Gufasha Imiyabaga Kubona Amakuru Ahuye n'Imyaka Yayo
VYASHIZWE KU GIHE 4 RUSAMA 2026
Dushaka ko imiyabaga ikoresha Facebook na Instagram mw'ituze kandi mu buryo bwiza, harimwo kuyifasha kuraba ivyo ikenera kurusha ibindi tutibagiye kuyereka amakuru ahuye n'imyaka yayo. Dukora ibishoboka kugira ngo dukinge ko imiyabaga ibona amakuru atabereye mu buryo butatu nyamukuru: gukurako amakuru yose igihe ahonyanga amategeko yacu, kunyegeza imiyabaga ngo ntibone amakuru agenewe abakuze canke ahungabanya, hamwe no gukoresha amategeko akomeye cane mu vyerekeye ivyo turanga.
Turabandanya guteza imbere uburyo dukora kugira turabe neza ko imiyabaga ikoresha imbuga zacu mu buryo butoshobora kuyiteza ingorane n'imwe kandi ko ibona ibihuye n'imyaka ifise, no gushiramwo ubushakashatsi bwa mbere bubereye n'impanuro zo ku rwego rwo hejuru kugira dufashe abavyeyi kwumva baremye mu mitima. Twipfuje kandi kwisunga uko bishoboka kwose amategeko yigenga asanzwe amenyerewe n’imiryango, ni co gituma twihwejwe amabwirizwa yacu yerekeye amakuru ahuye n'imyaka - ni yo adufasha gutora amakuru duhisha imiyabaga canke twirinda kuyirangira - tukayagereranya n'urugero amareresi agenewe abafise imyaka 13 n'iyirenga aba ariko hamwe n'uko abavyeyi baba babibona. Ibi bisigura ko intumbero yacu ari yuko imiyabaga ibona amakuru kuri Instagram na Facebook asa n'ayo yobona mw'ireresi ihuye n'imyaka yayo, mu bisanzwe.
Nk’uko umuntu ashobora kubona amakuru amukaburira gukora ubusambanyi canke kwumva amajambo aremereye mw'ireresi iri ku rugero rw'imyaka 13 n'iyirenga, imiyabaga irashobora rimwe na rimwe kubona ibintu bisa n’ivyo kuri Instagram canke/no kuri Facebook - ariko tuzobandanya dukora ibishoboka vyose kugira ngo ibintu nk'ivyo biboneke gake cane gashoboka. Turemera ko ata buhinga bubaho butagira agahaze, kandi twiyemeje kubandanya dutera imbere uko bukeye uko bwije.
Hari itandukaniro rinini hagati y’imbuga hwaniro n’amareresi. Ntitwakoranye na MPA igihe twariko turashira ku gihe igenamero ryacu rigenga amakuru, kandi nta makuru baha amanota kuri Instagram canke/no kuri Facebook, kandi ntibashigikira canke ngo bemeze igenamero ryacu rigenga amakuru mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ahubwo twakuye ivyiyumviro mu ngingo ngenderwako zigenewe bose za MPA, zisanzwe zizwi n'abavyeyi, hamwe n'ivyo abavyeyi babivugako. Ubuhinga bwacu bwo gutunganya amakuru ntibufitaniye isano n'igisata co gutondeka amareresi ku ngero zitandukanye, ni co gituma ikoreshwa ry'ubwo buhinga rishobora kuba ritandukanye.
Ibice Bitandukanye vyo Gukingira
Ku bantu bose: Dukurako amakuru ahonyanga Amategeko Ngenderwako yacu. Dufise kandi urugero rwo hejuru rwerekeye ubwoko bw'amakuru turangira abantu.
❌ Amakuru Dukurako Amategeko Ngenderwako yacu arerekana ubwoko bw'amakuru tutemerera kuri Facebook na Instagram. Turakurako aya makuru yose kuri buri muntu wese - harimwo imiyabaga - igihe cose tumenyeye ko ariko. Igiye dukuyeko amakuru ahonyanga aya mategeko, turashobora kandi guhana konte yayasangije, tukongera tugahagarika amakonte arenga amategeko yacu mu buryo bwisubiriza canke bukomeye cane . Aya mategeko afise intumbero yo gukingira umuntu wese mu muryango w'abanywanyi bacu, harimwo n'imiyabaga.
Ubwoko bw'amakuru dukurako ataco dusigaje burimwo:
Ikubagura n'Ugukoresha ku nyungu zawe
Ntitwemera amakuru ashobora gukubagura canke gukoresha abantu ku nyungu za kanaka, nk'ivyashizwe ku rubuga bishigikira imibonano mpuzabitsina itumvikanyweko, canke gusangiza canke gusaba amasanamu yerekana ihohoterwa ry'abana. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga arimwo uwusaba gusambana n'imaraya canke arimwo uwusaba uwundi muntu ngo amurungikire amasanamu arimwo abantu bariko barasambana.
❌ Ifoto y'umuntu ari mu mibonano mpuzabitsina, yasangijwe ata ruhusha rwatanzwe.
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga arimwo uwusaba ibirimwo guhohotera abana gushingiye ku gitsina canke amasanamu y'abana bari gusa.Kwiyahura, Kwikomeretsa, no Gufungura mu Buryo Butabereye
Ntitwemera amakuru atera intege, ashima canke ashigikira ukwiyahura, ukwikomeretsa canke gufungura mu buryo butabereye, mu gihe abandanya aha ikibanza abantu kugira bavuge ivyerekeye ivyo babayemwo no kurondera ubufasha. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga avuga mu buryo bwiza ivyerekeye ukwiyahura, ukwikomeretsa, canke ugufungura mu buryo butabereye.
❌ Inkuru yerekana ishusho yo kwikomeretsa mu buryo buteye ubwoba.
❌ Iciyumviro catanzwe n'umuntu kirimwo gutwenga abafise ingorane z'ugufungura mu buryo butabereye.
Inyifato y'Urwanko, Ugutoteza n'Uguhohotera
Ntitwemerera amakuru ashobora gusasira indaro ugutera ubwoba abandi canke ugukumira, harimwo ugutoteza n'uguhohotera. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga arimwo amajambo yambura ubumuntu abantu afatiye ku rukoba rwabo, idini ryabo, ubwoko bwabo, igitsina cabo canke uburyo batahura uko igitsina cabo giteye.
❌ IAmakuru yashizwe ku rubuga atwenga abahuye n'ikubagurwa rifatiye ku gitsina.
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga atera ubwoba bwo gushira ahabona amakuru aranga umuntu ku giti ciwe (nka nomero y'Urupapuro rw'inzira) canke ahamagarira uguhohotera umuntu.
Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe akarimbi
Ntitwemera kugura, kudandaza, canke gukora urudandazwa rw'ibidandazwa n'Amaseruvise bimwe bimwe ku mbuga-hwaniro zacu. Ntitwemerera kandi abantu kumenyekanisha ibidandazwa vy'ubwoko kanaka no gutanga uburyo bikoreshwa. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Inkuru ivuga ko kanaka yogura, yodandaza canke yogurisha ubwoko butandukanye bw'ibiyayuramutwe.
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga avuga k'ugushaka kugura, kudandaza canke kugurisha itabi, nikotine canke inzoga
❌ Iciyumviro cashikirijwe ku rubuga kivuga ko hari uwushaka gutanga ibihimba vy’inkoho vyakozwe mu buryo bwa 3D.Turareka ku bintu bimwebimwe amashirahamwe y'ubudandaji yemewe n'amategeko avuga ko agomba kudandaza ubwoko bumwebumwe bw'ibidandazwa vyashingiwe akarimbi.
Amashusho Ateye Ubwoba
Ntitwemera amashusho ateye ubwoba cane, canke amakuru ashobora kubangamira umutekano w'umuntu, nko gutera abantu ubwoba ko wobagirira nabi. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Amakuru yashizwe ku rubuga atera ubwoba abantu bwo kwicwa canke kunyuruzwa, canke ahimiriza abantu gukora ubugizi bwa nabi.
❌ Ireresi yerekana umuntu ariko araborezwa igufa canke ariko araturirwa cane.
Ntidukurako amasanamu amwe amwe ateye ubwoba akoreshwa mu buvuzi canke asangizwa mu ntumbero yo kujijura abantu. Aho tudakurako amakuru ateye ubwoba, turayashirako ubutumwa bugabisha kugira tumenyeshe abantu ko ari amakuru ashobora guhungabanya imbere y'uko bayafyondako.
Ubwambure, Ubusambanyi, n'Imvugo y'Ibishegu
Turashiraho akarimbi k'ukwerekana amasanamu arimwo ubwambure canke ubusambanyi hamwe n'imvugo y'ibishegu. Nk'akarorero, twokurako:
❌ Isanamu canke ireresi birimwo ubwambure canke igikorwa kigaragara co guhuza ibitsina, harimwo n'ayahinguwe n'ubuhinga bwa AI.
❌ Inkuru yerekana mu buryo bugaragara canke butomoye ibijanye n'imibonano mpuzabitsina (kiretse ari inkuru yo gutwenza abantu canke guhemana).
Turatahura ko amakuru arimwo abambaye ubusa ashobora gusangizwa abandi ku mvo zitandukanye, harimwo kuyasangiza abandi nk'uburyo bwo gukora imyiyerekano, gukangurira abantu guharanira ikintu kanaka, canke mu nyigisho canke mu buvuzi. Igihe bibereye kandi izo mvo zigaragaye neza, turaheza tukemera ko aya makuru aja ahabona.
Ukeneye kumenya ido n'ido ry'amakuru dukurako, raba Amategeko Ngenderwako yacu.
🛡️ Amakuru Twirinda Kuranga Turaranga mu bibanza nk'Utureresi kuri Instagram canke Ahari Ivyo Ukunda kuri Instagram canke Urukurikirane kuri Facebook mu ntumbero yo gufasha abantu kumenya amakuru mashasha bashobora gukunda. Turafise amabwirizwa yerekeye ubwoko bw'amakuru ashobora kurangirwa abantu, kandi turirinda kuranga amakuru yoshobora kuba ari ayo ku rwego rwo hasi, mabi, canke ahungabanya mu buryo budasanzwe—no mu gihe ayo makuru yoba asanzwe atari mabi cane ku buryo yokurwako. Ibi tubikora kubera twiyumvira ko hakwiye kubaho amategeko ngenderwako akomeye kurusha, iyo turiko twereka abantu amakuru ava ku makonte batahisemwo gukurikirana.
⚠️ Ayandi Makuru Tunyegeza Imiyabaga
Imiyabaga: Turatanga ugukingirwa kurushirije ku miyabaga iri musi y'imyaka 18. Turanyegeza amakuru menshi kuruta ayo dukurako ku bantu bose, kandi turirinda kurangira imiyabaga amakuru agenewe kurangirwa abantu bakuze. Intumbero yacu ni ugufasha imiyabaga kubona amakuru kuri Instagram no kuri Facebook asa n'ayo yobona mw'ireresi ihuye n'imyaka, mu bihe bisanzwe. Imiyabaga ishobora gushikira igenamero rya gatatu, ritanga uburyo bwisanzuye kuruta gusa- ryitwa Amakuru Menshi - babiherewe uruhusha n’umuvyeyi. Kuri Instagram, imiyabaga canke abavyeyi babo barashobora guhitamwo igenamero rigabanya uburenganzira kurusha ryitwa Amakuru Make, gutyo imiyabaga igashobora gushikira igenamero rya gatatu gusa, ritanga uburyo bwisanzuye kuruta - ryitwa Amakuru Menshi - babiherewe uruhusha n’umuvyeyi.
13+ (uko bisanzwe): Igenamero ry'amakuru rishingiye ku rugero rwa 13+ rwashizweho hisunzwe urugero amareresi agenewe abafise imyaka 13 n'iyirenga aba ariko hamwe n'ivyiyumviro biva ku bavyeyi, kandi riba risanzwe ryuguruye ku miyabaga. Twarakoranye n'abahinga b'ibiraba urwaruka bava mu mihingo itandukanye y'isi kugira dutahure neza kurusha ubwoko bw'amakuru bwoba bubereye abakuze, ariko burengeye imiyabaga iri musi y'imyaka 18, hanyuma turihweza aya mabwirizwa ahuye n'imyaka tuyagereranya n'urugero amareresi agenewe abafise imyaka 13 n'iyirenga aba ariko. Muri iri genamero, tuzonyegeza imiyabaga ayandi makuru yiyongera ku yo dusanzwe tutereka abantu bose. Ibi bisigura ko naho abakuze bogumana uruhusha rwo gushikira aya makuru, imiyabaga ntiyoshobora kuyabona canke kugira ico iyakozeko naho yoba yasangijwe na konte ikurikirana mu Rukurikirane rwayo canke mu Nkuru zayo. Tuzokinga kandi ko imiyabaga imenya, ikurikirana kandi igira ico ikoranye n'amakonte asanzwe asangiza amakuru adahuye n'imyaka yabo.
Fyonda ngaha kugira urabe bumwe mu bwoko bw'amakuru tunyegeza imiyabaga muri iri genamero risanzweho.
Kwiyahura, Kwikomeretsa, n'Ugufungura mu Buryo Butabereye
Turanyegeza ibintu bimwe bimwe bijanye no kwiyahura no kwigirira nabi kugira ngo dukingire imiyabaga ibintu bishobora kuyitera umubabaro canke bishobora kubahungabanya. Nk'akarorero, tuzoshingira akarimbi dufatiye ku myaka:
⚠️ Amakuru yashizwe ku rubuga arimwo umuntu avuga ivyo yaciyemwo igihe yashaka kwiyahura, kwikomeretsa canke gufungura mu buryo butabereye, kiretse mu gihe ari mu rugendo rwo gukira.
⚠️ Ifoto canke ireresi yerekana abantu bari mu bitaro bafashe ingingo yo gufata imiti ibica canke kwiyahura babifashijwemwo n'umuganga.
⚠️ Inkuru aho umuntu avuga k'ukuntu yagize inyifato irenze urugero yo kugabanya ibiro.
Ibidandazwa n'Amaseruvisi Vyashingiwe Akarimbi
Turanyegeza imiyabaga amakuru ashobora gutuma ija mu bikorwa bishobora guteza ingorane. Nk'akarorero, tuzoshingira akarimbi dufatiye ku myaka:
⚠️ Amakuru yashizwe ku rubuga arimwo kudandaza itabi, ibidandazwa vya nikotine, inzoga canke ibirwanisho bicira umuriro igihe asangijwe n'ishirahamwe ry'ubudandaji ryemewe n'amategeko.
⚠️ Inkuru itera intege abantu gufata ibiyayuramutwe (bizwi kandi nk'ibihindura uko umuntu yiyumvira bita antewojene) canke ibiva mu rumogi bita kanabisi.
⚠️ Amasanamu arimwo uburyo bwo gutegura inzoga ziborera.
⚠️ Ivyashizwe ku rubuga bigurisha ibidandazwa canke amaseruvisi vyo kugabanura ibiro.
Amashusho Ateye Ubwoba kandi Arimwo Ububisha
Turanyegeza imiyabaga amashusho ahungabanya cane, n'ubwo twoshobora kwemerera abakuze kuyaraba twabanje gushiraho ubutumwa bubagabisha. Nk'akarorero, tuzoshingira akarimbi dufatiye ku myaka:
⚠️ Ifoto y'umuntu yahiye cane, twogeretseko ubutumwa bugabisha ku bakuze.
⚠️ Ifoto canke ireresi birimwo kurasa, ubukazi, canke impanuka y'imodoka yatumye abantu bapfa.
Ubwambure, Ubusambanyi, n'Imvugo y'Ibishegu
Turanyegeza ko imiyabaga ibona ayandi amakuru atarimwo amasanamu yerekana ubwambure bugaragara canke ubusambanyi ariko yoshobora gufatwa nk'ayakaburira gukora ubusambanyi. Nk'akarorero, tuzoshinga akarimbi dufatiye ku myaka:
⚠️ Ivyashizwe ku rubuga vyerekana umuntu asa n'uwuri gusa, nk'ubwambure buhishijwe n'akarenzwahejuru ko ku buhinga bwa none.
⚠️ Ifoto igagamisha ibisusu vy'umuntu.
⚠️ Inkuru irimwo imvugo ikakaburira gukora ubusambanyi isigura ivyerekeye imibonano mpuzabitsina, harimwo n’ikoreshwa ry’amajambo y'ibishegu ahinyitse.
Ukeneye kumenya ido n'ido ry'amakuru dukurako, raba Amategeko Ngenderwako yacu.
Tuzokwirinda kandi kuranga ubundi bwoko bw'amakuru, n'aho bwoba buhuye n'urugero amareresi agenewe abafise imyaka 13 n'iyirenga ashirwako hamwe n'ico abavyeyi babivugako. Amakuru menshi twirinda kurangira abakuze asanzwe yose anyegejwe imiyabaga, ariko turatera iyindi ntambwe ku miyabaga maze tukirinda kuyirangira ubundi bwoko bw'amakuru - nk'amafoto canke amareresi ashobora kubonwa nk'ayarimwo ubusambanyi mu buryo bufobetse, arimwo indahiro zikomeye, canke ibikorwa vyo kwizunguriza mu kirere bishobora guteza ingorane nko gusimba umuntu ava hejuru cane.
Amakuru Agabanije Kuri Instagram, abavyeyi bipfuza uburyo burushirije bwo kugenzura, twarashizeho igenamero rishasha, ryugaye kuruta, ryitwa Amakuru Agabanije. Igihe igenamero ry'Amakuru Agabanije ryuguruye, tuzokoresha mu buryo bwimbitse kuruta utuyunguruzo twacu tw'amakuru kugira turushirize guhisha amakuru kw'Ikonte y’Umuyabaga. Tuzogabanya kandi ivyavuye mu Kurondera, hanyuma duhagarike ubushobozi bw'imiyabaga bwo kubona, gutanga canke kwakira ivyiyumviro ku vyashizwe ku rubuga.
Ayandi Makuru: Imiyabaga ishobora gusa guhindura igahitamwo igenamero ‘Ayandi Makuru’ ari uko babiherewe uruhusha n'umuvyeyi, kandi ubwo burenganzira bushobora gutangwa n’abavyeyi biciye mw'icungera ry'abavyeyi gusa. Muri iri genamero, imiyabaga izobandanya gukingirwa mu buryo bwikoresha buyihisha amakuru menshi kuruta uko tubikora ku bantu bakuze, kandi tuzobandanya dukurako amakuru yose iyo ahonyanga Amategeko Ngenderwako yacu. Ariko kandi, imiyabaga irashobora kurangirwa amakuru amwe amwe itosanga mw'igenamero rishingiye ku rugero rwa 13+ canke ku Makuru Agenewe Abantu bo mu Mice y'Imyaka Yose, kandi ntituzohisha amakonte yose asangiza amakuru adahuye n'imyaka yabo. Igenamero Ayandi Makuru ntirizoshiraho uburumbi buhanitse kurusha ku makuru y'Ikibiriraho, ku Vyiyumviro, no mu Kurondera, buri mw'igenamero rishingiye ku rugero rwa 13+ n'Amakuru Ashingiwe Akarimbi.
Kwitandukanya: Hari itandukaniro rinini hagati y’imbuga hwaniro n’amareresi. Ntitwakoranye na MPA igihe twariko turashira ku gihe igenamero ryacu rigenga amakuru, kandi nta makuru baha amanota kuri Instagram no kuri Facebook, kandi ntibashigikira canke ngo bemeze igenamero ryacu rigenga amakuru mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ahubwo twakuye ivyiyumviro mu ngingo ngenderwako zigenewe bose za MPA, zisanzwe zizwi n'abavyeyi, hamwe n'ivyo abavyeyi babivugako. Ubuhinga bwacu bwo gutunganya amakuru ntibufitaniye isano n'igisata co gutanga amanota ku mareresi, kubw'ivyo ikoreshwa ry'ubuhinga bwacu rishobora kuba ritandukanye.
Uburyo bwo Kudoma Urutoke ku Makuru Ahonyanga Amategeko
Dukora tutiziganya kugira tubone amakuru ahonyanga amategeko yacu, kandi turatora amakuru menshi akwiye gukwako dukoresheje ubuhinga bwacu, imbere yuko adomwako urutoke. Iyo ubonye ikintu tutabonye, dufashe kugira imbuga-hwaniro zacu zibe ikibanza gitekanye mu kukidomako kuri Facebook canke Instagram. Ibirego vyose ntibigaragaza amazina y'ababitanze.
Ayandi Masoko y'Amakuru
Amategeko Ngenderwako yacu arimwo ido n'ido ku bwoko bw'amakuru dukurako n'imyaka itemerewe kuraba amakuru kanaka hisunzwe buri gice c'itegeko. Mu kugira uyasome, fyonda aha.
Twarateguye kandi ubuhinga bushobora kubona hakiri kare abantu bakuze bateye amakenga, nk’umuntu akuze yazibiwe kenshi canke yadomweko urutoke kenshi n’imiyabaga, canke umuntu akuze aguma arondera amakuru ahoyanga amategeko. Ntituzorangira imiyabaga abakuze bikekwa, kandi ntituzorangira abakuze bikekwa imiyabaga. Urashobora gusoma vyinshi vyerekeye ibi ngaha.
Urashobora gusoma vyinshi vyerekeye ukungene dukora ibishoboka vyose kugira imbuga zacu zibe ikibanza atangorane coteza abanywanyi muGisata c'Umutekano cacu, n'uburyo dufasha imiyabaga n'imiryango muGisata c'Imiryango cacu.