Amategeko Ngenderwako
Intangamarara
Aya mategeko ashingiye k'ukungene abanywanyi bacu babona ivyo dukora no ku mpanuro z'abahinga mu vyerekeye ubuhinga, umutekano w'abantu hamwe n'agateka ka zina muntu. Mu ntumbero yo kuraba neza ko ico umuntu wese agona cahawe agaciro, turitaho cane gushiraho amategeko yemera ivyiyumviro n'ukwizera bitandukanye, na cane cane biva mu bantu canke imigwi y'abantu basanzwe batitaweho canke bakumirwa mu kibano.
Imisi yose, abantu barakoresha Facebook, Instagram, Messenger na Threads kugira ngo basangize abandi ivyababayeko, bashobore kuganira n'abagenzi n'incuti, ndetse bubake amahuriro. Seruvise zacu zishoboza amamiliyaridi y'abantu ibafasha gushikiriza iryo bagona bisanzuye mu bihugu vyose mu budasa bw'imico kama yabo kandi ivyo bigakorwa mu ndimi nyinshi cane.
Meta iratahura neza ingene ari ikintu gihambaye kuri Facebook, Instagram, Messenger na Threads kuba ikibanza abantu bashobora kwumva baremye kugira ngo baganire, kandi turitaho cane uruhara dufise rwo kwama turwanya ikubagura muri iyi seruvisi. Ni naco gituma twashizeho amategeko ngenderwako yerekeye ivyemewe n'ibitemwe kuri izi seruvisi.
Umenye neza ko Amategeko Ngenderwako ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yo mu Congereza yerekana amategeko agezweho kandi akwiye gukoreshwa nk'urwandiko ruze imbere y'izindi.
Ingene twiyemeza gutanga ijambo ku banywanyi
Intumbero y'Amategeko ngenderwako yacu ni ugutanga ikibanza abantu bashobora kuvugiramwo no gushikirizamwo ico bagona. Meta yipfuza ko abantu bashobora kuvuga bisanzuye ku bibazo bibaraje ishinga, haba mu buryo bwanditse, mu mafoto, mu muziki, canke babicishije mu bundi buhinga bw'utugenegene, naho rimwe na rimwe bamwe bovyanka canke bobibona nk'ibitabereye. Rimwe na rimwe, turemera amakuru—yarasanzwe yofatwa nk'ayahonyanga amategeko yacu —iyo ari amakuru akwiye kumenywa kandi mu nyungu rusangi. Ibi tubikora inyuma yo gupima agaciro k'inyungu rusangi ugereranije n'impungenge z'ubugizi bwa nabi bushobora kuba, kandi turaraba amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu mu gufata izo ngingo. Ikindi gihe, turashobora gukurako amakuru igihe tubonye ko akoresha imvugo iteye amakenga canke ifobetse igihe tubiciye irya n'ino tubona ko bihonyanga amategeko ngenderwako yacu.
Agaciro duha uguserura ikiri ku mutima ni kanini cane, ariko turazi neza ko ubuhinga ngurukanabumenyi butuma ikubagura rigwira. Kubw'izo mpamvu, igihe tugabanije uburenganzira bwo kugira ico ushikirije, tuba tubikoze kugira twubahirize akarangamutima canke uburangamutima bukurikira:
UBUZIRANENGE
Twipfuza kuraba neza ko amakuru abantu babona ari iy'ukuri. Twiyumvira ko kuba amakuru ari ay'ukuri bitera icuka ciza mu bantu bigatuma bahanahana amakuru, ni nayo mpamvu tudashaka ko abakoresha seruvisi zacu babesha ku vyerekeye abo ari bo canke ku vyo bakora.
ITEKANE
Twitayeho cane gutuma Facebook, Instagram, Messenger na Threads biba ibibanza birimwo ituze. Turakurako amakuru ashobora kugira uruhara mu kubangamira umutekano w'abantu mu buryo bw'umubiri. Amajambo atera ubwoba abandi ashobora kubahagarika umutima, kubakumira canke kubabuza kugira ico bashikirije kandi ayo nta kibanza afise kuri izi seruvisi.
UBUZIGAMABANGA
Twariyemeje gukingira ubuzigamabanga n'amakuru adondora umuntu. Ubuzimabanga butuma abantu bagira umwidegemvyo wo kuba ico basanzwe bari, bashobora guhitamwo ubuhe buryo canke ryari bashobora gusangiza abandi ikintu kuri seruvisi zacu no kwunga ubucuti n'abandi vyoroshe.
ITEKA
Twizera yuko abantu bose bangana mu gateka no mu burenganzira. Twiteze rero ko abantu bubaha agateka ka bagenzi babo kandi ntibahohotere canke ngo basuzugure abandi.
Amategeko Ngenderwako
Amategeko ngenderwako yacu araba abantu bose, kw'isi yose, n'amakuru y'ubwoko bwose, harimwo n'amakuru azanwa n'ubuhinga bw'ubwengemuntu.
Agace kose k'Amategeko Ngenderwako gatangurwa n' "Insiguro y'Ibwirizwa" igaragaza neza intumbero z'ibwirizwa hagakurikira ibice vy'ibwirizwa vyerekana:
Amakuru atemewe; hamwe n'
Amakuru asaba kwongerwamwo ayandi canke kwerekana uko ibintu vyifashe kugira ishirwa mu ngiro ribe, amakuru yemererwa abanje gushirwako ikimenyetso c'imburi canke amakuru yemewe ariko ashobora kubonwa n'abantu bakwije imyaka 18 y'amavuko canke irenga gusa.