Gukorana n'Abagizi ba Nabi no Gufasha mw'Irwirirana ry'Ivyaha

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Mu ntumbero yo gukinga no gutesha ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi bikorerwa hanze y'urubuga n'inyifato zivyigana, turabuza abantu kworohereza, gutunganya, guhimiriza canke kwemera ibikorwa bimwebimwe vy'ubukozi bw'ikibi n'ivyonona bigenewe gukorerwa abantu kanaka, amashirahamwe y'ubudandaji, amatungo canke ibikoko. Turemerera abantu kuganira no guharanira ko ibikorwa vy'ubukozi bw'ikibi n'ivyonona vyemerwa n'amategeko, kandi bakerekana ibikorwa vy'ubukozi bw'ikibi n'ivyonona bashobora kuba barabonye canke barashikiwe na vyo, mu gihe gusa badashigikiye canke badatunganya uburyo bwo kugirira nabi abandi.
Dukurako:
Harm against people
  • Ugusohoka: gushira ahabona umwidondoro canke ibibanza bifitaniye isano n'umuntu yagirizwa:
    • Kuba umunywanyi w'umugwi w'abantu bashobora kugirirwa nabi bamenyekanye; kandi/canke
    • Kuba ari incuti kandi/canke akundana n'umunywanyi/abanywanyi b'umugwi bashobora kugirirwa nabi bamenyekanye; canke/kandi
    • Kuba yarakoze akazi mu ntumbero yo gushigikira umugwi w'abantu bashobora kugirirwa nabi bamenyekanye (kiretse ku banyeporitike)
  • Gushira ahabona umwidondoro w'uwujejwe kuraba ko amategeko yubahirijwe, umusirikare, uwujejwe umutekano igihe amakuru arimwo izina ry'uyo muntu, isura yiwe canke baje canke ndetse kimwe muri ibi bikurikira:
    • Ishirahamwe ryubahiriza umutekano uwo mukozi akukira
    • Igikorwa co kwubahiriza umutekano c'uwo mukozi
    • Kuvuga mu buryo bweruye ko ari ba manenko
  • Gutunganya ibikorwa, gutera ubwoba, gushigikira, canke kwemera ko ubu mu nzu kanaka utabifitiye uburenganzira kiretse bikozwe mu ntumbero yo gukangura abantu ngo batahure canke gutera ivyatsi, bikozwe mu buryo bw'ibikino canke kwigana ibikorwa kanaka canke mu buryo bwo kwikingira.
  • Gushushanya, guhayagiza, gushigikira canke guhimiriza abantu ngo bitabire amahiganwa ateye ubwoba ariko araca ku rubuga kiretse bikozwe mu buryo bwo gukangura abantu canke gutera ivyatsi. Igihe amasanamu yerekanywe muri izi ntumbero, turashirako akamenyetso kayaranga kugira ngo abantu bamenye ko harimwo ubutumwa bushobora guhungabanya umuntu.
Harm against animals
  • Gutunganya ibikorwa, iterabwoba, gushigikira canke kwemera ko habaho gukomeretsa ibikoko (mu buryo bwanditswe, bugaragaza amasanamu canke bikozwe mu buryo bw'amajwi) kiretse muri ibi bihe bikurikira:
    • Gukangurira abantu canke gutera ivyatsi
    • Kwigarura
    • Kurokoka canke kwivuna, gukingira uwundi muntu canke ikindi gikoko
    • Mu buryo bw'ibikino canke bikozwe mu ntumbero yo gutwenza KIRETSE igihe ayo masanamu yerekana ibikino vy'ibikoko biriko birarwana canke ugutabara ibikoko atari ivy'ukuri
    • Guhiga canke kuroba
    • Gutanga ikimazi mu migenzo y'idini
    • Gutegura ibifungurwa no kubihingura
    • Udukoko twonona indimo canke utwonono ibitungwa
    • Uguhohosha indembe
    • Kurwana kw’amapfizi
  • Gutunganya ibikorwa, iterabwoba, gushigikira, gucapa canke kwemera ko ibikoko birwana canke kugereranya ireresi isa naho yerekana ibikorwa vyo gutabara ibikoko ariko atari vyo, kiretse bikozwe mu ntumbero yo gukangurira abantu kubimenya canke gutera ivyatsi canke kurokora.
Kwonona amazu canke ayandi matungo
  • Guhuza ibikorwa, gutera ubwoba, gushigikira canke kwemera ko habaho kwonona amazu n'ibindi bintu canke ubusuma (mu buryo bwanditswe, bugaragaza amasanamu canke bikozwe mu buryo bw'amajwi) kiretse mu bihe vyo
    • Gukangurira abantu canke gutera ivyatsi,
    • Kwigarura,
    • Gukina udukino canke mu bihe haba hateguwe ahantu ngo hakinirwe udukino,
    • Kwemera mu bihe vyo kwivuna, canke uwundi muntu
    • kwerekana ibikorwa vyo kwonona ibintu vy'abandi mu bihe vy'imiyerekano,
    • kwerekana ibicapu vyitwa graffiti, canke
    • guhayagiza ibikorwa vyo kwonona inyubakwa n'ubusuma vyakozwe n'abandi bantu.
Voter and/or census fraud
  • Gusaba kugura canke kugurisha amajwi y'amatora ukoresheje amafaranga, utuganuke, amaseruvisi canke ibindi bidandazwa, kiretse bisangijwe abandi mu ntumbero yo gutera ivyatsi, gukangurira abantu, kumenyesha amakuru, canke mu ntumbero yo gutwenza abantu canke guhemana.
  • Kuvugira, gutanga impanuro z'ukungene ibintu bikorwa, canke kugaragaza ku mugaragaro ko ufise umugambi wo kwitabira amatora mu buryo butemewe n'amategeko (nk’akarorero, gutora kabiri canke guhingura ibisabwa mu gutora) canke rusansuma (nk’akarorero, kwibeshera mu gutanga amakuru yerekeye umuce w’abantu canke igitigiri c'abantu bari mu rugo rwawe), kiretse bisangijwe abandi mu ntumbero yo gutera ivyatsi, gukangurira abantu, kumenyesha amakuru, canke mu ntumbero yo gutwenza abantu canke guhemana.
Kuri aya makuru akurikira, turashirako ikimenyetso kiyaranga kugira ngo abantu bamenye ko harimwo ibintu bishobora guhungabanya umuntu:
  • Amasanamu yerekana igikorwa gihurumbirwa n'abantu benshi mugabo gishobora kubagirira ingaruka mbi iyo yasangijwe mu ntumbero yo gutera ivyatsi canke gukangurira abantu kumenya ingorane zishobora kwaduka.
Kuri aya makuru akurikira, turagabanya abashobora kuyabona, tukemerera gusa abakuze, bafise imyaka 18 n'iyirenga:
  • Amasanamu yerekana uburyo bwo gutwara imodoka buteye akaga bushobora gutuma umushoferi canke abandi bakomereka bikomeye canke bagapfa, kiretse iyo bisangijwe mu rwego rw'ibintu bitabaho vy'ukuri canke mu bikorwa vya kinyamwuga.
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Dukurako:
  • Kwerekana: gushira ahabona umwidondoro w'umuntu no kubashira mu bintu bishobora kubakwegera ingorane:
    • Abanywanyi ba LGBTQIA+
    • Abagore batitwikiriye mu mutwe
    • Abantu bataracirwa urubanza nk'abakora amabi ashingiye ku gitsina mu gihe hariko hakorwa igikorwa co kurondera abakora amabi nkayo ngo bafatwe
    • Abantu bari mu manza zo mu butungane, igihe kuba muri izo manza kwabo kwahishijwe abantu
    • Ivyabona, abatanga amakuru, abaharanira agateka ka zina muntu, abanyororo canke abagizwe imbohe
    • Abataye akazi, igihe bishizwe ahabona n'ibimenyeshamakuru vyizewe bikukira reta
    • Abagizwe imbohe mu ntambara, mu bihe vy'indwano irimwo ibirwanisho
  • Amasanamu ashobora guhuvya abantu ku bijanye n'aho aturutse, iyo:
    • Ikintu isanamu yerekanye canke uwuserukira abandi yemewe n'amategeko adahuye n'iyo sanamu, kandi
    • Iyo sanamu ishobora gutera ingorane abantu bo mu kibano.
  • Amajambo agaragaza umugambi, guhamagarira gukora canke guhimiririza abantu gukora ibi bikurikira:
    • Kuzibira amabarabara ashikana ahatangirwa amaseruvisi nyamukuru igihe habaye kwemeza canke hariho icemezo kizwi n'abantu cemeza ko imodoka zijejwe gutabara abantu zazibiwe, CANKE
    • Kurondera kugirira nabi umuntu canke umugwi w'abantu kanaka mu kubazibira ngo ntibashike ahari amaseruvisi nyamukuru canke mu kuzibira ahantu hasanzwe hatazibiwe mu buryo bushobora guhungabanya umutekano wabo
  • Kwivanga mu matora canke muri rusansuma, harimwo:
    • Guhamagarira abantu mu bikorwa bitunganijwe vyo kwivanga bishobora kugira ingaruka k'ubushobozi bw'umuntu bwo kwitabira amatora canke rusansuma vyatunganijwe na reta.
    • Amakuru yemeza ko kwitabira rusansuma canke amatora bishobora gutuma canke bizotuma ugiranira ingorane n'abajejwe umutekano (akarorero: guhagarikwa, gusubizwa mu gihugu c'amamuko canke gupfungwa).
    • Iterabwoba ryo kuja gukizura canke gutera igitsure abariko baratora canke abahagarariye amatora rivanze n'ugukanga abantu (akarorero: "reka tubereke umu bosi uwo ari we", "Bipfuza intambara? Tuzobateza intambara.").
    • Iterabwoba ryo kuja mu bibanza vyabereyemwo amatora igihe rivanze n'ugukanga abantu (akarorero: "reka tubereke umu bosi uwo ari we", "Bipfuza intambara? Tuzobarwanya.").
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye gukorana n'abagizi ba nabi no gufasha mw'irwirirana ry'ivyaha
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha