Amashirahamwe hamwe n'Abantu vyo Kugabako

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Mu ntumbero yo kurinda no kurwanya ubugizi bwa nabi bwo mu buzima bwa misi yose bukunda kuba, ntitwemera ko amashirahamwe canke abantu bavuga imigambi y'ububisha bafise canke basanzwe bakora ububisha bagira ikibanza ku mbuga zacu. Turakurikirana ibikorwa vy'ayo mashirahamwe hamwe n'abo bantu twisunze inyifato yabo ku mbuga ngurukanabumenyi no mu buzima busanzwe, na canecane, ubucuti bafitaniye n'ububisha. Muri iri tegeko, turagena abantu bikorera ku giti cabo, amashirahamwe n'imigwi y'abantu bakorana. Ukwo kugena kuza mu mice ibiri yerekana urugero rw'ishirwa mu ngiro ry'amakuru. Ishirwa mu ngiro rijanye n'umuce wa 1 riba rishika kure cane gusumba ahandi kuko tubona ko ayo mashirahamwe canke abo bantu bafise aho bahurira mu buryo bugaragara n'ubugizi bwa nabi budaciye ku rubuga.
Umuce wa 1 uraba amashirahamwe canke abantu basanzwe bakora ububisha bukomeye hanze y'urubuga-harimwo gutegura canke gushigikira ububisha bukorerwa abanyagihugu basanzwe, gutesha agaciro abantu kenshi canke gushigikira ubugizi bwa nabi bukorerwa abantu bushingiye ku bibaranga bikingiwe, canke kugira uruhara mu bikorwa vy'ubugizi bwa nabi vyateguwe neza. Umugwi wa 1 urimwo amashirahamwe y'urwanko; amashirahamwe akora ububisha butunganije, harimwo n'ayadomweko urutoke na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk'Amashirahamwe Azwi ko ari mu Rudandazwa rw'Ibiyayura Mutwe (SDNTKs); n'amashirahamwe y'iterabwoba, harimwo n'amashirahamwe n'abantu vyadomweko urutoke na Reta Zunze Ubumwa za Amerika nk'Abantu n'Amashirahamwe y'Iterabwoba yo Hanze (FTOs) canke Amashirahamwe y'Iterabwoba Azwi kw'Isi (SDGTs). Turakurako amakuru ashemagiza, ashigikira biboneka n'ayaserukira amashirahamwe yo mu mugwi wa 1 hamwe n'abarongozi bayo, abayatanguje canke abanywanyi bayo bakomeye hamwe n'amakuru abavuga mu buryo buhinyitse.
Ikigeretseko, ntitwemera amakuru ashimagiza, ashigikira canke aserukira ibikorwa Meta ifata ko ari ibikorwa vy'ububisha - harimwo ibitero vy'iterabwoba, ibikorwa vy'urwanko, ububisha bukora kuri benshi canke kugerageza gukora ububisha ku bantu benshi, kwica abantu benshi canke ivyaha bishingiye ku rwanko. Ntitwemera kandi (1) Guhayagiza, Gushigikira canke Guserukira abakoze ibitero nk'ivyo; (2) amakuru yateguwe n'abakoze ububisha yerekeye ibitero nk'ivyo; canke (3) amasanamu avuye ahandi yerekana ukwo igitero cakozwe n'amashusho y'abakorewe ubwo bubisha. Turakurako kandi amakuru Ahayagiza, Ashigikira canke Aserukira ivyiyumviro biteza imbere urwanko, nk'ivy'abanazi, abavuga ko abazungu basumba abandi bantu. Turakurako kandi amakuru afobetse avuga ibi bikorwa canke ibi vyiyumviro vyadomweko urutoki.
Umugwi wa 2 urimwo Abagizi Ba Nabi Bategamiye Reta bakora ubugizi bwa nabi babukorera reta canke imigwi ya gisirikare iri mu ngwano ariko itica abanyagihugu basanzwe. Harimwo kandi Amashirahamwe Ahamagarira Abandi Gukora Ububisha atunganya canke ahamagarira abandi kuzokora ububisha muri kazoza ariko adategerezwa kuba aratangura gukora ubwo bubisha gushika ubu. Aya kandi ni amashirahamwe ashobora kugaragara incuro nyinshi ko ahonyanga amategeko yacu yerekeye Inyifato y'Urwanko canke Amashirahamwe hamwe n'Abantu vyo Kugabako ku mbuga canke hanze yazo. Turakurako Uguhayagiza, Amakuru Ashigikira, hamwe no Guserukira ayo mashirahamwe, abarongozi bayo, abayashinze hamwe n'abanywanyi bayo bakomeye.
Turatahura ko abakoresha urubuga rwacu bashobora gusangiza abandi amakuru arimwo ayo mashirahamwe n'abantu vyo kugabako mu gihe bariko bavuga ibijanye na poritike n'ibindi bibazo vyo mu kibano. Muri ivyo harimwo amakuru adoma urutoke, avuga ata rubanza aciye canke atera ivyatsi amashirahamwe n'abantu dukwiye kugabako canke ibikorwa vyayo.
Gutanga amakuru harimwo amakuru asangizwa mu guhimiriza abantu bakamenya ibirori biba mu karere canke kw'isi yose birimwo amashirahamwe n'abantu badomweko urutoke bazwi ko bateza akaga.
  • Nk'akarorero: “Amakuru agezweho: Al-Shabab yiyitiriye igitero cabereye muri Somaliya”
  • Nk'akarorero: “Urukurikirane rw'ivyabaye hamwe n'umwihwezo w'abahinga: Ingene ukurasa kwabereye mu mangazini y'i Buffalo kwagenze be n'ivyo uwakoze ico caha yavuze muri sentare”
Ikiganiro ataho gihengamiye kirimwo amajambo y'ukuri, insiguro, ibibazo, n'ayandi makuru adacira urubanza rwiza amashirahamwe canke umuntu vyadomweko urutoki ko biteye akaga be n'inyifato yavyo.
  • Nk'akarorero: “Al-Qaeda ntiteye ubwoba nka ISIS bivanye n'uko ata buyobozi n'amafaranga ifise”
  • Nk'akarorero: “Anders Breivik ni akarorero kamwe kerekana ukuntu inzira yo kuba intagondwa itoroshe”
Gutera ivyatsi harimwo kudashima, gusesemwa, kwiyamiriza, kunegura, gutwengera mw'ijigo hamwe n'ayandi majambo mabi yerekeye ishirahamwe canke umuntu vyadomweko urutoki ko biteye akaga be n'inyifato yavyo.
  • Nk'akarorero: "Ndumva nashishwe kubera icaha ca Salvador Ramos. Ivyo uwo mucamanza yavuze vyankozeko cane. Ntakwiye kugirirwa ikigongwe na sentare”
  • Nk'akarorero: “Ivyaha vya Hitler ntibizokwigera vyibagirwa. Ivyo vyabaye ibihe vy'umwijima ukomeye cane mu mateka y'isi"
Amategeko yacu atunganijwe mu buryo ashiraho ikibaza c'uguhanahana ivyiyumviro nk'uku, ariko akanagabanya ivyotuma hashobora kubaho ububisha hanze y'urubuga. Ni naco gituma dusaba abantu kwerekana neza intumbero yabo mu gihe co gushiraho ayo makuru canke kuyasangiza abandi. Iyo intumbero y'umunywanyi itumvikana canke idatomoye, duca dufata ingingo yo gukurako ayo makuru.
Mu ntumbero yo kwubahiriza amategeko agenga uburenganzira bwa kiremwa muntu kw'isi, amategeko yacu aremera guhanahana ivyiyumviro ku vyerekeye uburenganzira bwa kiremwa muntu ku bantu canke ku banywanyi b'amashirahamwe yavuzwe yo kugabako, kiretse iyo ayo makuru arimwo guhayagiza, gushigikira, canke guserukira amashirahamwe yavuzwe canke ukundi kurenga amategeko, nko guhamagarira abantu ngo bakore ubugizi bwa nabi.
Turagusavye urabe Poritike y'Ishirahamawe Yerekeye Agateka ka Zina Muntu kugira ngo uronke ayandi makuru y'ukungene twiyemeje kwubahiriza uburenganzira bwa kiremwamuntu bwemewe ku rwego rw'isi.
Dukurako:
Dukurako ivyerekeye guhayagiza, gushigikira, no guserukira amashirahamwe canke abantu bakora ibintu bibi vyo kugabako. Ayo majambo akoreshwa kuri ayo mashirahamwe ubwayo, ibikorwa vyayo, n'abanywanyi bayo. Aya majambo ntabuza gusaba mu mutekano inyishu kanaka mu bijanye na poritike.
Guhayagiza, bisigurwa nka kimwe muri ibi bintu bikurikira:
  • Kwemeza canke guharanira ubugizi bwa nabi canke ibikorwa vy'urwanko vy'umugwi kanaka mukwemanga yuko ivyo bikorwa bisiguritse kandi vyemewe twisunze ubumuntu, tukaraba ibijanye na porike canke tugakoresha ubwenge.
    • Akarorero " Hitler nta kibi yakoze"
  • Amajambo agaragaza canke ashemagiza ihohoterwa canke urwanko rw'umugwi, umuntu, canke ishirahamwe ryavuzwe nk'aho ari ikintu gikomeye cashitsweko;
    • Akarorero “Ishirahamwe Hizbul Mujahideen ririko riratsinda intambara iharanira ukwishira n'ukwizana hamwe n'ukwikukira kw'intara ya Kashmir”
  • Icipfuzo gikomeye co kuba umunywanyi canke icipfuzo co kuba ishirahamwe canke umuntu kanaka canke uwakoze amabi ahonyanga amategeko.
    • Nk'akarorero: “ Nipfuza kwinjira muri ISIS nanje nkifatanya nabo muri Khilafah”
Turakurako amajambo ahayagiza amashirahamwe n'ibirori kanaka vyo mu Muce 1 n'Umuce 2.
Mu muce wa 1 n'ibirori vyatowe, turashobora kandi gukurako ibintu tubona ko bidafise urufatiro igihe uwubikoresha atagaragaje neza ico ashaka kuvuga. Muri ibi harimwo ibitwenza bidatomoye, kuvuga ibintu ntubisigure neza canke kuvuga ibintu vyiza bidahayagiza ububisha canke urwanko rw'ishirahamwe ryavuzwe.
Gushigikira, bisigurwa nka kimwe muri ibi bikurikira:
  • Gushikigira mu gutanga ibikoresho
    • Igikorwa ico ari co cose giteza imbere ubutunzi bw'ishirahamwe kanaka-harimwo no kurungika amafaranga, canke gukura amafaranga mw'ishirahamwe kanaka ryavuzwe;
      • Akarorero; "Ha imfashanyo KKK!"
    • Igikorwa ico ari co cose gitanga imfashanyo y'ibikoresho kw'ishirahamwe kanaka canke ibirori;
      • Akarorero, " Nimba wipfuza kurungika ibintu Umugwi w'Ububisha Sinaloa, koresha iyi aderese:"
    • Gutanga akazi kw'izina ry'ishirahamwe kanaka canke ibirori kanaka;
      • Akarorero: "Nimba wipfuza kuja mu barwanyi ba Karifate, nyandikira"
  • Ubundi bufasha
    • Kurungikira abandi bantu amakuru canke isoko y'amakuru, harimwo n'uguhanahana amakuru mu buryo bwemewe n'amategeko, kw'izina ry'ishirahamwe kanaka canke ibirori kanaka
      • Akarorero: Gukoresha amajambo ishirahamwe kanaka ryakoresheje utabiherekeje n'ayandi majambo y'insiguro avyiyamiriza, abiganirako ataho ahengamiye, canke ari mu makuru ushikiriza.
    • Guhamagarira abantu gukora kw'izina ry'ishirahamwe kanaka canke ibirori kanaka;
      • Akarorero "Niwiture igisata Atomwaffen – (XXX) XXX-XXXX"
Turakurako ubufasha bwose bw'Umuce 1 n'ubufasha bwo mu buryo bwo gutanga ibikoresho vy'Umuce wa 2.
Guserukira, bisigurwa nka kimwe muri ibi bikurikira:
  • Kwemanga ko uri umunywanyi w'akarere kanaka kavuzwe, canke ko uri ako karere nyene kavuzwe;
    • Akarorero, "Ndi igisato c'amahero co muri KKK."
  • Gutanguza Urubuga, Umwidondoro, Ibirori, Umugwi, canke ikindi kintu kuri Facebook cegukira canke gifise intumbero yo kwegukira Ishirahamwe kanaka canke gitwarwa kw'izina ryaryo, canke kiza kiri canke cipfuza kuba ibirori kanaka.
    • Akarorero:"Urubuga rwitwa "Umugambwe w'Abanazi muri Amerika."
Turakurako Uguserukira Amashirahamwe yatowe yo mu Muce 1 n'Umuce 2 hamwe n'ibirori vyatowe.
Ubwoko n'Imice vy'Amashirahamwe Mabi yo Kugabako
Umuce wa 1: Iterabwoba, urwanko rutunganijwe, ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi ku rwego rwo hejuru, kugerageza gukorera ububisha abantu benshi, gukorera ububisha abantu benshi, ubwicanyi bwinshi, hamwe n'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi
Ntitwemerera abantu canke amashirahamwe bikora ububisha butunganije, harimwo n'ivyadomweko urutoke na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk'amashirahamwe azwi ko ari mu rudandazwa rw'ibiyayura mutwe (SDNTKs); urwanko; canke iterabwoba, harimwo n'amashirahamwe yadomweko urutoke na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nk'amashirahamwe y'iterabwoba yo hanze (FTOs) canke Amashirahamwe y'Iterabwoba Azwi kw'Isi (SDGTs) ngo agire ikibanza ku rubuga. Ntitwemera kandi ko abandi bantu bahagararira ayo mashirahamwe. Ntitwemerera abayobozi canke abanywanyi bakomakomeye b'ayo mashirahamwe kugira ikibanza ku rubuga, canke ko ibimenyetso bibaranga bikoreshwa ku rubuga, canke amakuru abahayagiza canke ahayagiza ivyo bakora, harimwo n'ukubivuga mu buryo bufobetse. Ikindi naco, turakurako ivyerekeye ubufasha buhabwa abo bantu canke ayo mashirahamwe.
Ntitwemera amakuru ahayagiza, ashigikira canke aserukira ibikorwa Meta ifata ko ari ibikorwa vy'iterabwoba, ibikorwa vy'urwanko, ububisha bukorerwa abantu benshi canke kugerageza gukora ububisha ku bantu benshi, kwica abantu benshi canke ivyaha vy'urwanko canke ibirori birimwo ububisha bibangamira abantu. Ntitwemera kandi (1) amakuru ashemagiza, ashigikira, canke aserukira abakoze ibitero nk'ivyo; (2) amakuru yateguwe n'abakoze ububisha yerekeye ibitero nk'ivyo; canke (3) amasanamu avuye ahandi yerekana ukwo igitero cakozwe n'amashusho y'abakorewe ubwo bubisha.
Ntitwemera kandi Guhayagiza, Gushigikira, canke Guhagararira ivyiyumviro bishingiye ku rwanko hamwe n'imvugo ifobetse ivyerekeye.
Amashirahamwe y'iterabwoba n'abantu ku giti cabo, bisigurwa nk'abantu canke amashirahamwe bidakorera reta:
  • bikora, bivugira, canke bifasha mu buryo buboneka ibikorwa vy'ububisha vyateguwe canke ibikorwa bifise intumbero yo gukora ububisha,
  • Bituma canke bigerageza gutuma habaho impfu, ugukomereka canke ububisha bukomeye ku benegihugu, canke uwundi muntu adasanzwe ariko ararwana mu gihe c'intambara, hamwe na/canke kwonona bikomeye amatungo bifatanija n'urupfu, ugukomereka bikomeye canke ububisha bukomeye ku benegihugu.
  • Mu ntumbero yo gukandamiza, gutera ubwoba canke guhinduza ivyiyumviro abenegihugu, reta, canke ishirahamwe mpuzamakungu
  • Kugira ushike ku ntumbero kanaka ijanye na poritike, idini canke iciyumviro.
Hate Entity, risobanurwa nk'ishirahamwe canke umuntu akwiragiza canke ahimiriza abantu kugirira urwanko abandi bashingiye ku biranga umuntu bikingiwe. Ibikorwa vy'abo bantu canke ayo mashirahamwe bikaba birangwa n'imiburiburi na bimwe muri izi nyifato:
  • Ububisha, amajambo y'iterabwoba, canke uburyo bwo gutoteza abantu buteza ingorane zikomeye bukorwa hisunzwe ibibaranga bikingiwe;
  • Gukoresha mu buryo bwisubiriza imvugo y'urwanko;
  • Guserukira Ivyiyumviro bishingiye ku Rwanko canke ayandi Mashirahamwe yadomweko urutoke ashingiye ku Rwanko, hamwe no/canke
  • Guhayagiza canke gushigikira Amashirahamwe Ashingiye ku Rwanko canke Ivyuyumviro vy'Urwanko vyadomweko urutoke.
Amashirahamwe y'Inkozi z'ikibi, asigurwa nk'ishirahamwe ry'abantu batatu canke barenga:
  • ryubakiye kw'izina, ibara, indamukanyo canke ikindi kintu kizwi; kandi
  • rimaze gukora canke ritera ubwoba abantu ko rizokora ububisha nko kwica abantu, kudandaza ibiyayuramutwe, canke kunyuruza abantu.
Multiple-Victim Violence and Serial Murders
  • Dufata ibirori kanaka nk'ibirori bikorwamwo ububisha ku bantu benshi canke vyari vyateguye gukorwamwo ububisha ku bantu benshi iyo bitumye abantu batatu canke barenga bamererwa nabi icarimwe, mu buryo bw'impfu canke ugukomereka bikomeye. Umuntu uwo ari we wese yakoze ayo mabi afatwa nk'inkozi y'ikibi canke umuntu yagerageje gukora ikibi ku bantu benshi.
  • Dufata umuntu uwo ari we wese amaze kwica abantu babiri canke barenga mu bihe hamwe n'ibibanza bitandukanye nk'umwicanyi karuhariwe.
Ivyiyumviro vy'urwanko
  • Naho tudoma urutoke ku mashirahamwe canke abantu twisunze inyifato, turemera ko hari ivyiyumviro bimwebimwe bizwi ko bijanye n'ububisha hamwe n'ukugerageza kwegeranya abantu ubahamagarira gukorera abandi ububisha canke kubakumira ufatiye ku bintu bibaranga bikingiwe. Muri ico gihe, duca dutunga urutoke ivyo vyiyumviro ubwavyo maze tugakura amakuru yose ashigikira ivyo vyiyumviro ku rubuga rwacu. Muri ibi vyiyumviro harimwo:
    • Ivyiyumviro vy'Abanazi
    • Kuba Hejuru y'Abandi kw'Abazungu
    • Gukomera kw'Abazungu mu Gihugu Kanaka
    • Gufata ko Abazungu Basumba Abandi Bantu
  • Dukurako Uguhayagiza kugaragara, Ugushigikira, hamwe n'Uguserukira ivyo vyiyumviro, kandi turakurako abantu n'amashirahamwe agaragaza ko ashigikiye kimwe canke vyinshi muri ibi vyiyumviro vy'urwanko.
Umuce wa 2: Abakora Ububisha Bategamiye Reta n'Amashirahamwe Ahamagarira Abandi Gukora Ububisha
Amashirahawe canke abantu bifatwa na Meta nk'Abantu Bakora Ububisha Bategamiye Reta canke nk'Amashirahamwe Ahamagarira Gukora Ububisha ntivyemerewe kugira ibikorwa bikorera ku mbuga-hwaniro zacu, canke ngo biserukirwe n'abandi bantu bakora kw'izina ryavyo. Kubera yuko iyi migwi y'abantu ikora ububisha yivuye inyuma ibukorera reta n'abasoda mu gihe c'indwano (Abakora Ububisha Bategamiye Reta) canke iriko irategura, ihayagiza canke yitegurira gukora ububisha muri kazoza (Amashirahamwe Ahamagarira Gukora Ububisha), ubufasha buhabwa ayo mashirahamwe ntibwemewe. Turakurako kandi amajambo ahayagiza ayo mashirahamwe.
Abagizi ba nabi Bategamiye Reta, ni uwudakorera reta:
  • Yiyemeje gukora ndetse agategura neza ububisha bwo ku rwego rwo hejuru abukorera reta, igisirikare canke iyindi migwi yitwaje ibirwanisho basanzwe bashamiranye mu ntambara, kandi ntarondere kugirira nabi abanegihugu n'ibigirankana canke mu buryo bugaragara mu kubakorera ububisha bubi cane; NA/CANKE
  • Abuza abenegihugu ngo ntibashobore gushikira ibibanza bikomeye bikenewe mu buzima bwa misi yose n'itunga kama; NA/CANKE
  • Akora ibitero bigamije gutera no gusambura inyubakwa n'ayandi mazu ariko bidatuma abantu bahasiga ubuzima, bakomereka canke ngo bahohoterwe.
Amashirahamwe Atuma Habaho Ububisha ni ukuvuga:
Ishirahamwe Rituma Habaho Ububisha (Muri Rusangi) ni ishirahamwe ritegamiye reta:
  • Rifise intumbero canke igikorwa gishirwa imbere co gutanga, biciye mu bugizi bwa nabi, igikorwa co gushira mu ngiro ububasha bw'intwaro bidaciye mu mategeko (nk’igipolisi, igisirikare, ivy’abimukira) mu kibanza c'intwaro ubwayo, canke mu kwunganira intwaro; canke rifise intumbero yo guhungabanya biciye mu bugizi bwa nabi ibikorwa vy'intwaro;
  • Ryateye intambwe igaragara igana kuri iyo ntumbero ryavuze biciye ku mbuga hwaniro za Meta; kandi
  • Ryagize uruhara kenshi mu bikorwa vyo gutera ubwoba canke guhamagarira ububisha bukomeye (ku ngurukanabumenyi canke hanzo yayo);
Ishirahamwe Ryabujijwe kubera Urwanko ni ishirahamwe ritegamiye reta:
  • Ryama rigaragaza inyifato canke imvugo y'urwanko, ariko ritarashika ku rugero rw'ishirahamwe ryo mu Muce wa 1 kuko ritarakora canke ngo rihimirize abandi gukora ububisha mu buryo bugaragara, canke kubera ko ridafitaniye ubucuti bukwiye n'amashirahamwe canke abantu bakomeye twavuze kare.
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
  • Rimwe na rimwe, tuzokwemera ko amakuru asanzwe aboneka nk'ayahonyanga Amategeko Ngenderwako yacu aja ku rubuga rwacu, mu gihe bizoba vyagaragaye yuko ayo makuru ariko atera ivyatsi ikintu abicishije mu gutwenza abantu. Ayo makuru azokwemerwa niyo ibiyarimwo bihonyanga amategeko bizoba biriko bikoreshwa mu gutera ivyatsi ikintu biciye mu gutwenza abantu gusa canke bigenewe umuntu canke ikintu kanaka mu ntumbero yo kubihema canke kubitera ivyatsi.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye abantu hamwe n'amashirahamwe vyo kugabako
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha