Ubusambanyi buhohotera abana
Amakuru, igikorwa canke imigenderanire bibangamira, bishushanya, bihayagiza, bishigikira, vyerekana ingene ibintu bikorwa, bivuga amajambo yerekana intumbero, vyemera kugira uruhara canke bisangiza inzira ngurukanabumenyi z'ikoreshwa ry'abana mu busambanyi (harimwo n'abana bato koko, ibitambambuga canke inzoya canke ibicapu atari ivy'ukuri bisa n'abantu, nko mu gushushanya, amakuru yatanzwe n'ubuhingamuntu buhanitse, abakinyi b'udukino atari ab'ukuri, ibipupe, n'ibindi) Aho harimwo:
Guhuza ibitsina
Guhuza ibitsina nyezina canke gusambanira mu kanwa, bisigurwa nko guhuza ibitsina canke guhuza umunwa canke igitsina n'igitsina canke inyo vy'uwundi muntu, igihe igitsina canke inyo vy'umwe muri abo bantu n'imiburiburi bigaragara.
Guhuza ibitsina bitagaragara neza canke guhuza umunwa n'igitsina, harimwo n'igihe bigire bikoraneko canke iyo bitaboneka neza.
Gukabura ibihimba vy'irondoka canke mu nyo, harimwo n'igihe ico gikorwa kigire kibe canke bitaboneka neza.
Kimwe muri ivyo duhejeje kudondagura iyo bikorewe igikoko.
Abana bafise ibintu bikoreshwa mu gusambana, harimwo:
Kwifata
Ibimenyetso vy'ugushukwa
Kugaragaza neza ibihimba vy'irondoka canke inyo
Hariho umuntu akuze yashutswe.
Hariho ibikinisho vy'igitsina canke gukoresha ikindi kintu ico ari co cose gitera ugushukwa, kunyurwa canke ikubagura rishingiye ku gitsina.
Impuzu zikoreshwa mu busambanyi
Kwambura impuzu
Ahantu hateguriwe gukorerwa ico gikorwa (akarorero, ku gitanda) canke gufata ifoto mu buryo bw'ubuhinga (isa neza/hagati/mu mfuruka)
Kuryana indimi
Gukorakora imoko z'amabere canke gufyonda amabere y'umugore (KIRETSE bikozwe mu kwonsa umwana)
Hariho ibimenyetso vy'ukwo habayeho guhuza ibitsina
Amakuru agaragaza abana mu bikorwa vy'ubusambanyi aho inyota yabwo imarwa n'ikindi kintu atari ibihimba vy'irondoka.
Amakuru ashigikira, ateza imbere, avugira canke atera intege kwitabira ubusambanyi bukorerwa abana kireste igihe ico kiganiro gikozwe ata guhengama mu biganiro vyerekeye amagara y'abantu.
Amakuru yerekana canke ateteka abana bakorewe amabi yo gushurashuzwa, akoresheje amazina yabo canke amasanamu.
Gusaba umuntu ngo musambane
Amakuru asaba amakuru y'igitsina canke igikorwa cerekana canke kirimwo abana, gisigurwa nka:
Ibikoresho bikoreshwa mu guhohotera abana ubashurashuza (CSAM mu mpfunyapfunyo)
Amashusho y'abantu bari gusa y'ukuri canke atari ayo ukuri
Amashusho arimwo igitsina y'abana y'ukuri canke atari ayo ukuri
kuvugana n'abana mu buryo butabereye
Amakuru agaragaza canke yorohereza abantu kuvugana n'abana mu buryo butabereye, nko:
Gusaba, gutunganya canke gutegura imibonano mpuzabitsina n'abana
Gukwegera abana mu busambanyi biciye mu biyago birimwo ibishegu canke mu kubaha, kubereka, kubaronkako canke kubasaba ibintu bijanye n'ubusambanyi, biciye mu kubibereka n'ibigirankana canke mu biganiro vyo mw'ibanga
Kuja mu kiganiro kigamije ubusambanyi mu buryo butagaragara ubicishije mu butumwa urungikiranira n'abana
Kuronka canke gusaba ivyandiko, amafoto canke amareresi vy'ubusambanyi ubihawe n'abana mu biganiro vyo mw'ibanga
Gukoresha ku nyungu zawe amafoto ateye isoni no gutera ubwoba bwo kuyasangiza ku mbuga
Amakuru agerageza gukoresha ku nyungu zayo abana nyabo mu:
Gutegeka umuntu ivyakora ukoresheje amahera, umusaba ivyo agukorera, canke ubanje kumukangisha gusangiza abandi amafoto n'amareresi vy'ubwambure bwiwe atari ay'ukuri canke y'ukuri canke amakuru nkayo
Gusangiza abandi, gukangisha gusangiza canke kuvuga ko uzosangiza abandi ibiganiro vyo mw'ibanga vyerekeye ubusambanyi canke amafoto y'ibanga yaba ay'ukuri canke ataba ay'ukuri
Gushira abana muvy'ubusambanyi
Amakuru (harimwo amafoto, amareresi, ibishushanyo bigaragaza isi y'ukuri, amakuru ari ku ngurukanabumenyi, canke amajambo yanditswe) ashira abana canke abana bashushanijwe mu busambanyi.
Imigwi, Imbuga n'imyidondoro vyashiriweho gushira mu busambanyi abana b'ukuri canke abana atari ab'ukuri.
Ubwambure bw'abana
Amakuru agaragaza ubwambure bw'abana canke abana bashushanijwe aho ubwambure busigurwa nka:
Amasanamu agaragaza neza ibihimba vy'irondoka vy'abana canke ibishushanyo vy'abana
Imicuko iri gusa canke ibishushanyo vyayo biri gusa , yerekana:
Ibihimba vy'irondoka bikaboneka, no mu gihe baba bambaye canke bikingiwe n'agahuzu kabonerana.
Inyo iboneka hamwe n'/canke ibisusu biri gusa biboneka neza
Abana badakwije imyaka 18 canke ibishushanyo vyabo bari gusa, yerekana:
Ibihimba vy'irondoka mu buryo bugaragara (harimwo n'igihe ibihimba vy'irondoka bikingiwe n'inzya canke agahuzu kabonerana)
Inyo iboneka hamwe n'/canke ibisusu biri gusa biboneka neza
Imoko z'amabere y'abagore zidafutse.
Umuntu atakintu na kimwe yambaye uhereye mw'izosi gushika ku mavi-no mu gihe ibihimba vyiwe vy'irondoka canke imoko z'amabere y'umugore bitagaragara.
Kiretse igihe amashusho atari ayo ukuri akoreshejwe kubw'amagara y'abantu canke ari igicapu cerekana umwana ari gusa ata ntumbero y'ubusambanyi bifise mu mwuga w'ugushushanya ibintu bibaho
Non-sexual child abuse
Amashusho yerekana uguhohotera abana kudafatiye ku gutsina kw'ukuri canke atari ukwo ukuri hadafatiwe kw'ihangiro ryo gusangiza, kiretse ishusho ari iyo mw'isi y'ukuri yo gushushanya, amareresi y'abana, amareresi canke udukino tw'amareresi
Amakuru ahayagiza, ashigikira, ateza imbere, avugira, atanga inyigisho zo canke atera intege abantu zo kugira uruhara mu guhohotera abana mu bitajanye n'ubusambanyi.