Gukoresha Abakuze Ibikorwa vy'Ubusambanyi ku Nyungu Zawe

Insiguro ya poritike

HINDURA URUTONDE RW'IVYAKOZWE
Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Turazi akamaro k'amaseruvisi yacu nk'ikibanza co kuvuganirako no kumenyesherezako ikubagurwa rishingiye ku gitsina n'ugukoresha abantu ubushurashuzi ku nyungu zawe. Tubona yuko ari ikintu gikomeye mu gushiraho ukubona ibintu kumwe hamwe n'umuryango w'abanywanyi. Mu ntumbero yo gutegura ikibanza coberamwo ico kiyago no gutuma haba ahantu hatagira inkomanzi, turemerera abashikiwe n'iryo kubagurwa kuvuga ivyababayeko, ariko tugakurako amakuru yerekana, atera ubwoba canke ashira imbere ubugizi bwa nabi bufatiye ku gitsina, guhakwa gufata ku nguvu canke gukoresha umuntu ubushurashuzi ku nyungu zawe. Turakurako kandi amakuru yerekana, ahimiririza canke atunganya ibikorwa vy'ubusambanyi n'abantu batavyemera kugira ngo turwanye gushigikira ibikworwa mpuzabitsina bitemeranijwe. Ikigeretseko, igihe tubonye amakuru atera ubwoba canke avugira gusambanya abantu ku nguvu, turashobora guhagarika konte yabishize ku rubuga tukongera tugakorana n'abajejwe ubutungane, hambavu yo gukurako ayo makuru.
Mu ntumbero yo gukingira abashikiwe n'ayo mabi n'abayakize, turakurako amasanamu yerekana ubugizi bwa nabi bufatiye ku gitsina bwabaye hamwe n'amashusho ateye isoni yakwiragijwe uwafotowe atayatangiye uruhusha. Nk'uko vyavuzwe mu ntangamarara, turakorana kandi n'abahinga mu vy'umutekano bigenga kugira ngo duhanahane ivyiyumviro k'ukungene twoteza imbere amategeko yacu yerekeye ivy'umutekano ku mbuga ngurukanabumenyi n'ishirwa mu ngiro ryayo. Turashobora kandi gukurako amakuru iyo hari ivyerekana ko ajanye n'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi. Twaranditse ku bijanye n'ubuhinga dukoresha kugira dukingire amasanamu ateye isoni atatangiwe uburenganzira na nyene yo hamwe n'ubushakashatsi bwamurikiye ibikorwa vyacu. Twarashize kandi hamwe amasoko y'amakuru ku bijanye no kudoma urutoke kw'iterabwoba hamwe no ku masanamu ateye isoni yasangijwe Meta ata ruhusha rwatanzwe, kugira dufashe gukinga hakiri kare ko ayo masanamu ateye isoni akwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi.
Ntitwemerera:
Amakuru agaragaza, avugira , canke ateteka ugukaresa kutatangiwe uruhusha n'uwugukorerwa, harimwo:
  • Amasanamu agaragaza ugukaresa kutemewe n'uwugukorerwa (kiretse bikozwe mu buryo bw'utugenegene herekanwa abantu batabaho mu vy'ukuri, biherekejwe n'insiguro yo kubitera ivyatsi canke ataho yegamiye)
  • Amajambo agerageza canke atera ubwoba abantu ku bijanye n'ugushira ahabona, gutanga, canke gusaba abantu amasanamu y'ugukaresa kutemewe n'uwugukorerwa
  • Insiguro z'ugukaresa kutemewe n'uwugukorerwa, kiretse zisangijwe abandi n'uwabikorewe canke mu ntumbero yo kumushigikira
  • Kuvugira (harimwo n'amajambo agaragaza intumbero canke ivyipfuzo), gutera ubwoba abantu bwo kubakaresa, canke kwemera kuba warakaresheje umuntu atatanze uruhusha
  • Amakuru ateteka abantu ku vyerekeye gukaresa umuntu atatanze uruhusha
  • Amakuru asangijwe n'abantu bo hanze y'urubuga rwacu agaragaza abakozweko n'ikubagurwa rishingiye ku gitsina igihe bidomweko urutoki n'uwabikorewe
Amakuru, ibikorwa canke imigenderanire birimwo ukugeregeza gukoresha abantu ku nyungu zitari izabo mu:
  • Kwaka umuntu amafaranga ku nguvu, kumusaba ivyo agukorera canke amafoto y'ubwambure mu kumutera ubwoba ko ushobora gushira ahabona ubwambure bwiwe canke amakuru yiwe y'ibanga (iterabwoba ryo gushira ahabona amasanamu y'umuntu ateye isoni aramutse ataguhaye amahera canke mudasambanye).
  • Gusangiza, gutera ubwoba, kuvuga amajambo agaragaza ko ufise intumbero yo gusangiza abandi, gutanga canke gusaba amasanamu ateye isoni atatangiwe uburenganzira na nyene yo (NCII) vyujuje ibi bintu bitatu bikurikira:
    • Amasanamu atafashwe ku mvo z'urudandazwa kandi yafatiwe ahantu hihishije.
    • Umuntu ari kw'isanamu (ahakwa kuba) yambaye ubusa, ariko ararangura amabanga y'abubatse, canke yifashe nk'uwuriko ararangura amabanga y'abubatse (Aha harimwo amasanamu yakozwe mu buryo bwa none canke n'ubuhinga bwa AI).
    • Kutagira uburenganzira bwo gusangiza abandi amasanamu bigaragazwa no kwuzuza kimwe mu bimenyetso bikurikira:
      • Iyo bikozwe mu ntumbero yo kwihora (nk'insiguro, ivyiyumviro vyashikirijwe, canke umutwe w'amajambo w'urubuga).
      • Amakuru yatanzwe n'amasoko y'inkuru yigenga nk'ayavuye mu nyandiko z'abajejwe gukurikiranira hagufi iyubahirizwa ry'amategako, amakuru atanzwe n'ibimenyeshamakuru (nk'ija ahabona ry'amasanamu yemejwe n'ibimenyeshamakuru) canke abaserukira uwashikiwe na NCII
      • Vyadomweko urutoke n'umuntu ari mw'iyo sanamu canke asangiye izina n'uwo muntu ari mw'iyo sanamu.
  • Kumenyekanisha, gutera ubwoba abantu bwo gushira ahabona, canke gutanga uburyo bwo gukora Amasanamu yatangajwe mu buryo butunvikanyweko (NCII), canke amasanamu yo gusomana biciye muma apurikasiyo canke seruvisi (harimwo Ubushobozi bwa nyabwonko bwo gukora ibisaba ubwenge bw'umuntu AI), canke amabwirizwa y'ukungene ikintu gikorwa, naho ata masanamu agaragaza ubwambure yo gukoresha canke atari ayo gukoresha canke atari ayo gukoresha mu rudandazwa, yasangijwe muri ayo makuru ( rimwe na rimwe abantu bita apurikasiyo zo "kwambura umuntu" canke apurikasiyo zo "gusomana hakoreshejwe Ubushobozi bwa nyabwonko bwo gukora ibisaba ubwenge bw'umuntu (AI)"
  • Gusangiza amasanamu adakoreshwa mu gisata c'ubudandaji yafashwe mu mpisho, agaragaza cane cane ibihimba vy'umuntu bifatwa nk'ivy'ibanga (nk’amabere, munsi y'umukondo, ibisusu canke amatako), canke yerekana umuntu yifashe nk'uwuriko ararangura amabanga y'abubatse, canke ariko ararangura amabanga y'abubatse, kandi agasangizwa mu ntumbero yo gucokora, gukoresha umuntu nk'igikoresho c'ubusambanyi canke kwerekana umuntu ari kw'isanamu. Ayo masanamu bakunda kuyita "creepshots" canke "upskirts".
  • Gusangiza abandi, gutera ubwoba abantu ko ugiye gushira ahabona canke ufise intumbero yo gushira ahabona ibiganiro birimwo ubusambanyi aho kutagira uburenganzira bwo kubisangiza abandi vyerekanwa na kimwe muri ibi bikurikira:
    • Vyakozwe mu ntumbero yo kwihora hamwe no /canke gutera ubwoba,
    • Amasoko y'amakuru yigenga nk'amakuru yashikirijwe canke inzandiko z'abajejwe gukurikirana iyubahirizwa ry'amategeko, canke
    • Vyadomweko urutoke n'umuntu ari mw'iyo sanamu canke asangiye izina n'uwo muntu ari mw'iyo sanamu
Amakuru yerekeye gusambanya ikiziga canke kwambura umuntu ku gahato, harimwo:
  • Amasanamu agaragaza ugusambanya ikiziga (kiretse bikozwe mu buryo bw'utugenegene herekanwa abantu batabaho mu vy'ukuri, biherekejwe n'insiguro yo kubitera ivyatsi canke ataho yegamiye
  • Amajambo agerageza gusangiza abandi, gutanga, gusaba, canke atera ubwoba ko agiye gushira ahabona amasanamu y'umuntu ariko arasambanya ikiziga canke kwambura umuntu ku nguvu
  • Amajambo arimwo insiguro, kuvugira, amajambo agaragaza icipfuzo ku vyerekeye, amajambo agaragaza intumbero canke ahamagarira abantu gukora, kwemeza kuba warakoze, canke guteteka abashikiwe n'ugusambanya ibiziga canke kwambura abantu ku nguvu
Kuri aya makuru akurikira, turashirako ikimenyetso kiyaranga kugira ngo abantu bamenye ko harimwo ubutumwa bushobora guhungabanya umuntu:
Amakuru canke amajambo arimwo ukugaragaza ko habaye gukaresa umuntu atabikwemereye (mu buryo bwanditse canke mu majambo asanzwe) muri yo hakaba harimwo ibimenyetso birengeye kubivuga mu majambo gusa canke kuvuga igikorwa nyezina igihe:
  • Vyasangijwe na, canke
  • Vyasangijwe abandi n'uwundi muntu canke irindi shirahamwe (atari uwacitse kw'icumu ry'ayo mabi) mu ntumbero yo gushigikira uwakorewe ayo mabi canke mu gutera ivyatsi ubwo bugizi bwa nabi canke mu ntumbero isanzwe yo gukangurira abandi bantu kubona ayo mabi yakozwe hisunzwe ikibanza canke igihe/insiguro.
Ku bijanye n'Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke iyindi nsiguro kugira ngo ishirwa mu ngiro ribe:
Turashobora kwemera ko bibonwa n'abantu barenza imyaka 18 gusa kandi turashira ikimenyetso co kuburira ku makuru amwe amwe harimwo:
  • Amakuru agaragaza umuntu ariko arakaresa uwundi ata burenganzira yamuhaye igihe:
    • Vyasangijwe abandi mu ntumbero yo gukangurira abantu kubimenya (atari mu gihe c'imyidagaduro canke mu bihe vy'ibishobisho),
    • Uwakozweko n'ayo mabi ntagaragara, kandi
    • Amakuru ntarimwo ubwambure
  • Amakuru agaragaza ugukaresa ataruhusha uwubikorerwa yatanze mu bikino (firime, n'ibindi) igihe bisangijwe abandi n'abafatanyabikorwa bo kwizerwa mu ntumbero yo gukangurira abandi kubimenya kandi bidakozwe mu bihe vy'ibishobisho
Turashobora kugabanya igitigiri c'abantu bashobora kubona ivyo watangaje bikabonwa n'abarenza imyaka 18 maze tugashirako ikimenyetso ku makuru amwe amwe yerekana umuntu akaresa uwundi atabanje kubimuhera uburenganzira, igihe bisangijwe abandi mu ntumbero yo gukangurira abantu kumenya ako kabi ariko bidakozwe mu buryo bw'imyidagaduro canke kwamamaza ibintu kanaka, aho uwubikorewe canke uwabikorewe atagaragara kandi bikaba bitagaragaza ubwambure.
Hambavu y'amategeko yacu yerekeye gukurako amakuru atera ubwoba canke ahimiriza gufata ku nguvu canke ubundi buryo bwo gukaresa umuntu atabitangiye uruhusha, turashobora kandi guhagarika konte yabishize ku rubuga.
Turashobora kandi gukurikiza amategeko ku makuru yasangijwe n'abandi bantu agaragaza abarokotse ikubagurwa rishingiye ku gitsina igihe ayo makuru yatanzwe n'umuserukizi abifitiye uburenganzira canke Umufatanyabikorwa Yizewe.
Uko abakoresha urubuga biyumva baruriko
Raba uburorero bumwebumwe bw'ingene iyububahirizwa ry'amategeko rimeze ku bantu bari kuri Facebook, nk'ibi bikurikira: ingene kuvuga ko hari ikintu kidakwiye kuba kuri Facebook bimeze, kubwirwa yuko wahonyanze Amategeko Ngenderwako yacu hamwe no kubona ikiyo kikugabisha ku makuru kanaka ari ku rubuga.
Menya neza: Tuguma na ntaryo dutunganya neza ibikorwa vyacu, ni co gituma ivyo uriko urabona ngaha bishobora kuba vyarataye igihe ugereranije n'ivyo dukoresha muri iki gihe.
UKO ABAKORESHA URUBUGA BIYUMVA BARURIKO
Kudoma urutoke ku bitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Guhanahana amakuru inyuma yo kuvuga ko hari ikitagenda neza
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Uko gukura amakuru ku rubuga bimeze
UKO UWUKORESHA URUBUGA YIYUMVA ARURIKO
Ubutumwa bugabisha bwo ku kiyo
Gutuma abantu bubahiriza amategeko
Dufise amategeko ameze kumwe ahantu hose kw'isi, ku bantu bose bakoresha Facebook.
Imigwi y'abagenzuzi
Umugwi wo kw'isi yose wacu w'abagenzuzi ugizwe n'abantu barenga 15000 bakora imisi yose kugira ngo bakingire abantu bari kuri Facebook.
Ukwiyemeza kw'abafatanyabikorwa
Abahinga, abarimu mu ma kaminuza, amashirahamwe yigenga n'abashiraho amategeko badakorera ishirahamwe ryacu, barafasha mu gutanga amakuru yisungwa mu Mategeko Ngenderwako ya Facebook.
Ronka ubufasha ku vyerekeye gukoresha abakuze ibikorwa vy'ubusambanyi ku nyungu zawe
Menya ico wokora mu gihe ubonye kuri Facebook ikintu gihonyanga Amategeko Ngenderwako yacu.
Je mu Gisata cacu Gitanga Ubufasha