Guhahaza no Gukubagura

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Agahahazo no gukubagurwa biba ahantu henshi mu buryo butandukanye, harimwo gutera ubwoba no gushira ahabona amakuru atuma umuntu amenyekana, kurungika ubutumwa bw'iterabwoba no kugerageza kuvugana n'umuntu ku ruyeri kandi atabishaka. Ntitwihanganira inyifato nk'iyi kuko ibuza abantu kwumva ko batekaniwe kandi bubashwe kuri Facebook, Instagram, na Threads.
Turashira itandukaniro hagati y'abantu bazwi na benshi hamwe n'abantu bigenga kuko dushaka ko haba uguhanahana ivyiyumviro. Ukwo guhanana ivyiyumviro kukaba kurimwo ivyiyumviro bikomeye vy'abantu bashizwe imbere mu nkuru canke bafise abantu benshi babakurikirana. Ku bantu bazwi cane, dukurako ibitero mu majambo bikomeye hamwe n'ibindi bitero mu majambo aho abo bantu bazwi cane baba bashizwe amazina mu vyashizwe ku rubuga canke mu vyiyumviro vyashikirijwe. Dusobanura umuntu canke ikintu gikurikiranwa cane ku rubuga nk'abategetsi ku rwego rwa reta, abitoza ngo bahabwe ivyo biti, abantu barenza umuliyoni w'abanywanyi canke ababakurikirana ku mbuga hwaniro n'abantu bandikwako amakuru menshi.
Ku bantu bigenga, ukubakingira kwacu gushika kure. Turakurako amakuru afise intumbero yo gutitura no kumaramaza, harimwo, nk'akarorero, nk'ibiraba ubuzima bwegu bw'umuntu ku bijanye n'imibonano mpuzabitsina y'umuntu kanaka. Turemeza ko agahahazo no gukubakurwa bishobora kugira ingaruka zifatiye ku bigumbagumba ku bakiri bato, ni co gituma amategeko yacu akingira mu buryo budasanzwe abana bafise imyaka iri munsi ya 18, hatarabwe ico bari.
Uko ibintu biba bimeze n'intumbero ni ibintu bikomeye, kandi turemerera abantu gushira ku rubuga no gusangiza abandi iyo bigaragara ko ikintu casangijwe abandi mu ntumbero yo gutera ivyatsi canke kumenyesha abantu ibijanye n'agahahazo hamwe n'ikubagurwa. Mu bihe bimwebimwe, turasaba ko umuntu amenyesha ivyamubayeko we nyene ubwiwe kuko bidufasha gutahura ko uwo muntu biraba yumva ko yagizweko agahahazo canke ikubagurwa. Hambavu yo kudoma urutoke ku nyifato n'amakuru nk'ivyo, turahimiriza abantu gukoresha ibikoresho biri ku mbuga zacu mu ntumbero yo kwivyikingira.
Turafise kandi Igisata Gikingira Guhohoterwa, kikaba ari igisata kigenewe imiyabaga, abavyeyi n'abarezi barondera ubufasha ku ngorane zijanye n'agahahazo n'ayandi matati. Itanga ubufasha ku ntambwe ku ntambwe, harimwo amakuru ajanye n'ingene wotanguza ikiganiro gikomeye ku vyerekeye agahahazo. Menya n'ibindi bijanye n'ivyo turiko turakora mu ntumbero yo gukingira abantu agahahazo no gukubagurwa ngaha.
Menya neza: Iri tegeko ntiriraba abantu basanzwe ari abanywanyi b'amashirahamwe avugwa mw' Itegeko ryerekeye Abantu hamwe n'Amashirahamwe bibi vyo kugabako canke abantu bapfuye imbere ya 1900.
Umutigiri wa 1: Amategeko akingira bose akoreshwa hose:
  • Buri wese arakingiwe ivyerekeye:
    • Kwegera uwutabishaka ni ukuvuga:
      • Yasubiwemwo, CANKE
      • Itotezwa rishingiye ku gitsina, CANKE
      • Irungikiwe abantu benshi utabanje kubibasaba imbere y'igihe.
    • Guhamagarira umuntu canke umugwi w'abantu kanaka kwikomeretsa canke kwiyahura.
    • Guteteka umuntu ufatiye ku bihe arimwo vyo kuba yarasambanijwe ku nguvu, ko yarakoreshejwe ubusambanyi ku nyungu z'uwundi muntu, ikubagura rishingiye ku gitsina, canke ikubagurwa ryo mu rugo.
    • Amajambo yerekana neza ko ugamije gukora ubusambanyi canke ashigikiye kuja mu busambanyi.
    • Amajambo y'ibishegu akomeye.
    • Ibicapo canke amafoto yahindaguwe ibigirankana mu ntumbero yo gucafuza umuntu mu vy'ubusambanyi
    • Gutuka umuntu ukoresheje amajambo atuma umuntu asuzugurika yerekeye ubusambanyi (akarorero: maraya, maketa).
    • Kuvuga yuko ivyago kanaka bitabaye.
    • Kuvuga yuko abantu kanaka babesha ko bakozweko n'ivyago kanaka canke igitero c'iterabwoba, harimwo no kuvuga ko:
      • bigirisha canke babesha ko bakozweko n'ivyago kanaka, canke
      • Bahembwa amafaranga canke bakoreshwa mu guhuvya abantu ku vyerekeye uruhara bafise muri ivyo bintu vyabaye.
  • Gutera ubwoba umuntu ko ugiye gushira ku mugaragaro inomero ya terefone yiwe, aho aba, imeyiri yiwe hamwe n'amakuru yiwe yo kwa muganga (nk'ukwo bisigurwa mw' Itegeko Ryerekeye Kurenga Amategeko y'Ubuzigamabanga).
  • Guhamagarira abantu, canke kuvuga amajambo agaragaza ko ufise intumbero yo gutoteza, hamwe no/canke guhahaza umuntu kanaka.
  • Amakuru asuzuguza canke atuma umuntu ashishwa n'abantu berekanywe bari mu, canke bahejeje kuva mu butinyanka, gusoba, kudahwa, canke kwituma
  • Buri muntu wese arakingiwe ibi bikurikira , ariko ku muntu akuze akurikiranwa cane ku rubuga, bategerezwa guhura n'izi ngorane zikurikira kandi bikozwe ibigirankana:
    • Guhamagarira abantu ubwicanyi canke amajambo ashigikiye kwandukirwa canke kurwara indwara kanaka.
    • Kwigina canke guteteka umuntu yapfuye canke arwaye.
    • Amajambo yerekeye indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka.
    • Amajambo asuzugura umuntu ashingiye k'ukuntu uwo muntu asa.
Umuce wa 2: Ayandi mategeko akingira abana bose, Kwibasira abantu bigenga canke abantu bavugwa cane ku rwego ntarengwa (nk'akarorero, abantu bafise izina ryiza ntarengwa kubera ibikorwa vyabo, kuba abamenyeshamakuru, canke abantu bazwi kubera imvo zitabavuyeko) bafise:
  • Hamwe n'amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka muntu, abana bose (harimwo abantu ku giti cabo hamwe n'ivyamamare), abantu bakuze ku giti cabo n'abantu bakurikiranwa cane ku rubuga barakingiwe ibi bikurikira:
  • Abana bose (abantu ku giti cabo hamwe n'ivyamamare), abantu bakuze ufatiye ku giti cabo ndetse umuntu akurikiranwa cane ku rubuga) barakingiwe ibi bintu bikurikira, ariko ku bana b'ivyamamare, bategerezwa gushikirwa n':
    • Ukugereranya gutesha agaciro (mu nyandiko canke mu masanamu) bigamije canke vyerekeye:
      • Ibikoko canke udukoko dutoduto, harimwo n'ibiremwa biri munsi y'umuntu, bifatwa mu kibano nk'aho biri munsi y'ibindi.
      • Udukoko tutaboneka urabishije ijisho, imigera y'indwara, mikorobe, hamwe n'indwara.
      • Ibintu atari ibikoko, harimwo imyanda, iyarara, amazirantoke.
  • Amakuru yahindaguwe mu ntumbero yo kwerekana, guca akazingi canke kwereka abantu ibiranga umuntu kanaka mu buryo bwihariye kandi mu ntumbero yo kumusuzugura (izuru, ugutwi, n'ibindi).
  • Amakuru abatondeka yisunze ukwo basa canke ukwo inyifato yabo imeze.
  • Amakuru asuzuguza cane abantu berekanywe bariko barahohoterwa (kiretse igihe bikozwe mu mahiganwa yo kurwana).
Umuce 3: Ubundi buryo bwo gukingira Abana Batabonwa na Bose, Abantu Bakuze Batabonwa na Bose hamwe n'Abana b'Ivyamamare naho Batabishaka:
  • Hambavu y'amategeko akingira abantu yose yadondaguwe aho hejuru, abana bose bakiri bato, abantu bakuze dufatiye ku giti cabo (baterezwa kwivuga bo nyene ubwabo), hamwe n'abana bacitse ivyamamare bitavuye kuri bo barakingiwe ibi bikurikira:
    • Kuvumwa.
    • Amajambo yerekeye kuba umuntu ari mu rukundo n'uwundi, uburyo bwo guhuza ibitsina canke igitsina umuntu yumva yegukira.
    • Guhamagarira abantu ibikorwa kanaka, amajambo agaragaza umugambi, agaragaza icipfuzo canke amajambo avugira canke ashigikira ikumira.
    • Amajambo mabi yerekeye inyifato canke ubushobozi, kiretse mu gihe bikozwe mu buryo bwo kwagiriza umuntu ivyaha no gusubira kwihweza ivyerekeye urudandazwa biraba abakuze.
    • Amajambo yo gucokora canke gushishwa, canke amajambo ahakana ukubaho kw'umuntu kanaka, kireste mu gihe co kwagiriza abantu bakuze ivyaha.
  • Igihe bimenyekanishije bo ubwabo, abana bato ku giti cabo, abantu bakuze dufatiye ku giti cabo, n'abana bacitse ivyamamare bitavuye kuri bo barakingiwe ibi bintu bikurikira:
    • Guhahazwa.
    • Amasanamu yahinyanyuwe atipfuzwa kubonwa.
    • Kugereranywa n'abandi bantu, baba abantu bazwi, abantu bo mu dukino canke abantu kanaka ufatiye k'ukungene basa.
    • Amajambo yerekeye idini umuntu arimwo canke kurogota
    • Kugereranya abantu n'ibikoko canke udukoko dutoduto tutazwi mu kibano nk'udufise ubwenge canke inkomezi bike ("ingwe", "intare").
    • Kuvuga ingene umuntu asa mu buryo ataho buhengamiye canke mu buryo bwiza.
    • Amajambo atari mabi yerekeye inyifato canke ubushobozi.
    • Gusuzugura umuntu ukoresheje amajambo ajanye n'ukwo uwo muntu ata mabanga mpuzabitsina akora.
Tier 4: Additional protections for Private Minors only:
  • Abana barakingiwe bimwe vy'umwihariko mu mategeko yacu. Hambavu y'uburyo bwose bwo gukingira abantu duhejeje kuvuga aha hejuru, abana ku giti cabo barakingiwe kandi ibi bikurikira:
    • Ukwagirizwa inyifato y'ivyaha canke itemewe n'amategeko.
    • Amareresi y'uguhahaza abana, yasangijwe abandi mu ntumbero iyo ariyo yose.
    • Amajambo y'ibitutsi ajanye n'ukurahira gushingiye ku gitsina gore.
Guhahaza no gutoteza biciye ku mbuga, imigwi, ibirori n'ubutumwa
  • Ibijanye n'ugukingira abantu vyo kuva mu mugwi 1 gushika mu wa 4 navyo nyene birubahirizwa ku mbuga, mu migwi, mu birori ndetse no mu butumwa.
Ku bijanye n'amategeko ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Ntuhirahire ngo:
  • Gushira ku rubuga amakuru arondera abantu kanaka umwe umwe ku giti ciwe biciye ku Mbuga, Imigwi canke Ibirori bitemewe. Turakurako ayo makuru iyo ikirego catanzwe n'uwagiriwe nabi canke n'uwumuserukira yemewe n'amategeko.
  • Gushira ku rubuga ayo makuru duhejeje kuvuga aho haruguru yari gutuma uwagiriwe nabi ayadomako urutoke canke yerekana ko uwuyatanze yariko arondera uwo yagiriwe nabi nyene (akarorero: izina ry'uwagiriwe nabi ryashizwe muri ivyo vyashizwe ku rubuga canke mu ciyumviro cashikirijwe kuri vyo). Tuzokurako aya makuru mu gihe turonse icemezo kivuye ku wahohotewe canke uwumuserukira yemewe n'amategeko (akiriho canke yapfuye) yuko ayo makuru atabereye.
  • Gushira ku rubuga amakuru ahamagarira canke yerekana intumbero yo kugaragaza inyifato ishobora gufatwa nko guhahaza canke guhohotera mu mategeko yacu. Tuzokurako ayo makuru igihe turonse icemezo kivuye ku wahohotewe canke uwumuserukira yemewe n'amategeko yuko ayo makuru atabereye.
  • Gushira ku rubuga amakuru y'ibishegu yerekeye umuntu azwi cane. Tuzokurako ayo makuru igihe turonse icemezo kivuye ku wahohotewe canke uwumuserukira yemewe n'amategeko yuko ayo makuru atabereye.
  • Gutanguza imigenderanire irimwo gutoteza bishingiye ku gitsina uwo muyigiranira. Tuzokuraho amakuru yose yasangijwe mu buryo butifujwe igihe turonse icemezo kivuye ku muntu yarondewe, canke uwuserukira uwo yarondewe yemewe n'amategeko, avuga ko iyo migenderanire itipfuzwa.
  • Kurako agahahazo gakorerwa abantu benshi, igihe:
    • Karondera, biciye ku kibanza ico ari co cose, 'abantu bashobora gushikirwa umwanya uwo ari wo wose n'ububisha bubera hanze y'urubuga' bazwi nk':
      • Abarwanira agateka ka zina muntu
      • Abana
      • Abakorewe amabi mu bihe vy'intureka/ivyago
      • Abatavuga rumwe na reta z'ibihugu bishobora kubamwo mu bihe vy'amatora
      • Abahagarariye amatora
      • Abikuye muri reta bakaba babangamiwe kubw'ivyiyumviro vyabo binyuranye n'ivya reta
      • Ubwoko canke abizera imana b'inkehwa mu burere burimwo intambara
      • Umunywanyi w'umugwi ugaragara kandi uzwi ko ushobora kugira ingorane
    • Kwizizira umuntu uwo ari we wese ubicishije mu kibanza ciwe haba mu gasandugu k'ubutumwa canke ku mwidondoro wiwe, ukoresheje:
      • Amakuru arenga amategeko arwanya guhahaza canke guhohotera umuntu ku giti ciwe canke,
      • Amakuru mabi yerekeye ikiranga umuntu gikingiwe
  • Hagarika konte ziriko zirakora amabi yo kuburabuza abantu ku bwinshi zegamiye
    • Amahuriro ya reta canke yegamiye reta arondera kugirira nabi umuntu uwo ari we wese biciye mu kibanza ico ari co cose.
    • Amahuriro y'abansi arondera kugirira nabi umuntu uwo ari we wese biciye mu kibanza ico ari co cose akoresheje:
      • Amakuru arenga amategeko arwanya guhahaza canke gutoteza umuntu ku giti ciwe canke,
      • Amakuru yiziziye abo bantu yisunze ikibaranga gikingiwe, canke,
      • Amakuru canke inyifato ifatwa nk'iyitabereye muri ako karere bikorewemwo
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Amakuru
Raba icegeranyo canyuma c'Ishirwa mu Ngiro ry'Amategeko Ngenderwako
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye guhahaza no gukubagura
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha