Kwerekana Umwidondoro w'Ukuri

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Ukuri ni inkingi y'ihwaniro ryacu. Twizera ko ukuri gufasha gushiraho ihwaniro aho abantu bitwararika ico bajejwe kandi bamenya ko bakibazwa hagati yabo, kandi ko Meta nayo nyene ikibabaza, mu buryo bwubaka. Dushaka kwemera ko habaho uburyo bwinshi abantu bagaragazamwo umwidondoro mw'ihwaniro ryacu ryagutse, ariko tukanarinda ko haba kwiyitirira uwundi muntu no kwigira uwo utari we. Mu ntumbero yo kugumana ikibanza gitekanye kandi cugururiye bose aho abantu bashobora kwizigirana no kwubaka ikibano, ntitwemera ko abantu bugurura amakonte canke imyidondoro kugira bayovye abandi.
Kuri Facebook, dusaba abantu gutanguza konte imwe bakoresheje izina basanzwe bakoresha mu buzima bwa misi yose kandi ryerekana neza umwidondoro wabo w'ukuri. Twashizeho Imyidondoro y'Inyongera kugira dufashe abantu kwerekana ibice bitandukanye vy'ibibadondora, nk'inyungu zabo canke ibikorwa vy'ubudandaji.
Ntitwemerera ikoreshwa ry'amaseruvisi yacu kandi tuzogabanya uburenganzira canke duhagarike amakonte ya Facebook, ya Instagram n'aya Threads canke ibindi bisata vya Facebook (nk'Imbuga, imigwi) mu gihe:
  • Vyegukira abana batarakwiza imyaka
  • Vyiyitirira uwundi muntu canke ikindi gisata mu:
    • Bikoresha isanamu canke amasanamu yavyo, izina ryavyo, canke ibisa n'avyo kugira biyovye abandi
    • Bivuga bikoresheje ijwi ry'uwundi muntu canke ry'ikindi gisata kubera uwo munywanyi ata burenganzira afise bwo kubikora ((nk'akarorero mu gushiraho Urubuga canke Umwidondoro)
  • Bigira uruhara mw'ikoreshwa ry'umwidondoro w'uwundi muntu mu ntumbero yo guhuvya abandi canke kubahenda, gukwepa amategeko, canke guhonyanga Amategeko Ngenderwako yacu. Hari ibintu bitari bike twisunga igihe turiko turasuzuma umwidondoro uyovya utakuranga uwo uri, nk':
    • Uguhindura kenshi canke guhindura bikomeye ibintu bikuranga, nk'izina canke imyaka
    • Amakuru yo mu mwidondoro ahuvya, nk'amakuru akudondora hamwe n'ayerekeye ikibanza uherereyemwo
    • Ugukoresha amasamu usanzwe ari ku rubuga
  • Ugukoresha izina rigaragaramwo guhonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Kuri Facebook, tuzorondera ayandi makuru yiramvuye imbere yo kugira ico dukoze kwaba uguhagarika vy'agateganyo amakonte canke imyidondoro canke kuyahagarika burundu igihe:
  • Utanze itariki y'amavuko y'ikinyoma
  • Ukoresheje izina ritari iryo usanzwe ukoresha mu buzima bwa misi yose
  • Utanguje konte imwe ihagarariye canke ikoreshwa n'umuntu arenga umwe
  • Utanguje canke ugenzura amakonte menshi ya Facebook
  • Utanguje konte ihagarariye ikintu atari umuntu, nk'ishirahamwe ry'ubudandaji, igikoko c'igitungano kiba mu nzu, canke izina ry'umuntu atabaho
  • Ugumiza imyidondoro ata na kimwe kirimwo igihe kirekire kandi idakoreshwa
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha bwerekeye kwerekana umwidondoro w'ukuri
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha