Umutekano wo ku buhinga ngurukanabumenyi

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Turemera ko umutekano w'abakoresha urubuga rwacu harimwo n'umutekano w'amakuru yerekeye umuntu ku giti ciwe, amakonte yabo, imyidondoro yabo n'ibindi bintu bashobora kuba batunganya kuri Meta, ndetse n'imbuga n'ubundi buhinga bwacu hamwe n'amaseruvisi yacu muri rusangi. Kugerageza kwegeranya amakuru yerekeye umuntu ku giti ciwe ahungabanya canke kurondera gushikira amakuru aranga umuntu ata ruhusha, biciye mu bubeshi canke mu kuvogera birabangamira ahantu ho gukorera hazima, hugururiye bose kandi hatekanye twipfuza gukomeza.
Ntitwemerera:
Kugerageza guhungabanya canke kwinjira mu makonte uciye mu nzira zitemewe, harimwo:
  • Kwinjira mu makonte, mu myidondoro canke mu zindi mbuga za Meta bitandukanye n'ivyawe biciye mu nzira z'uruhendo canke ata ruhusha rugaragara wahawe na nyene konte, umwidondoro, canke bene imbuga.
  • Kuronka, guhabwa canke gusaba amakuru afasha uwundi munywanyi kwinjira, amakuru yerekeye umuntu canke ayandi makuru nkoramutima yerekeye umunywanyi kugira ngo ushobore kwinjira muri konte yiwe utabifitiye uruhusha, harimwo n'amayeri akurikira:
    • Guta mu mutego, bisigurwa nko gutanguza uburyo bwo guhanahana amakuru canke imbuga ngurukanabumenyi bigamije kuboneka nk'uburyo bwo guhanahana amakuru canke imbuga ngurukanabumenyi vyizewe canke vyubashwe mu ntumbero yo kwegeranya amakuru nkoramutima yerekeye abanywanyi mu buryo bw'ubusuma.
    • Ubuhinga bwokoreshwa mu kibano, nko kugerageza kenshi kandi wamizako kwegeranya canke kuronka inyishu z'ibibazo bibazwa kenshi kugira ngo umuntu asubirane ikonte yiwe canke ijambobanga ryiwe.
    • Malware, Greyware, Spyware canke iyindi kode y'uruyeri, nk'uko bisigurwa aho hepfo.
Kugerageza gusangiza abandi, gutanguza, kwakira canke gutanga kode y'uruyeri canke yonona, harimwo:
  • Gutera intege canke guhenda bene konte ngo bateresharije canke bugurure dosiye canke apurikasiyo canke porogaramu zishobora kugirira nabi ivyo umuntu yabitse kuri konte yiwe, harimwo ariko bitagarukira kuri:
    • Malware, isigurwa nka kode canke software yakorewe kwonona canke gushikira mu butarekuwe sisitemu. Aho harimwo porogaramu zakorewe kwonona sisitemu z'imashini nyabwonko, hamwe na software zakorewe kwiba amahera abantu, biciye mu gusaba impongano ku mbuga ngurukanabumenyi.
    • Spyware, isigurwa nka kode canke software yegeranya amakuru y'abanywanyi hanyuma ikayarungikira ayandi mashirahamwe yo hanze umunywanyi atabanje kubitangira uruhusha, canke igakoresha amakuru mu ntumbero mbi zitemewe (akarorero: gusaba impongano zifatiye ku gitsina, gusaba impongano kugira ngo uhore ivyo uzi ku muntu vyomucafuza, kwinjira muri sisitemu mu buryo butemewe).
    • Greyware, isigurwa nka kode canke software igabanya ikora ry'igikoresho (hardware canke software) kandi igoye cane gukura muri sistemu y'imashini nyabwonko canke y'umuhora.
  • Gutanguza, gusangiza canke kubika porogarama zikoreshwa mu gukora ikibi harimwo n'uduce twongerwa kuri murondezi hamwe n'ama apurikasiyo akoreshwa ku bikoresho ngendanwa, haba ku rubuga canke ahandi maze bigatuma abantu bakoresha imbuga, ubuhinga n'amaseruvisi vyacu bashobora kugira ivyago.
  • Gutera ubwoba bwo kwinjira mu rubuga canke muri konte, kwemera ko wabigizemwo uruhara, canke gushigikira ivyo bikorwa - Harimwo mu gusangiza canke kumenyekanisha porogarama, inyigisho, canke ibindandazwa canke ubuhinga bifasha abantu kuzunguruka uburyo bwo gucungera umutekano, harimwo na porogarama zihimiriza kwinjira mu zindi porogarama utabifitiye uruhusha canke kwiba uburyo bwo kwinjira muri konte.
  • Gutanga ibikoresho vyo gutunganya ubuhinga ku ngurukanabumenyi, harimwo amaseruvisi y'ububiko bw'imbuga, amaseruveri y'amazina akoreshwa n'imbuga ngurukanabumenyi n'imihora yo kumenyekanisha ibikorwa vyemerera inzira ngurukanabumenyi mbi ku buryo nyinshi muri zo zihonyanga amategeko ku mbuga zacu yerekeye ibice vy'ubutumwa butipfuzwa n'umutekano wo ku ngurukanabumenyi vy'Amategeko Ngenderwako.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye umutekano wo ku buhinga ngurukanabumenyi
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha