, kudandaza, canke kugura:
      • Impapuro z'ikibazo cimirije canke impapuro ziriko inyishu z'ikibazo.
      • Ibidandazwa n'amaseruvisi bifasha kwiba mu bibazo.
      • Ibidandazwa n'amaseruvisi bifasha gukoresha ibibazo bijanye n'imiti mu buryo butarekuwe.
Unauthorized Use of Devices Fraud and Scam
  • Device Manipulation Fraud and Scam. Amakuru yerekeye
    • Ahamagarira abantu kugura, kugurisha, kudandaza canke guhanahana ibikoresho vyo gupima vyakoreshejwe, vyahinduwe canke vy'ibinyoma.
    • Yemeranya, avugira canke ahamagarira abantu gukoresha mu buryo bugaragara ibikoresho vyahindaguwe kugira ngo ashireko ibiciro bitajanye.
  • Digital Content Fraud and Scam. Amakuru yerekeye
    • Atanga canke asaba ibidandazwa bifasha canke bihimiriza gushikira amakuru yo ku ngurukanabumenyi mu buryo butarekuwe. Ibi birimwo, ariko ntibigarukira kuri: dekoderi zagwijwe, dekoderi zirimwo ama inite/KODI na seruvisi za KODI.
Deceptive and Misleading Practices
  • Misleading Health Practices. Amakuru yerekeye
    • Kumenyakanisha amakuru ajanye n'ivy'amagara atari yo canke ahuvya canke yemeza abantu ivyo kugabanya ibiro hakoreshejwe uburyo bwo gutega abantu mu gufyonda ahantu ugasabwa kuriha, nko gukoresha akarimi gasosa mu kwemerera abantu ibintu vyinshi canke birenze
Kuri aya makuru akurikira, turagabanya abashobora kuyabona, tukemerera gusa abakuze, bafise imyaka 18 canke irenga:
Amakuru yerekeye
  • Asezeranira abantu inyungu kanaka zo kagabanya ibiro mu bihe kanaka ariko utabamenyesheje neza ingene uzobigenza.
Naho biri uko, ntitubuza amakuru atera ivyatsi, akangurira abantu canke atanga ubumenyi ku bijanye n'ubusuma no kwibisha uruyeri, hatarimwo kumenyesha amakuru ahungabanya canke kumenyekanisha ibijanye n'ubusuma canke kwibisha uruyeri
Ku bijanye n'Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
  • Dushobora gukurako amakuru:
    • Arimwo ibijanye n'ubusuma/kwibisha uruyeri vyamaze kuregwa n'ishirahamwe ryizeye.
    • Ajanye n'igiturire canke no kunyonyeza
    • Avuga ivyo gutanga incanco mu kugerageza kwibisha uruyeri canke kwiba abanywanyi.
    • Agerageza gushiraho umuntu atari we, ashaka kwigira umuntu rurangiranwa, canke gukoresha mu buryo butemewe isanamu y'umuntu rurangiranwa mu ntumbero yo kwibisha uruyeri canke gukora forode.
    • Atanga canke asaba ibikoresho canke amaseruvisi yo gufasha mu kuraba umuntu canke gufata amajwi mu kinyegero, akarorero kamera zo gutata, ibifasha gukurikirana terefone ngendanwa (harimwo ibifasha gukurikirana inomero za terefone ngendanwa zitazwi), canke ibindi bikoresho vyo gucungera mu buryo bwihishije.
    • Avuga ibijanye n'akaryo ko kurondera abakoze birimwo amatati ku bantu bitaba imanza z'ubutungane babanje kwigira abaserukira igisata kanaka ca reta canke ikinyamakuru kanaka, mu gukoresha akarimi gasosa, canke mu gushikiriza amajambo arenza urugero.
    • Avuga ibijanye n'amaseruvisi yo kwiyandikisha asaba abanywanyi gutanga ubwo nyene Amakuru Aberekeye.
    • Ntitwemerera amashirahamwe kugira uruhara canke kuvuga ko akora ibijanye na Magendo itunganijwe canke inyifato yo Kwibisha Uruyeri, harimwo gukoresha amakonte menshi canke Instagram ku maseruvisi yacu mu ntumbero yo gukomeza ingendo yo kwiba.
Rimwe na rimwe, turemerera amakuru asanzwe aboneka nk'ayahonyanga Amategeko Ngenderwako yacu, mu gihe bizoba vyagaragaye yuko ayo makuru ariko atera ivyatsi ikintu abicishije mu gutwenza abantu. Ayo makuru azokwemererwa mu gihe ibiyarimwo bihonyanga amategeko bizoba biriko bikoreshwa mu gutera ivyatsi ikintu biciye mu gutwenza abantu gusa canke bigenewe umuntu canke ikintu kanaka mu ntumbero yo kubihema canke kubitera ivyatsi.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye forode, ukwibisha uruyeri, n'ibikorwa bishingiye ku kinyoma
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha