Igituma Amategeko Kanaka Ameze uko Ameze
Turashiraho akarimbi k'ukwerekana amasanamu y'abantu bambaye ubusa canke bariko barasambana kubera ko bamwe mu banywanyi bacu bashobora guhungabanywa n'ubwoko nk'ubwo bw'amakuru, na cane cane bivanye n'imico n'akaranga vy'aho baturuka canke imyaka yabo.
Turatahura ko amakuru arimwo abambaye ubusa ashobora gusangizwa abandi ku mvo zitandukanye, harimwo kuyasangiza abandi nk'uburyo bwo gukora imyiyerekano, gukangurira abantu guharanira ikintu kanaka, canke mu nyigisho canke mu buvuzi. Igihe bibereye kandi izo mvo zigaragaye neza, turaheza tukemera ko ayo makuru aja ahabona. Nk'akarorero, naho dutesha abantu ngo ntibashire ahabona amabere y'abagore agaragaza imoko, hari amasanamu yandi tureka akaja ahabona nko mu gihe ari amasanamu y'abantu bariko baragira imyiyerekano, abagore barwanira agateka ko kwonsa abana canke amafoto agaragaza inkovu z'ababazwe amabere (rimwe na rimwe bishirwako ikimenyetso c'ubutumwa bugabisha hamwe n'uburimbi bushingiye ku myaka ku babibona). Turemera kandi utugenegene tw'ukuri tugaragaza ubwambure nk'amafoto y'ivyashushanijwe mw'irangi, ibibumbano, n'ibindi (rimwe na rimwe bishirwako ikimenyetso c'ubutumwa bugabisha hamwe n'uburimbi bushingiye ku myaka ku babibona). Twahisemwo gukura ku rubuga amasanamu y'ubusambanyi mu ntumbero yo gukinga gusangiza abandi amakuru uwo yerekeye atatangiye uruhusha canke y'umwana atarakwiza imyaka kanaka.
Twisunze iri tegeko, turakurako amafoto n'amareresi vy'ukuri agaragaramwo ubwambure n'ubusambanyi, ubwengemuntu-canke amasanamu yatunganijwe hifashishijwe imshini nyabwonko yerekana ubwambure n'ubusambanyi, n'amasanamu yo mu buhinga bwa none, tutaravye yuko asa "n'amafoto yo mu buhinga bwa none womenga ni ay'ukuri" (nk'igihe yerekana uwusa n'umuntu vy'ukuri). Nk'ukwo twavyerekanye neza aho hejuru, turatanga impusha bibanje kwigwa neza ku vyakozwe mu buryo bw'utugenegene canke kwa muganga, mu nyigisho, no mu makuru akangurira abantu kumenya ibintu, kandi navyo birerekanwa mw'ido n'ido muri iryo tegeko.
Ntitwemerera amakuru akurikira ku bakoresha urubuga bose:
Ubwambure bw'Abantu Bakuze
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/yo mu buhinga bwa none yerekana ubwambure bw'abantu bakuze, igihe agaragaza:
Ibihimba vy'irondoka mu buryo bugaragara (harimwo n'igihe ibihimba vy'irondoka bipfutse n'inzya canke n'uturenzwahejuru two ku buhinga bwa none)
Inyo y'umuntu igaragara neza n'/canke amasanamu manini y'ibisusu biri ahabona
Imoko z'amabere y'abagore ziri ahabona, kiretse mu bihe vyo kwonsa umwana, canke mu gihe c'imyiyerekano
Amasanamu asa n'amareresi y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none ashimikira cane ku kibanza co hagati y'amaguru, ku mabere y'abagore, canke ibisusu yafashwe uwuyagaragako atabizi
Mwibuke ko, ku mategeko amwe amwe, turashobora kwemerera amasanamu yerekana ubwambure bw’abantu bakuze mu bihe bindi bidasanzwe, nk’ivyo mu gisata c’ubuvuzi canke amagara y’abantu. Ibi bisiguwe mu buryo bwiramvuye mu bice biri aha hepfo.
Ubusambanyi Bukorwa n'Abantu Bakuze
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none yerekana ubusambanyi bukorwa n'abantu bakuze, harimwo:
Ubusambanyi bweruye canke gukabura igitsina:
Guhuza ibitsina nyezina canke gusambanira mu kanwa, vyerekanwa n'uguhuza ibitsina canke guhuza umunwa canke igitsina n'igitsina canke inyo vy'uwundi muntu, canke ibihimba vy'irondoka bishirwa ku gikinisho c'igitsina canke bikinjizwa muri co, igihe igitsina canke inyo vy'umwe muri abo bantu n'imiburiburi bigaragara
Gukabura igitsina canke inyo vy'umuntu kanaka mu buryo bugaragara, vyerekanwa n'ugukabura igitsina canke kwinjiza ibikinisho vy'ukwisambanya mu bihimba vy'irondoka canke mu nyo vy'umuntu kanaka, aho gukoranako n'ibihimba vy'irondoka canke n'inyo bishoka bigaragara
Ubusambanyi budashoka bugaragara canke gukabura igitsina:
Guhuza ibitsina canke gusambana ukoresheje umunwa mu buryo budashoka bugaragara, bisigurwa nko kwinjiza canke guhuza umunwa canke igitsina n'igitsina canke inyo vy'uwundi muntu, iyo igitsina canke inyo hamwe n'/canke ubwinjiriro canke ihuriro bidashoka biboneka neza
Gukabura igitsina canke inyo mu buryo budashoka bugaragara, bisigurwa nko gukabura, canke gushira hejuru canke kwinjiza ibikinisho vy'ukwisambanya mu bihimba vy'irondoka canke mu nyo, canke ibihimba vy'irondoka bishirwa ku gikinisho c'igitsina canke bikinjizwa muri co, mu gihe ibihimba vy'irondoka canke inyo, gukabura, gushira, hamwe no/canke kwinjiza bidashoka bigaragara
Imibonano mpuzabitsina igomba itangure, vyerekanwe n'uburyo bugaragaza ukwegerana kugomba kube hagati y'ukuboko, umunwa canke ibihimba vy'irondoka vy'umuntu kanaka n'ibihimba vy'irondoka canke inyo vy'uwundi muntu.
Ubundi busambanyi canke gukabura igitsina:
Gushukwa
Hariho ibimenyetso vy'ukwo habayeho guhuza ibitsina
Ibikoresho bakoresha mu kwisambanya igihe biri hejuru canke vyinjijwe mu kanwa
Gukabura imoko z'amabere y'umuntu zigaragara
Gufata amabere y'umugore ukamera nk'uwuyafyonda, bisigurwa nko gufata amabere ukamera nk'uwugonda intoke bituma uyasigako imirabagu kandi bigatuma ukwo yasa bihinduka. Turemerera ugufyonda amabere iyo umuvyeyi ariko aronsa umwana.
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none canke igikorwa c'utugenegene vyerekana ubusambanyi budashingiye ku gitsina harimwo ibi bikurikira:
Ibikorwa kanaka bishobora gutuma hagira umuntu canke igikoko kihasiga ubuzima
Guhimbagura umuntu mu bihimba
Kurya abantu
Amavyi, amasobe, amate, ibiseru, amaraso y'abagore bari mu butinyanka canke ibidahwe
Gusambana n'ibikoko
Ubusambanyi ku bantu bafise ico bapfana
BDSM (kwifatira no kuganzwa, kuganza no kwumvira, kwinezereza mu busambanyi biciye mu kubabaza abandi no kubabazwa), igihe gusa hari ibimenyetso bijanye n'igitsina biba bihari
Amasanamu atagaragaza neza/ibindi bikorwa vy'ubusambanyi canke gukabura iyo asangijwe abandi mu ntumbero yo kuvura canke yo gukora ibindi bikorwa vyo mu gisata c'amagara y'abantu
Amajwi maremare y'abantu bariko barasambana
Mwibuke ko, ku mategeko amwe amwe, turashobora kwemerera amasanamu yerekana imibonano mpuzabitsina mu bihe bidasanzwe, nk’ivyo mu gisata c’ubuvuzi canke amagara y’abantu. Ibi bisiguwe mu buryo bwiramvuye mu bice biri aha hepfo.
Ku bijanye n'aya makuru akurikira, turagabanya abashobora kuyabona ku bakoresha urubuga, tukemerera gusa abafise imyaka 18 canke irenga kandi turashirako ikimenyetso kugira abantu bamenye ko ayo makuru ashobora kuba ahungabanya:
Amasanamu yo mu buhinga bwa none hamwe n'igikorwa c'utugenegene vyerekana ibikorwa vy'ubusambanyi mu buryo bugaragara mu bijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none hamwe n'ibikorwa vy'utugenegene vyerekana ibikorwa vy'ubusambanyi mu buryo butagaragara canke ikindi gikorwa c'ubusambanyi canke gukaburira ubusambanyi igihe bikozwe mu bijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/yo mu buhinga bwa none hamwe n'ibikorwa vy'utugenegene vyerekana ibihimba vy'irondoka, inyo zigaragara, amasanamu manini y'ibisusu biri ahabona canke imoko z'abagore ziboneka igihe vyerekanywe mu bijanye no kubaga abantu kugira bahindure igitsina
Ibikorwa vy'utugenegene vyerekana ibihimba vy'irondoka (harimwo n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'akarenzwahejuru ko ku buhinga bwa none canke uburyo bwo guhisha hamwe n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'inzya gusa), inyo zigaragara, amasanamu manini y'ibisusu biri ahabona canke imoko z'abagore ziboneka, aho ubwambure ari bwo ahanini buboneka atari ibijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none yerekana ibihimba vy'irondoka (harimwo n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'akarenzwahejuru ko ku buhinga bwa none canke uburyo bwo guhisha hamwe n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'inzya gusa), amasanamu manini y'ibisusu biri ahabona, inyo zigaragara canke imoko z'abagore ziboneka, igihe bisangijwe mu bijanye n'ibihe vy'amapfa, ihonyabwoko, amabi akorwa mu gihe c'intambara, canke ndengakamere
Kuri aya makuru akurikira, turagabanya abashobora kuyabona, tukemerera gusa abakuze, bafise imyaka 18 canke irenga:
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/yo mu buhinga bwa none yerekana umuntu asa n'uwuri gusa, nk'ubwambure buhishijwe gusa n'akarenzwahejuru ko ku buhinga bwa none canke n'igikoresho kitabonerana hamwe no mu bihe ubwambure buhishijwe n'agahuzu kabonerana
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none yerekana abantu aho hagati y'amaguru, ibisusu canke amabere y'abagore arivyo ahanini biboneka kw'isanamu
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none hamwe n'igikorwa c'utugenegene vyerekana ibikorwa vy'ubusambanyi canke gukabura igitsina mu buryo bugaragara canke butagaragara igihe haboneka gusa ingene umubiri w'umuntu umeze canke ingene uteye
Ibikorwa vy'utugenegene, aho usanga
Amasanamu agaragaza ubusambanyi mu buryo bufobetse, bweruye canke ibindi bikorwa vy'ubusambanyi canke gukabura igitsina, kiretse bishizwe ku rubuga mu bijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu
Amasanamu yerekana umuntu ariko arasambana n'igikoko, igihe gusa asangijwe mu buryo ataho buhengamiye canke mu ntumbero yo kuvyiyamiriza kandi abantu canke ibikoko birimwo ntibibe ari ibibaho vy'ukuri.
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri azwi yukwo ari ibikino yerekana ibikorwa vy'ubusambanyi canke gukabura igitsina mu buryo butagaragara canke mu bundi buryo
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/yo mu buhinga bwa none hamwe n'igikorwa c'utugenegene vyerekana:
Ibikorwa bijanye n'igitsina nko gusomana ururimi ruboneka canke intambo ikangurira abantu ubusambanyi
Abantu bigana abariko barasambana
Inyifato ifise insiguro y'ibihimba vy'irondoka, kwisambanya, gusambanira mu kanwa, canke imibonano mpuzabitsina
Ibimenyetso, amasanamu yafashwe ku kiyo canke amareresi yerekana imbuga ziriko amareresi y'ubusambanyi
Amakuru arimwo amajwi y'ibikorwa vy'ubusambanyi
Kuri aya makuru akurikira, turashirako ikimenyetso kiyaranga kugira ngo abantu bamenye ko harimwo ibintu bishobora guhungabanya umuntu:
Amasanamu asa n'ifoto y'ukuri/ yo mu buhinga bwa none hamwe n'igikorwa c'utugenegene vyerekana:
Ibihimba vy'irondoka biboneka (harimwo n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'akarenzwahejuru ko ku buhinga bwa none canke uburyo bwo guhisha hamwe n'ibihimba vy'irondoka bipfutswe n'inzya), amasanamu manini y'ibisusu biri ahabona, canke inyo zigaragara, igihe bisangijwe mu bijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu. Muri ivyo hashobora kubamwo, nk'akarorero:
Ibihe vyo kwibaruka n'ibihe vy'inyuma yo kwibaruka
Kwipima kanseri canke izindi ndwara
Imoko z'amabere y'abagore zigaragara, igihe bisangijwe mu bijanye n'ubuvuzi canke amagara y'abantu (harimwo kubarwa ibere canke tatiwaje z'uwarokotse kanseri)
Ku bijanye n'Amategeko Ngenderwako akurikira, turasaba ayandi makuru n'/canke uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe:
Rimwe na rimwe, tuzokwemera amakuru agenewe abafise imyaka 18 canke irenga, ariko ikimenyetso, asanzwe aboneka nk'ayahonyanga Amategeko Ngenderwako yacu aja ku rubuga rwacu, mu gihe bizoba vyagaragaye yuko ayo makuru ariko atera ivyatsi ikintu abicishije mu gutwenza abantu. Ayo makuru azokwemererwa mu gihe ibiyarimwo bihonyanga amategeko bizoba biriko bikoreshwa mu gutera ivyatsi ikintu biciye mu gutwenza abantu gusa canke bigenewe umuntu canke ikintu kanaka mu ntumbero yo kubiteteka canke kubitera ivyatsi.